1 Ico gihe Uhoraho yarambariye ati: "Ibazire ibindi bisate bibiri vy’amabuye bimeze nka bimwe vya mbere, ubaze n’isandugu mu mbaho yo kubibikamwo, uheze uduge ku musozi aho ndi. 2 Nzokwandikira kuri ivyo bisate amajambo yari kuri bimwe wamena, uheze ubibike muri iyo sandugu."
3 Nuko nca mbaza isandugu mu giti c’ikasiya, mbaza n’ibisate vy’amabuye bibiri bimeze nka bimwe vya mbere, nca nduga ku musozi ntwaye vya bisate bibiri mu minwe. 4 Uhoraho yandika kuri ivyo bisate ivyo yari yanditse ku vya mbere, ari yo mabwirizwa icumi yari yababwiriye ku musozi ari mu muriro, umusi mwari mwakoranye. Ahejeje, arabimpa. 5 Ni ho nagaruka mvuye kuri uwo musozi, ngashira vya bisate muri ya sandugu nari nabaje nk’uko Uhoraho yari yabintegetse, kandi n’ubu ni yo biri.
6 Maze Abisirayeli bafata urugendo rwo kuva ku mariba y’ahantu hitwa Bene Yakani, baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye, bamuhambaho, umuhungu wiwe Eliyazeri aramusubirira nk’umuherezi mukuru. 7 Bavuye aho bagiye i Gudigoda bashika n’i Yotubata, igihugu kirimwo inzuzi nyinshi. 8 Ico gihe Uhoraho yatoranije umuryango wa Lewi ngo abe ari wo urerura Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, bagahagarara imbere y’Uhoraho, bagakora igikorwa c’ubuherezi, bakongera bagahezagira abantu mw’izina ryiwe, nk’uko babikora n’ubu. 9 Ni co gituma Abalewi ata co batoranye muri benewabo, kuko Uhoraho ari we mugabane wabo, nk’uko Uhoraho Imana yanyu yabibabwiye.
10 Jewe rero nagumye imbere y’Uhoraho imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, nk’uko nari nabigenjeje ubwa mbere, ico gihe na ho nyene Uhoraho aranyumvira, yemera kutabarandura. 11 Uhoraho arambarira ati: "Genda urongore abantu bafate urugendo, binjire igihugu nasezeraniye ba sogokuruza ko nzokibaha, kibe icabo."
12 None rero Bisirayeli, mbega ico Uhoraho Imana yanyu abagombako si ukumwubaha no kugendera mu nzira ziwe zose, mukamukunda, mukamukorera n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose, 13 no gukurikiza amabwirizwa n’amategeko y’Uhoraho ndabahaye uwu musi, ku bw’ineza yanyu?
14 Ijuru ndetse n’amajuru yo hejuru cane hamwe n’isi n’ibiri muri yo vyose ni ivy’Uhoraho Imana yanyu. 15 Ariko Uhoraho yerekanye umutima w’urukundo kuri ba sogokuruza banyu, arabakunda, hanyuma atoranya mwebwe uruvyaro rwabo, abarutisha ayandi mahanga yose nk’uko biri uno musi. 16 Nuko rero nimukebwe mu mitima yanyu, muve mu bugarariji. 17 Kuko Uhoraho Imana yanyu ari Imana isumba ivyitwa imana vyose, akaba Umwami w’abami, Imana ihambaye, ikomeye kandi y’igitangaza, idahengamira kuri nkunzi kandi idahabwa igiturire. 18 Iburanira impfuvyi n’abapfakazi, ikunda abanyamahanga baba hagati muri mwebwe, ikabagaburira, ikabambika. 19 None rero namwe mukunde abanyamahanga bari muri mwebwe, kuko namwe mwigeze kuba abanyamahanga muri Egiputa. 20 Mutinye Uhoraho Imana yanyu, bifatanije no kumwubaha, kandi mumukorere. Mwifatanye na we, indahiro yanyu ibe izina ryiwe. 21 Ni yo Mana yanyu, ni yo yonyene ikwiye gushimwa, iyakoze ibitangaza biteye ubwoba nk’ivyo mwiboneye n’amaso yanyu. 22 Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa bari mirongo indwi bose hamwe, ariko raba ubu Uhoraho Imana yanyu yarabagwijije mungana n’inyeyeri zo kw’ijuru.