Publicidade

Deuteronômio 8

Ntimuze mwibagire Uhoraho

1 Mube maso kugira ngo mukurikize ibi vyagezwe ndabahaye uwu musi, ni ho muzobaho, mukagwira, mukinjira, mukegukira igihugu Uhoraho yasezeraniye ba sogokuruza. 2 Mwibuke ingene Uhoraho Imana yanyu yabarongoye mu bugaragwa muri iyi myaka mirongo ine yose, kugira ngo ibacishe bugufi yongere ibagerageze, imenye ibiri mu mitima yanyu, irabe ko muzokurikiza amabwirizwa yayo. 3 Yabacishije bugufi mu kubareka ngo musonze, hanyuma ibagaburira manu, iyo mutari bwigere mumenya, yaba mwebwe canke ba sogokuruza banyu, kugira ngo ibigishe ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko ko ashobora gutungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Uhoraho. 4 Impuzu zanyu ntizigeze zishira, kandi n’ibirenge vyanyu ntivyigeze bivyimba muri iyo myaka mirongo ine yose. 5 None rero mutahure mu mitima yanyu ko Uhoraho Imana yanyu yariko arabatoza indero nka kurya umuvyeyi atoza indero umwana wiwe.

6 Mukurikize amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mumutinye bifatanije no kumwubaha. 7 Kuko Uhoraho Imana yanyu abajanye mu gihugu ciza cane, igihugu kirimwo imigende y’amazi n’amariba, n’inzuzi zitemba mu biyaya no mu misozi, 8 igihugu kirimwo ingano, imizabibu n’imisukoni, amakomamanga, amavuta ya elayo n’ubuki; 9 igihugu kitigera kibura ivyokurya, ata na kimwe kibuzeyo. Igihugu usanga amabuye yaco ari ubutare n’imitumba mushobora kwimbamwo ubundi butare bw’umujumbu.

10 Nimwamara kurya mugahaga, muzoshime Uhoraho Imana yanyu yabahaye igihugu ciza nk’ico. 11 Muze mwirinde ntimuze mwibagire Uhoraho Imana yanyu, ngo munanirwe no gukurikiza amabwirizwa, ivyagezwe n’amategeko vyiwe, ivyo ndabaha uwu musi. 12 Ahandi ho nimwarya mugahaga, mukubaka amazu mezameza yo kubamwo mu bisagara, 13 ibitungwa vyanyu bikagwira, inzahabu n’ifeza mufise bikiyongera, 14 imitima yanyu izokwishira hejuru, mwibagire Uhoraho Imana yanyu, yabakuye muri Egiputa, mu gihugu c’ubuja. 15 Yabarongoye mu bugaragwa buteye ubwoba kandi bwica, igihugu c’inyota kitagiramwo amazi, kirimwo inzoka z’ubumara na sikoropiyo. Yabakuriye amazi mu gitandara. 16 Yabahaye manu mu bugaragwa, ikintu ba sogokuruza banyu batigeze bamenya, kugira ngo ibacishe bugufi yongere ibagerageze ku bw’ineza yanyu. 17 Ivyo vyose yabikoze kugira ngo ntihaze hagire uwibwira mu mutima ati: "Ubu butunzi bwose naburonse kubera inkomezi n’ibikorwa vyanje." 18 Ariko Muzokwame mwibuka Uhoraho Imana yanyu kuko ari yo ibashoboza kuronka ubutunzi, kugira ngo ishitse isezerano yaseraniye ba sogokuruza ririko n’indahiro, nk’uko biri uno musi.

19 Ariko ndababwije ukuri ko nimwava k’Uhoraho mugakurikira izindi mana, mukazisenga, mukazunamira, muzorandurwa. 20 Nk’uko Uhoraho yaranduye ayandi mahanga imbere yanyu, ni ko namwe muzorandurwa nimutumvira Uhoraho Imana yanyu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-