Publicidade

Deuteronômio 24

1 Umugabo niyabira umugore hanyuma agahitamwo kuvana na we kuko yasanze hari ikintu kitari ciza gituma batoshishikara kubana, azomwandikire urwandiko rwemeza ko bavanye, arumuhe hanyuma aheze amwirukane. 2 Niyamara kugenda, azoba afise uburenganzira bwo kwubakana n’uwundi mugabo. 3 Ariko uwo wa kabiri na we nyene niyamwanka, akamuha urwandiko rwemeza ko bahukanye, canke uwo mugabo agapfa, 4 wa mugabo wa mbere ntazoba yemerewe gusubira kubana n’uwo mugore kuko azoba yarahumanijwe. Ivyo bizoba ari ikizira k’Uhoraho. Ntimuze mukwegere ivyaha mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi.

5 Umugabo aherutse kurongora ntazorungikwe ku rugamba, canke ngo azezwe ibindi bikorwa. Aze ahabwe akaruhuko amare umwaka wose abana n’umugore wiwe yarongoye kugira ngo amunezereze.

6 Ntihaze hagire uwutwara urusyo, eka naho yoba ingasiro yonyene, kw’ingwati, kuko ni nk’aho yoba atwaye ubuzima bwa nyenevyo.

7 Nihagira uwufatwa yanyuruje mwenewabo w’Umwisirayeli, akamugira umugurano wiwe canke akamugurisha, uwo muntu azokwicwe. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe.

8 Niwagwara ingwara zihumanya zifatira ku rukoba, uze wiyubare kugira ngo ukore uko abaherezi ari bo Balewi bazokubwira. Muze mukurikize neza ivyo nabategetse. 9 Mwibuke ivyo Uhoraho Imana yanyu yagiriye Miriyamu muri mu rugendo muva muri Egiputa.

10 Nimwaha ingurane umubanyi, ntimuze mwinjire mu nzu y’uwo mwaguranye gutora ico yatanze nk’ingwati. 11 Muze mugume hanze mureke uwo mubanyi yinjire wenyene, abe ari we ayibazanira hanze. 12 Nimba uwo mubanyi ari umukene, akaguha umutamana wiwe nk’ingwati ntuzoryame utarawumusubiza. 13 Uzomusubize umutamana wiwe izuba ritararenga, kuko ashobora kuba ata wundi afise yipfuka. Azobigushimira kandi uzobiharurwako nk’ukugororoka mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu.

14 Ntimuze muhahaze umukozi ngo ni uko ari umworo kandi akenye, yaba mwenewanyu w’Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri kimwe mu bisagara vyanyu. 15 Muzomuhe impembo abereye izuba ritararenga kuko ari umukene, kandi akaba ari yo imubeshejeho. Bitabaye uko, azoririra Uhoraho abarega, na we abibaharureko nk’icaha.

16 Ntihaze hagire umuvyeyi yicwa azira abana biwe, canke abana ngo bicwe bazira abavyeyi babo, umwe wese azozire ivyaha vyiwe.

17 Muze mucire izibereye abanyamahanga hamwe n’impfuvyi baba muri mwebwe, kandi ntimuze mutware umutamana w’umupfakazi kw’ingwati. 18 Mwibuke ko mwabaye abagurano muri Egiputa, Uhoraho Imana yanyu akabarokora. Ni co gituma ndabategeka ivyo.

19 Igihe muzoba muriko murimbura ingano mu mirima yanyu, hanyuma hakagira umukama murengana, ntimuze musubire inyuma kuwutora, muze muzirekere ba kavantara, impfuvyi n’abapfakazi, kugira ngo Uhoraho Imana yanyu azohezagire ibikorwa vy’intoke zanyu. 20 Nimwaja kwamura imyelayo, ntimuzokubite ishami kabiri. Muzokubite rimwe, iyisigayeko muzoyirekere abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi. 21 Nimwimbura inzabibu, ntimuze musubireyo. Izisigaye mu mirima muze muzirekere abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi. 22 Mwibuke ko mwabaye abagurano muri Egiputa. Ni co gituma ndabategetse ivyo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-