1 Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mukurikize ivyo ababwiye, amategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe vyiwe. 2 Uno musi, mwibuke ko atari abana banyu babonye kandi baronse indero y’Uhoraho Imana yanyu ikoresheje icubahiro cayo, ukuboko kwayo kw’ubushobozi kandi kuramvuye; 3 si bo babonye ibimenyetso n’ibitangaza yakoreye hagati muri Egiputa, kuri Farawo umwami no ku gihugu ciwe cose ca Egiputa; 4 ivyo Uhoraho yakoreye ingabo zose za Egiputa, amafarasi n’imikogote vyabo, ingene yabisutse mu Kiyaga Gitukura, igihe bariko barabakurikira, n’ingene yabagesheje ubutakivayo. 5 Si abana banyu babonye ivyo Uhoraho yabakoreye kuva igihe mwari mu bugaragwa kugeza mushitse muri iki kibanza, 6 si bo babonye ivyo yakoreye Datani na Abiramu, bene Eliyabu wo mu muryango wa Reyubeni, igihe isi yasama hagati mu Bisirayeli ikabamirana n’abo mu nzu zabo bose, amahema yabo n’ikintu cabo cose gihumeka. 7 Ariko, amaso yanyu ni yo yiboneye ivyo bitangaza vyose Uhoraho yakoze.
8 None rero mwirinde, kugira ngo muzokurikize amabwirizwa ndabahaye uwu musi, kugira ngo muronke inkomezi zo kujabuka Yorodani no kwinjira muri ico gihugu mukagifata, 9 kugira ngo muzoshobore kurambira muri ico gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha hamwe n’uruvyaro rwabo, igihugu gitemba amata n’ubuki. 10 Igihugu mugiye kwinjiramwo mukacegukira ntikimeze nka Egiputa mwahoramwo, aho mwaruha muvomera ibiterwa vyose nk’uwuvomera imboga. 11 Ariko igihugu mugiye kwinjiramwo mukacegukira ni igihugu c’imisozi n’ibiyaya kivomererwa n’imvura. 12 Ni igihugu Uhoraho Imana yanyu we nyene yitaho, inyonga ziwe zama kuri co kuva ku ntango y’umwaka gushika mu mpera yawo.
13 Rero nimwumvira mugakurikiza ivyo amabwirizwa ndabahaye uwu musi avuga, ni ukuvuga gukunda Uhoraho Imana yanyu no kumukorera n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose, 14 na we, azorungika imvura mu gihe cayo, iy’agatasi n’iy’impeshi, kugira ngo mushobore kwimbura ingano, imivinyu n’amavuta ya elayo. 15 Azotanga ubwatsi mu buragiro bw’ibitungwa vyanyu, kandi namwe muzoronka ivyo murya muhage.
16 Ariko rero mwirinde, mwoye guhendwa mu mitima yanyu ngo muve k’Uhoraho Imana yanyu, mukorere izindi mana mwongere muzisenge. 17 Nimwabikora, uburake bw’Imana buzoziriringa kuri mwebwe, hanyuma azokwugara ijuru ntiribe rigitanga imvura, kandi isi ntizoba ikimera ibiterwa. Namwe muzotikirira muri ico gihugu ciza cane Uhoraho abahaye. 18 Aya majambo yanje muyashire mu mitima yanyu no mu bwenge bwanyu, muyabohere ku maboko no mu ruhanga nk’ivyibutso. 19 Muzoyigishe abana banyu, muyaganireko iyo mwicaye i muhira n’iyo muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse. 20 Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu, 21 kugira ngo mwe n’abana banyu muzorambire muri ico gihugu, Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha, gushika igihe ijuru rizoba rikiri hejuru y’isi.
22 Nimwakurikiza neza amabwirizwa mbahaye uno musi, ari yo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira ziwe zose no kwifatanya na we, 23 Uhoraho na we azokwirukana ayo mahanga yose imbere yanyu, naho ari maninimanini cane, akomeye cane kubarusha, kandi muzoyigarurira. 24 Aho muzohonyoza ikirenge hose hazoba bahaye ahanyu. Imbibe zanyu zizova ku bugaragwa bw’i Libani, no ku ruzi Efurate zishike ku Kiyaga Mediterane co mu burengero. 25 Nta muntu n’umwe azoshobora kubahagarara imbere ngo abagwanye, kuko Uhoraho Imana yanyu azogwisha abantu igihumura kubera mwebwe, aho muzoja hose, nk’uko Uhoraho yabibasezeraniye.
26 Ehe raba uwu musi mbashize imbere imigisha n’imivumo, 27 imihezagiro mu gihe mwemeye kwumvira aya mabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, ayo ndabahaye uno musi, 28 imivumo nimwanka kwumvira aya mabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mukava mu nzira yabategetse kugenderamwo, mugasenga izindi mana mutari bwabone. 29 Uhoraho Imana yanyu niyabashikana muri ico gihugu mukagifata, muzokwaturire imigisha ku musozi Gerizimu, imivumo na yo muzoyivugire ku musozi Ebalu. 30 Iyo misozi yose iri hakurya ya Yorodani, mu ntara y’Abanyakanani, amaja mu burengero, hafi y’ibiti vya More, mu ntara y’Abanyakanani baba muri Araba hafi y’igisagara ca Gilugali. 31 Ehe mugira mujabuke Yorodani mufate igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye. 32 Nimwagishikamwo mukakibamwo, muzoshire imitima yanyu ku gukurikiza amategeko n’ivyagezwe ndabahaye uwu musi.