1 Abaherezi, ari bo Balewi, mbere umuryango wa Lewi wose, nta matongo canke iragi bazoronka muri Isirayeli. Bazobeshwaho n’amashikanwa y’ibifungurwa azokwama ashikanirwa Uhoraho ku gicaniro, uwo ni wo uzoba umugabane wabo. 2 Nta mugabane bazoronka muri benewabo. Uhoraho ni we mugabane wabo, nk’uko yabibasezeraniye.
3 Uwu ni wo mugabane abaherezi bazoronka ku bimazi vy’inka, impene n’intama abantu bazoshikana: igikanu, imisaya, n’izo mu nda. 4 Muzobahe ku vyeze vya mbere vy’ingano, imivinyu mishasha, n’amavuta ya Elayo hamwe n’ubwoya bwa mbere bw’intama, 5 kuko Uhoraho Imana yanyu yabatoranije hamwe n’uruvyaro rwabo rwose mu yindi miryango yose kugira ngo bakorere izina ryiwe ibihe vyose.
6 Nihagira Umulewi ava mu gisagara kimwe mu bisagara vyanyu ico ari co cose muri Isirayeli, akaja muri ca kibanza Uhoraho azoba yaratoranije, 7 azokore igikorwa c’ubuherezi mw’izina ry’Uhoraho Imana yiwe nk’abandi Balewi bazoba bakorera Imana aho. 8 Bazogabure banganye ivyo baronka ngaho, n’aho yoba asanzwe afise amafaranga yakuye mu vyo umuryango wiwe wagurishije.
9 Nimwashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, ntimuzokwigane imigenzo isesema y’amahanga y’aho. 10 Ntihaze hagire uwutanga umwana w’umuhungu canke w’umukobwa ngo aturirwe nk’ikimazi, umuntu aragura canke aroga, uwusobanura kazoza, agakora ivy’ubupfumu, 11 canke ahamagara ivyago, canke ahamagara imizimu, canke asiguza abapfuye. 12 Umuntu wese akora ivyo ni igisesema k’Uhoraho, kandi iyo migenzo y’ibizira ni yo nyene izotuma Uhoraho Imana yanyu yirukana ayo mahanga imbere yanyu. 13 Mutegerezwa kuba inyankamugayo imbere y’Uhoraho Imana yanyu.
14 Amahanga mugiye kwirukana, arumviriza abarozi n’abapfumu. Ariko mwebwe Uhoraho Imana yanyu ntabemerera kubikora. 15 Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe, mu Bisirayeli bagenzi banyu, Muzomwumvire, 16 kuko ico ari co mwasavye Uhoraho Imana yanyu igihe mwari mwakoraniye i Horebu. Mwavuze muti: "Ntidushaka gusubira kwumva ijwi ry’Uhoraho Imana yacu, canke ngo tubone ikibengebenge c’umuriro, kuko twopfa."
17 Uhoraho yambariye ati: "Ivyo bavuze ni vyiza. 18 Nzohagurutsa umuvugishwa muri mwebwe; nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azoshikiriza abantu ivyo nzomutegeka vyose. 19 Uwutazokwumviriza amajambo yanje uwo muvugishwa azovuga mw’izina ryanje, jewe ubwanje nzobimuharurako. 20 Ariko uwuzokwigira uwuvugishwa mw’izina ryanje akavuga ivyo ntamutumye, canke hakaza umuvugishwa avugishwa mw’izina ry’izindi mana, azokwicwe."
21 Mushobora kwibaza muti: "Mbega tuzomenya gute ko ubuvugishwa kanaka butavuye k’Uhoraho?" 22 Nihagira uwuvugishwa mw’izina ry’Uhoraho ariko ivyo yavugishijwe ntibishike canke ngo bibe ivy’ukuri, ubwo buvugishwa ntibuzoba bwavuye k’Uhoraho.