1 Umugabo yamenetse amagara canke yaciwe igitsina ntazoje mw’ikoraniro ry’Uhoraho.
2 Umuntu yavyawe mu buryo butemewe n’ijambo ry’Imana ntiyemerewe kuja mw’ikoraniro ry’Uhoraho hamwe n’abamukomokako bose, kugeza ku runganwe rugira icumi.
3 Nta muntu wo mu Bamoni canke Umunyamowabu, n’uruvyaro rwabo gushika ku runganwe rw’icumi yemerewe kuba mw’ikoraniro ry’Uhoraho. 4 Abo bantu ntibabakirije ivyokurya n’amazi igihe mwariko murava muri Egiputa, ariko basavye Balamu mwene Beyori w’i Petori muri Mezopotamiya, ari ho hitwa Aramu-Naharayimu, ngo abavume. 5 Ariko Uhoraho Imana yanyu ntiyumviye Balamu, umuvumo wiwe awuhindura umuhezagiro wanyu, kuko Uhoraho Imana yanyu abakunda. 6 Ntimuzorondere kugirirana amahoro na bo imisi yose yo kubaho kwanyu.
7 Abanyedomu n’Abanyegiputa ntimuzobafate nk’ikizira, kuko Abanyedomu ari incuti zanyu, kandi mukaba mwarabanye n’Abanyegiputa muri abanyamahanga. 8 Abo mu runganwe rugira gatatu rwabo bazokwinjire mw’ikoraniro ry’Uhoraho.
9 Igihe muzoba muriko muritegurira kuja ku rugamba kugira ngo mutere abansi banyu, muzokure igihumanye cose muri mwebwe. 10 Umugabo niyahumana biciye mu gusesa imbuto mw’ijoro asinziriye, azoje inyuma y’ikambi amareyo umusi wose. 11 Bugira buce aze yoge hanyuma izuba rirenze agaruke mw’ikambi.
12 Muzotegure inyuma y’ikambi ikibanza co kwitumamwo. 13 Mu bikoresho muzohora mugendana, muzokwibangikanye ikimito. Mugiye kwituma, muzokwimbe akanogo, hanyuma muhejeje mufurire uwo mwanda wanyu. 14 Kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda mu nsago zanyu kugira ngo abakingire yongere arekurire abansi banyu mu maboko yanyu, amakambi yanyu akwiye kuba yejejwe, kugira ngo ntazosangeho ikintu na kimwe giteye isoni, hanyuma akisubirira inyuma.
15 Umugurano niyaguhungirako avuye mu kindi gihugu kugira ngo umukingire, ntuze umutange kuri shebuja. 16 Muzobareke babe muri mwebwe, aho bashatse hose no mu gisagara cose bahisemwo. Ntimuzomutwaze umukazo.
17 Ntihaze hagire Umwisirayeli, yaba umugore canke umugabo, aba maraya mu bibanza basengeramwo ibigirwamana. 18 Ntimuze mwakire mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu amashikanwa yo gushitsa isezerano ashikanywe na maraya, yaba umugore canke umugabo, kuko ayo mashikanwa n’abayashikana vyose ari ibisesema k’Uhoraho.
19 Mwenewanyu w’Umwisirayeli, ntimuze mumwake inyungu haba ku mahera canke ku vyokurya canke ku bindi bintu vyose vyari gushobora kubazanira inyungu. 20 Muzokwake inyungu abanyamahanga, ariko Umwisirayeli ntimuzoyimwake, kugira ngo Uhoraho Imana yanyu azohezagire ibikorwa vy’amaboko yanyu mu gihugu mugiye kwinjira mukacegukira.
21 Nihagira ico musezeranira Uhoraho Imana yanyu, ntimuzotevye kugishitsa, kuko mwobiharurwako nk’icaha. 22 Ariko nimutagira ico musezerana, ntimuzobiharurwako nk’icaha. 23 Ico muzosezeranisha akanwa kanyu, muzogishitse, kuko mwagisezeraniye Uhoraho Imana yanyu ata wubagobereye.
24 Nimwinjira mu ruzabibu rwa bagenzi banyu, muzorye inzabibu mushaka zose ariko ntihagire izo muzokwamurira mu giseke ngo muzitahane. 25 Nimwinjira mu mirima y’ingano y’ababanyi banyu, muzoce izo mushaka zose muhekenye, ariko ntimuzogenyeshe urukero izihagaze.