Publicidade

Deuteronômio 1

Urugendo rwo kuva i Horebu

1 Aya ni amajambo Mose yabwiye Abisirayeli igihe bari bakiri mu bugaragwa, mu buseruko bw’uruzi Yorodani. Aho ni mu kiyaya citwa Araba, aharabana n’i Sufi, hagati ya Parani, Tofeli, Labani, Hazeroti na Dizahabu. 2 Mu bisanzwe urugendo rwo kuva ku musozi Horebu gushika i Kadeshi Baruneya rwomara imisi icumi n’umwe gusa ujanye inzira ica ku musozi wa Seyiri.

3 Mu mwaka ugira mirongo ine, ku musi wa mbere w’ukwezi kwawo kw’icumi na rimwe, Mose abarira Abisirayeli ivyo Uhoraho yamutumye kuri bo. 4 Ivyo vyabaye amaze kunesha Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, na Ogi umwami wa Bashani yaba muri Ashitaroti amuneshereje ahitwa Edireyi.

5 Bakiri hakurya ya Yorodani mu ntara ya Mowabu, Mose atangura gusigurira abantu ibi Vyagezwe, ababwira ati:

6 "Uhoraho Imana yacu yatubaririye i Horebu ati: ‘Igihe mumaze kuri uwu musozi ni kirekire bikwiye. 7 Harageze ko mushingura amahema yanyu mukagenda mutumbereye imisozi y’Abamori n’iy’intara zihegereye zo muri Araba, mu misozi, mu biyaya vyo mu burengero, i Negebu no mu kiyaya cegereye ikiyaga, muje mu ntara y’Abanyakanani n’i Libani, mushike no ku ruzi runini, ari rwo Efurate. 8 Ehe raba, ndabahaye ico gihugu. Nimucinjiremwo mucegukire, ni igihugu Uhoraho yarahiye ko azoha ba sogokuruza banyu Aburahamu, Isaka na Yakobo, n’abazobakomokako bose bazokwaruka inyuma yabo.’ "

Mose atoranya abarongozi

9 Ico gihe narababwiye nti: "Igikorwa co kubarongora kiraremereye cane sinshobora kugikora jenyene. 10 Uhoraho Imana yanyu yarabagwije ku buryo mungana n’inyenyeri zo kw’ijuru. 11 Kandi Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, arakabagwiza incuro igihumbi, yongere abahezagire nk’uko yabisezeranye! 12 Ariko none noshobora nte kwikorera ingorane zanyu, imitwaro yanyu hamwe n’imitongano yanyu jenyene? 13 Nuko rero nimwitoranirize mu miryango yanyu yose abantu muri mwebwe, b’abanyabwenge, batahura, kandi bubashwe, kugira ngo ndabazeze igikorwa co kubarongora."

14 Mwaranyishuye muti: "Ico utubwiye ni ciza."

15 Ni ho naca mfata abo bantu bo mu miryango yose bafise ubwenge kandi bubashwe, nkabaha ubutware kuri mwebwe, bamwe kurongora ibihumbi, abandi amajana, abandi mirongo itanitanu, abandi na bo cumicumi, ndabagira abatware mu miryango yanyu. 16 Kandi ico gihe nabwiye abacamanza banyu nti: "Muzokwumvirize imanza zizoba hagati y’abantu banyu, muheze mubacire imanza zigororotse, rwaba urubanza ruri hagati y’Abisirayeli babiri, canke hagati y’Umwisirayeli n’umunyamahanga aba muri mwebwe. 17 Ntimuze muhengame mu guca imanza, muze mwumvirize bose, uworoshe co kimwe n’uwuhambaye. Ntimuze mutinye umuntu n’umwe, kuko urubanza muzoca ruzoba ruciwe n’Imana. Muze munzanire imanza zigoye cane, nanje nzozica." 18 Ico gihe narababwiye ivyo mutegerezwa gukora vyose.

Mose arungika abatasi

19 Maze nk’uko Uhoraho Imana yacu yari yabitubwiye, tuva i Horebu, tugenda twerekeye imisozi miremire yo mu gihugu c’Abamori, duca muri bwa bugaragwa bunini kandi bwica nk’uko mwabubonye, turaheza dushika i Kadeshi Baruneya. 20 Ndaheza ndababwira nti: "Murashitse mu misozi y’igihugu c’Abamori, ico Uhoraho Imana yacu aduhaye. 21 None ehe raba Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu. Nimuduge mucegukire nk’uko Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yabibabwiye. Ntimutinye, ntimucike intege."

22 Ico gihe mwese mwaje aho ndi mumbwira muti: "Reka tubanze turungike abantu bagende gutata ico gihugu, hanyuma bazogaruke batubwire inzira tuzojana, n’ibisagara tuzokwinjira."

23 Nanje numvise ko ico ciyumviro ari ciza, nca ntoranya abagabo icumi na babiri, umwe mu muryango wose. 24 Baraduga muri ico gihugu, bashika mu kiyaya ca Eshikoli, baracihweza neza. 25 Batora n’ivyamwa vyo muri ico gihugu, barabituzanira, batubwira inkuru zaho, bati: "Igihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye ni ciza cane."

Ukugarariza Uhoraho

26 Ariko ntimwashatse kuduga ngo mucinjiremwo, mugarariza Uhoraho Imana yanyu. 27 Mwidogeye mu mahema yanyu muvuga muti: "Uhoraho aratwanka, yadukuye muri Egiputa kugira ngo aturekurire mu maboko y’Abamori batumare. 28 Mbega none tuja hehe? Benewacu ko batumye imitima yacu ishongeshwa n’ubwoba. Bavuze bati: ‘Abantu baho barakomeye kuturusha kandi mu burebure baradusumba, ibisagara vyabo ni bininibinini, inzitiro zavyo zikora ku bicu, kandi twarabonyeyo n’abakomoka kuri Anaki.’ "

29 Ico gihe narababwiye nti: "Ntimucike ivutu, ntimubatinye. 30 Uhoraho Imana yanyu agendera imbere yanyu azobagwanira, nk’uko mwabonye ibagwanira muri Egiputa, 31 n’igihe mwari mu bugaragwa. Harya mwarabonye ingene Uhoraho Imana yanyu yabateruye nk’uko umuvyeyi aterura umwana wiwe, gushika mushitse aha hantu."

32 Ariko naho vyabaye gutyo, ntimwigeze mwizera Uhoraho Imana yanyu, 33 yabagendera imbere mu rugendo rwanyu rwose ari mu nkingi y’umuriro mw’ijoro no mu nkingi y’igicu ku murango, abaronderera ibibanza vyiza vyo gucumbikamwo n’inzira mushobora kujana mu rugendo.

34 Uhoraho yumvise ivyo muvuze araraka, aca ararahira iti: 35 "Nta muntu n’umwe wo muri uru runganwe rubi azobona igihugu ciza narahiye ko nzoha ba sekuruza, 36 kiretse Kalebu mwene Yefune. We azokibona kandi hamwe n’uruvyaro rwiwe nzobaha aho bazogeza ikirenge hose, kuko yakurikiye Uhoraho n’umutima wiwe wose."

37 Kandi kubera mwebwe, na jewe Uhoraho yaranshavuriye, avuga ati: "Na wewe ntuzokwinjira muri ico gihugu. 38 Ariko umufasha wawe ari we Yosuwa mwene Nuni azocinjiramwo. Umutere intege kuko ari we azorongora ihanga rya Isirayeli kugira ngo rishikire iragi. 39 Kandi urunganwe rushasha mwibaza ko rwari rugiye kugirwa inyagano, abana banyu bataramenya ikibi n’iciza, ni bo bazocinjiramwo. Nzokibaha kibe inyegu yabo. 40 Ariko wewe, hindukira ufate inzira yo mu bugaragwa ija ku Kiyaga Gitukura."

41 Ni ho mwishura muti: "Twacumuye k’Uhoraho. Reka tuduge tuje kugwana nk’uko Uhoraho Imana yacu yabitubwiye." Maze umwe wese muri mwebwe afata ibigwanisho, mwibaza ko vyoroshe gutera akarere k’imisozi muri ico gihugu.

42 Ariko Uhoraho arambarira ati: "Babwire uti: ‘Ntimuduge kugwana kuko atazoba ari kumwe namwe. Muzoneshwa n’abansi banyu.’ "

43 Ni ho nabibabwira ariko mwanka kwumva, mugarariza itegeko ry’Uhoraho, kandi mu bwibone bwanyu muraduga muja muri iyo misozi. 44 Abamori baba muri iyo misozi barasohoka kubagwanya, babirukako nk’inzuki, bagenda barabica kuva i Seyiri gushika i Horuma. 45 Mwagarutse muririra Uhoraho, ariko ntiyigera ashira umutima ku marira yanyu, yica amatwi ngo ntabumve. 46 Ni co catumye mumara i Kadeshi kirya gihe cose mwahamaze.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-