Publicidade

Números 36

Umugabane w’abakobwa ba Zelofehadi

1 Abakuru b’umuryango wa Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, bari abo mu ruvyaro rwa Yosefu, baza kuvugana na Mose n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli. 2 Baravuga bati: "Nyakwubahwa, igihe Uhoraho yakubwira, ko uzogaburira Abisirayeli igihugu ukoresheje ubupfindo, yavuze ko uzoha umugabane w’umuvukanyi wacu Zelofehadi abakobwa biwe. 3 Hamwe borongorwa n’abo mu yindi miryango y’Abisirayeli; umugabane wabo woca uja mu muryango bagiyemwo, ukava ku mugabane w’umuryango wacu. Aho rero igice c’umugabane wari uwacu woba ugiye ahandi. 4 Umwaka wa Yubile y’Abisirayeli ushitse, umugabane wabo uzoca wegukira wa muryango barongowemwo, maze ukurwe ku mugabane wa ba sogokuru."

5 Nuko Mose atanga iri tegeko ku Bisirayeli abibwiwe n’Uhoraho ati: "Ivyo ab’umuryango wa Yosefu bariko baravuga ni vyo. 6 Ibi ni vyo Uhoraho ategetse abakobwa ba Zelofehadi: bashobora kurongorwa n’uwo bipfuza, ariko aze abe ari uwo mu muryango wa ba sekuru. 7 Ntihaze hagire umugabane w’umuryango uzoja mu wundi muryango, kuko Umwisirayeli wese azogumya umugabane yahawe mu muryango wiwe. 8 Umukobwa wese azoragwa itongo mu muryango wose w’Abisirayeli, azotegerezwa kurongorwa mu muryango wa ba sekuru, kugira ngo Umwisirayeli wese aze agumane umugabane wa ba sekuru biwe. 9 Ntihaze hagire umugabane uva mu muryango ngo uje mu wundi, nuko rero umuryango wose w’Abisirayeli uze ugumye itongo warazwe."

10 Nuko abakobwa ba Zelofehadi bakora nk’uko Uhoraho yategetse Mose. 11 Abakobwa ba Zelofehadi: Mahala, Tiriza, Hogula, Milika na Noha, barongorwa na bavyara babo bo mu muryango wa se. 12 Barongowe mu muryango wa Manase mwene Yosefu, maze umugabane wabo uca uguma mu muryango wa sewabo.

13 Ayo ni yo mategeko n’amabwirizwa Uhoraho yahaye Abisirayeli abicishije kuri Mose bari mu biyaya vy’i Mowabu ku nkombe ya Yorodani hakurya ya Yeriko.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-