Publicidade

Números 16

Ivya Kora, Datani na Abiramu

1 Kora mwene Izihari, akomoka kuri Kohati mwene Lewi, baja hamwe n’abakomoka kuri Reyubeni; Datani na Abiramu, abahungu ba Eliyabu, akomoka kuri Oni mwene Peleti, baragumuka, 2 bava hasi kugwanya Mose. Bari kumwe n’abandi bakuru amajana abiri na mirongo itanu, bari bazwi neza ko ari abakuru mu bwoko bwose kandi bari baratowe ngo babe abo mu rwego rw’abarongozi. 3 Bahuza inama nk’umugwi ngo bagwanye Mose na Aroni bababarira bati: "Murarengeje urugero! Iri hanga ryose ni iryera, umuntu wese ku giti ciwe, kandi Uhoraho ari kumwe na bo. None ni iki gituma mwishira hejuru y’ubu bwoko bw’Uhoraho?"

4 Mose yumvise ivyo, yubama hasi. 5 Maze abarira Kora n’abari bamukurikiye ati: "Ejo mu gitondo Uhoraho azokwerekana uwiwe n’uwejejwe, kandi azomwiyegereza. 6 Mwebwe, Kora, namwe mwese mwamukurikiye muze mugire mutya: Muze mufate ivyotezo 7 ejo muze mubishiremwo umuriro n’ibimota neza iyo bituriwe mubizane imbere y’Uhoraho. Umuntu Uhoraho azorobanura ni we azoba ari uwera. Yemwe bene Lewi, mwarenze akarimbi!"

8 Mose yongera abarira Kora ati: "Nimwumve ibi, yemwe Balewi! 9 Mbega ntibihagije ko Imana y’Abisirayeli yabatoranije mu bandi Bisirayeli ikabazana hafi yayo kugira ngo muyikorere ahera h’Uhoraho kandi ngo muhagarare imbere y’ubu bwoko mubukorere? 10 Yarabegereje hafi yayo mwebwe n’abagenzi banyu b’Abalewi, ariko ubu na ho muriko murashaka kwigarurira ubuherezi na bwo! 11 Mwishize hamwe kugwanya Uhoraho. Aroni ni iki aho mumukurira hasi ngo mumugwanye?"

12 Nuko Mose ahamagara Datani na Abiramu, bene Eliyabu. Ariko bavuga bati: "Ntituza! 13 Mbega ntibihagije ivyo wadukoreye mu kudukura mu gihugu gitemba amata n’ubuki ukatuzana gupfira mu bugaragwa? None n’ubu na ho ugomba kwigira umwami wacu? 14 Ikigeretseko, ntiwatuzanye mu gihugu gitemba amata n’ubuki canke ngo uduhe ishamvu yacu canke amatongo y’imizabibu. Mbega wibwira ko twebwe turi impumyi? Oya, ntitugenda tuje!"

15 Nuko Mose arashavura cane maze abarira Uhoraho ati: "Ntiwemere ishikanwa ryabo. Sinigeze ndabatwara ikintu na kimwe, naho yoba indogoba, nta n’umwe muri bo nagiriye nabi."

16 Mose abarira Kora ati: "Wewe n’abagukurikiye muze imbere y’Uhoraho ejo; wewe na bo na Aroni. 17 Umwe wese azoze azanye icotezo ciwe ashireko ibimota neza iyo bituriwe; ivyotezo amajana abiri na mirongo itanu vyose hamwe, hanyuma muze imbere y’Uhoraho. Wewe na Aroni namwe muze muzane ivyotezo vyanyu." 18 Nuko umuntu wese azana icotezo ciwe, ashirako umuriro n’ibimota neza iyo bituriwe, bahagararana na Mose na Aroni ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. 19 Maze Kora amaze kwegeranya abantu bose ngo bagwanye Mose imbere y’Ihema ry’Ibonaniro ubwiza bw’Uhoraho bubonekera Abisirayeli bose. 20 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 21 "Nimwitandukanye n’iri koraniro kugira ngo ndabarandure rimwe na rimwe."

22 Ariko Mose na Aroni bagwa bubamye baratakamba bati: "Yewe Mana, Mana y’impwemu z’abariho bose, mbega woshavurira ikoraniro ryose kandi hacumuye umuntu umwe?"

23 Nuko Uhoraho abarira Mose ati: 24 "Bwira ikoraniro uti: ‘Nimwigire kure y’amahema ya Kora, Datani na Abiramu.’ "

25 Mose ava hasi aja kwa Datani na Abiramu, kandi n’abakuru b’Abisirayeli baramukurikira. 26 Aburira ikoraniro ati: "Mwigire kure y’amahema y’abanyakibi! Ntimukore ku kintu na kimwe cabo, kugira ngo ntimurandurwe muzira ivyaha vyabo." 27 Nuko bigira kure y’amahema ya Kora, Datani na Abiramu. Datani na Abiramu bari basohotse bahagaze imbere y’amahema yabo n’abagore babo, n’abana n’abakiri bato.

28 Nuko Mose aravuga ati: "Iki ni co kizobamenyesha ko Uhoraho ari we yantumye gukora ibi bintu ko bitari ivyo niyumviriye: 29 Aba bantu nibapfa urupfu rusanzwe bagahura n’ibisanzwe biba ku bandi bose, Uhoraho azoba atantumye. 30 Ariko Uhoraho niyazana ikintu gishasha, isi ikasama ikabamira n’ivyabo vyose, bakaja mu mva ari bazima, aho ni ho muzomenyera ko aba bantu bakengereye Uhoraho."

31 Ahejeje kuvuga ivyo vyose, aho bari bahagaze harasama 32 isi yugurura akanwa kayo irabamira, n’ivyo batunze vyose n’abantu bose bari inyuma ya Kora n’ivyo bari batunze vyose. 33 Bamanuka i kuzimu ari bazima, n’ivyo bari batunze vyose; isi ica iriyugara, barahona bakurwa mu bandi Bisirayeli. 34 Abisirayeli bari hafi y’aho abo bari, bumvise ugutaka kwabo barahunga, kuko batinya ko isi ibamira na bo.

35 Umuriro uvuye k’Uhoraho uraza utongora ba bagabo amajana abiri na mirongo itanu bariko baraturira ibimota neza.

36 Uhoraho abarira Mose ati: 37 "Bwira Eliyazeri mwene Aroni, umuherezi, agende atore birya vyotezo biri mu muriro, asuke kure amakara, kuko ivyo vyotezo ari ivyera vyanje; 38 ivyotezo vy’abo bantu bacumuye bigatuma bapfa. Muze mubicuremwo amabati yo gupfuka igicaniro, kuko vyashikirijwe Uhoraho bigaca biba ivyera. Bize bibere ikimenyetso Abisirayeli."

39 Nuko Eliyazeri umuherezi yegeranya vya vyotezo vy’umwakaka vy’abatongowe n’umuriro, babicuramwo ivyo gupfuka igicaniro, 40 nk’uko Uhoraho yari yamutegetse abicishije muri Mose. Uko kwari ukwibutsa Abisirayeli ko ata muntu n’umwe atari uwo mu ruvyaro rwa Aroni yokwubahuka guturirira ibimota neza imbere y’Uhoraho, atagomba kuba nka Kora n’abamukurikiye.

41 Bukeye ikoraniro ry’Abisirayeli bose bidodombera Mose na Aroni bavuga bati: "Mwishe abantu b’Uhoraho."

42 Ariko igihe abagize ikoraniro bariko baratonganya Mose na Aroni bahindukiye ngo barabe ihema ry’ibonaniro, ubwo nyene igicu caciye kiripfuka ubwiza bw’Uhoraho buraboneka. 43 Nuko Mose na Aroni baca baja imbere y’ihema ry’ibonaniro, 44 maze Uhoraho abarira Mose ati: 45 "Igira kure ya rino koraniro kugira ngo ndabaherengeteze ubu nyene." Baca bubama hasi.

46 Nuko Mose abarira Aroni ati: "Fata icotezo ushiremwo ibimota neza n’umuriro uvuye ku gicaniro, uce wihuta uje mu bantu ubatangire ikimazi gikura icaha. Uburake buvuye k’Uhoraho buraje, ikiza kiratanguye." 47 Nuko Aroni akora nk’uko Mose yamubwiye, aca yiruka mu bantu. Ikiza cari camaze gutangura kwica abantu. Ariko Aroni aturira ibimota neza ngo abatangire ikimazi gikura ivyaha. 48 Ahagarara hagati y’abazima n’abapfuye, ikiza kirahagarara. 49 Ariko abantu ibihumbi cumi na bine n’amajana indwi barapfa bishwe n’ico kiza, biyongera kuri bamwe bicwa kubera kugarariza kwa Kora. 50 Nuko Aroni agaruka aho Mose yari ari imbere y’ihema ry’ibonaniro, kuko ico kiza cari cahagaze.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-