1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Tegeka Abisirayeli ngo baze bakure hagati muri bo umuntu wese afise imibembe canke afise ibintu bimuvamwo vy’uburyo ubwo ari bwo bwose, canke yahumanijwe no gukora ku muvyimba. 3 Muze musohore yaba umugabo canke umugore; muze mubasohore bave aho mucumbitse kugira ngo ntibahumanye ikoraniro ryose, kuko jewe mba hagati muri bo." 4 Abisirayeli babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose, barabasohora babajana inyuma y’aho bacumbitse.
5 Uhoraho abarira Mose ati: 6 "Barira Abisirayeli uti: ‘Nihagira umugabo canke umugore agirira nabi uwundi mu buryo ubwo ari bwo bwose, bigatuma ataba umwizigirwa imbere y’Uhoraho, uwo muntu azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza 7 kandi azoba akwiye kwatura icaha yakoze. Aze arihe ivyo yononye vyose, yongereko ica gatanu c’ico kintu; vyose ace abiha uwo yagiriye nabi. 8 Ariko niyaba nyenevyo yarapfuye akaba atagira incuti ya hafi yoshobora kwakira iyo ndishi, izoba ari iy’Uhoraho izoce ihabwa umuherezi, ayiherekereshe impfizi y’intama yo gutanga impongano yiwe. 9 Ibimazi vyose bikuwe ku vyo Abisirayeli bazoba bahaye Uhoraho bizoba ari ivy’umuherezi. 10 Ibintu vyejejwe biba ari ivya nyenevyo; ico umuntu ahaye umuherezi kizoba ari ic’umuherezi.’ "
11 Nuko Uhoraho abarira Mose ati: 12 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Umugore afise umugabo niyigenza nabi agahemukira umugabo wiwe 13 mu kuryamana n’uwundi mugabo, kandi ivyo umugabo wiwe akaba ata vyo azi kuko ubwo buhumane bwiwe butamenyekanye (kuko ata cabona co kumwagiriza kandi ata wigeze amufata), 14 ariko umugabo akamwikeka ko yiyanduje mu kumuhemukira, canke na ho akamwikeka kandi atiyanduje, 15 azoce atwara uwo mugore ku muherezi. Aze ajane n’ishikanwa ringana n’ic’icumi c’ingero efa y’ifu ya sayiri amutangira. Ntaze ayisukeko amavuta canke ngo ayishireko ivyo baturira bikamota neza, kuko ari ishikanwa ry’ifu ritanzwe kubera umwikeko, kandi ari ukugira ngo ikibi kimenyekane.
16 Uwo muherezi aze amuzane amuhagarike imbere y’Uhoraho. 17 Hanyuma ashire amazi ahezagiye mu nkono y’ibumba ashiremwo ivu akuye ahera. 18 Amaze kumuhagarika imbere y’Uhoraho, aze apfundurure umushatsi w’uwo mugore ashire mu maboko yiwe rya shikanwa, rimwe ry’ifu ryatanzwe kubera kumwikeka, na we aze agumye ya mazi arura azana umuvumo. 19 Hanyuma aze arahize uwo mugore avuga ati: "Niwaba ata mugabo mwaryamanye kandi utahemukiye umugabo wawe ngo wiyanduze kandi wari ufise umugabo wawe, aya mazi arura kandi atera umuvumo ntagire ico akugira. 20 Ariko niwaba warahemutse kandi ufise umugabo wawe ukaba wariyanduje mu kuryamana n’uwundi mugabo atari rwawe"; 21 aha rero umuherezi aze ashire kuri uwo mugore umuvumo uri muri iyi ndahiro ati: "Uhoraho atume abantu bawe bakuvuma bongere bakugire akabarore kuko azoba aguhinduye ingumba kandi atumye inda yawe ivyimba. 22 Aya mazi atera umuvumo yinjire muri wewe atume inda yawe ivyimba kandi aguhindure ingumba."
Uwo mugore aze yishure ati: "Amen. Nibibe gutyo."
23 Uwo muherezi aze yandike iyo mivumo ku muzingo w’igitabu kandi azoce ayogesha ya mazi y’umururazi. 24 Azoce aha wa mugore ayo mazi atera umuvumo ayanywe, na yo azomutera ububabare bwinshi. 25 Uwo muherezi azoce afata rya shikanwa ry’ifu ritanzwe kubera ukwikeka ryari mu minwe yiwe, arizungagize imbere y’Uhoraho azoce arizana ku gicaniro. 26 Uwo muherezi aze afate ifu yuzuye igipfunsi kuri iryo shikanwa kugira ribe ishikanwa ry’icibutso arituririre ku gicaniro; inyuma y’ivyo, azoce anywesha ya mazi wa mugore. 27 Niyaba yariyandurishije kurenga ibigo kandi afise umugabo, hanyuma akanyweshwa ayo mazi atera umuvumo, azoca yinjira muri we amutere ububabare bwinshi; inda yiwe izovyimba hanyuma abe ingumba, yongere abe ikivume mu bantu b’iwabo. 28 Ariko niyaba atiyanduje akaba adahumanye, nta co azoba azokurwako urubanza ashobore no kuvyara abana.
29 Iri ni ryo tegeko rijanye n’ukwikeka ko umugore yahemukiye umugabo akiyanduza kandi afise umugabo wiwe, 30 canke umugabo niyafatwa n’ivyiyumviro vyo kwikeka umugore wiwe. Umuherezi aze amuhagarike imbere y’Uhoraho ace akoresha iryo tegeko ryose kuri we. 31 Umugabo we nta co azokwagirizwa na kimwe, ariko umugore we azogibwako n’inkurikizi zose z’icaha ciwe.’ "