Publicidade

Números 10

Inzamba zicuzwe mw’ifeza

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Cura inzamba zibiri mw’ifeza ihondaguye, uze uzikoreshe mu guhamagara ikoraniro no mu kumenyesha umwanya wo kuzinga amahema ngo babandanye urugendo. 3 Igihe izo nzamba zivugirijwe rimwe, ikoraniro ryose rize rikoranire imbere yawe, imbere y’Ihema ry’Ibonaniro. 4 Iyo havugijwe imwe gusa, abarongoye abandi, abakuru b’amazu y’Abisirayeli, baze bakoranire imbere yawe. 5 Inzamba niyavuga n’ijwi rirengera rimwe, imiryango iherereye mu buseruko baze bahaguruke bagende. 6 Inzamba niyavuga ubwa kabiri mw’ijwi rirengera, imiryango iri mu bumanuko baze bahaguruke bagende. 7 Mu gukoranya ikoraniro, muze muvuze izo nzamba, ariko ntimukoreshe ijwi rimwe.

8 Abahungu ba Aroni, ari bo baherezi, baze bavuze izo nzamba; iri ni ryo tegeko ry’intahava uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. 9 Nimwaja mu ntambara mu gihugu canyu bwite muriko muragwanya umwansi abasugereje, muze muvuze izo nzamba mw’ijwi rirengera. Uhoraho Imana yanyu azoca abibuka kandi muzotabarwa mukire abansi banyu. 10 No mu bihe vyanyu vy’umunezero, haba mu misi mikuru yashinzwe canke imboneko z’ukwezi, muze muvuze izo nzamba mwongere mutange n’ibimazi vyo guturirwa n’ivy’impongano, na vyo bizoba icibutso canyu imbere y’Uhoraho. Ndi Uhoraho Imana yanyu."

Abisirayeli bava kuri Sinayi

11 Ku musi wa mirongo ibiri w’ukwezi kwa kabiri kw’umwaka wa kabiri, ca gicu kiraduga kiva kw’Ihema ry’ibishingantahe. 12 Nuko Abisirayeli bava hasi bava mu bugaragwa bw’i Sinayi bagenda barunguruza gushika aho ca gicu cahagarariye mu bugaragwa bw’i Parani. 13 Ubwo ni bwo bwa mbere Abisirayeli bavuye aho bari bacumbitse nk’uko Uhoraho yari yabibategetse abicishije kuri Mose.

14 Imigwi yo mu ba Yuda ni bo babanje guhaguruka, bari musi y’ibendera ryabo. Nahashoni mwene Aminadabu ni we yari abarongoye. 15 Netaneli mwene Zuwari ni we yari arongoye umugwi wo mu muryango wa Isakari, 16 Eliyabu mwene Heloni na we ni we yari arongoye umugwi wo mu muryango wa Zebuloni. 17 Hanyuma rya hema rica rirazingwa, Abagerishoni n’Abamerari, ari bo bari bariteruye, baca baragenda.

18 Imigwi yari musi y’ibendera rya Reyubeni barakurikira, bari musi y’ibendera ryabo. Elisuri mwene Shedewuri ni we yari abarongoye. 19 Shelumiyeli mwene Zurishadayi yari arongoye umugwi w’umuryango wa Simeyoni, 20 Eliyasafu na we, mwene Dewuyeli yari arongoye umugwi w’umuryango wa Gadi. 21 Hanyuma Abakohati bava hasi, bateruye vya bikoresho vyera. Ihema ryategerezwa gushingwa aho ryategerezwa kuba imbere y’uko bashika.

22 Imigwi yari musi y’ibendera rya Efurayimu barakurikira, bari musi y’ibendera ryabo. Elishama mwene Amihudi ni we yari abarongoye. 23 Gamaliyeli mwene Pedasuri ni we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Manase, 24 Abidani mwene Gidiyoni na we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Benyamini.

25 Ubwa nyuma, imigwi irongowe n’ibendera rya Dani, nk’umugwi ujejwe umutekano w’inyuma, bava hasi barongowe n’ibendera ryabo. Ahiyezeri mwene Amishadayi ni we yari abarongoye. 26 Pagiyeli mwene Okurani ni we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Asheri, 27 Ahira mwene Enani na we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Nafutali. 28 Uru ni rwo rwari urutonde rwo kugenda rw’imigwi y’Abisirayeli uko bakurikirana mu kuva hasi.

29 Nuko Mose abarira muramuwe Hobabu, mwene Reyuweli Umumidiyani, ati: "Tugiye aho Uhoraho yavuze ati: ‘Nzohabaha.’ Nuze tujane natwe tuzogufata neza, kuko Uhoraho yasezeraniye Abisirayeli ivyiza."

30 Na we arishura ati: "Oya ntitujana. Nsubiye mu gihugu navukiyemwo no mu bwoko bwacu."

31 Ariko Mose aravuga ati: "Ndakwinginze ntuduhebe. Kuko wewe uzi ubu bugaragwa, aho dushobora gushinga amahema, ushobora kutubera amaso. 32 Niwajana natwe, tuzosangira ivyiza vyose Uhoraho azoduha."

33 Nuko bava ku musozi w’Uhoraho bagenda imisi itatu. Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu kugira ngo abaronkere aho kuruhukira. 34 Ca gicu c’Uhoraho cari hejuru yabo ku murango igihe bava aho bari bacumbitse.

35 Igihe cose iyo isandugu igiye, Mose yavuga ati:

"Haguruka, yewe Uhoraho!

Abansi bawe nibasanzare;

abakwanka nibahunge mu nyonga hawe."

36 Igihe cose ihagaze, yavuga ati:

"Garuka, Yewe Uhoraho,

mu bihumbi n’ibihumbi vy’Abisirayeli."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-