1 Inyuma y’ico kiza Uhoraho abarira Mose na Eliyazeri mwene Aroni, umuherezi ati: 2 "Harura Abisirayeli bose uko imiryango yabo iri; abamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba." 3 Nuko bari mu biyaya vy’i Mowabu ku nkengera za Yorodani aharabana n’i Yeriko, Mose na Eliyazeri umuherezi bavugana na bo bababarira bati: 4 "Harura abagabo bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga, nk’uko Uhoraho yategetse Mose."
Aba ni bo Bisirayeli bavuye muri Egiputa:
5 Abo mu ruvyaro rwa Reyubeni, imfura ya Isirayeli, bari:
abakomoka kuri Hanoki, umuryango w’Abahanoki;
abakomoka kuri Palu, umuryango w’Abapalu;
6 abakomoka kuri Hezironi, umuryango w’Abahezironi;
abakomoka Kuri Karumi, umuryango w’Abakarumi.
7 Iyo ni yo yari imiryango y’Abareyubeni; Abaharuwe bari ibihumbi mirongo ine na bitatu n’amajana indwi na mirongo itatu.
8 Mwene Palu yari Eliyabu, 9 bene Eliyabu bari Nemuweli, Datani na Abiramu. Abo nyene Datani na Abiramu bari abakuru b’abantu bagumukanye Mose na Aroni bakaba bari mu bakurikiye Kora igihe bagumuka k’Uhoraho. 10 Isi irasama irabamira hamwe na Kora, abamukurikira na bo bapfuye igihe umuriro warandura abantu amajana abiri na mirongo itanu. Ibatangako akarorero. 11 Ariko inzu ya Kora ntiyaherengeteye.
12 Abo mu ruvyaro rwa Simeyoni nk’uko inzu zabo zari zimeze ni:
abakomoka kuri Nemuweli, inzu y’Abanemuweli;
abakomoka kuri Yamini, inzu y’Abayamini;
abakomoka kuri Yakini, inzu y’Abayakini;
13 abakomoka kuri Zera, inzu y’Abazera;
abakomoka kuri Sawuli, inzu y’Abasawuli.
14 Izo ni zo zari inzu z’Abasimeyoni; bari abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana abiri.
15 Abo mu ruvyaro rwa Gadi nk’uko inzu zabo zari ziri ni:
abakomoka kuri Zefoni, inzu y’Abazefoni;
abakomoka kuri Hagi, inzu y’Abahagi;
abakomoka kuri Shuni, inzu y’Abashuni;
16 abakomoka kuri Ozuni, inzu y’Abozuni;
abakomoka kuri Eri, inzu y’Aberi;
17 abakomoka kuri Arodi, inzu y’Abarodi;
abakomoka kuri Areli, inzu y’Abareli.
18 Iyo ni yo yari imiryango ya Gadi; abaharuwe bari ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu.
19 Eri na Onani ni bo bari bene Yuda, ariko bapfiriye i Kanani.
20 Abakomoka kuri Yuda nk’uko inzu zabo zari ziri ni:
abakomoka kuri Shela, inzu y’Abashela;
abakomoka kuri Perezi, inzu y’Abaperezi;
abakomoka kuri Zera, inzu y’Abazera.
21 Abo mu ruvyaro rwa Perezi bari:
abakomoka kuri Hezironi, inzu y’Abahezironi;
abakomoka kuri Hamuli, inzu y’Abahamuli.
22 Abo ni abo mu nzu za Yuda; abaharuwe bari ibihumbi mirongo indwi na bitandatu n’amajana atanu.
23 Abo mu ruvyaro rwa Isakari nk’uko inzu zabo zari ziri ni:
abakomoka kuri Tola, inzu y’Abatola;
abakomoka kuri Puwa, inzu y’Abapuwa;
24 abakomoka kuri Yashubi, inzu y’Abayashubi;
abakomoka kuri Shimuroni, inzu y’Abashimuroni.
25 Izo ni zo zari inzu z’Abisakari; abaharuwe bari ibihumbi mirongo itandatu na bine n’amajana atatu.
26 Abo mu ruvyaro rwa Zebuloni nk’uko inzu zabo zari ziri ni:
abakomoka kuri Seredi, inzu y’Abaseredi;
abakomoka kuri eloni, inzu y’Abeloni;
abakomoka kuri Yahileyeli, inzu y’Abayahileyeli.
27 Izo ni zo zari inzu z’Abazebuloni; abaharuwe bari ibihumbi mirongo itandatu n’amajana atanu.
28 Abo mu ruvyaro rwa Yosefu nk’uko inzu zabo zari ziri bakomotse kuri Manase na Efurayimu ni:
29 Abo mu ruvyaro rwa Manase:
abakomoka kuri Makiri, inzu y’Abamakiri (Makiri ni we yari se wa Gileyadi);
abakomoka kuri Gileyadi, inzu y’Abagileyadi.
30 Aba ni abo mu ruvyaro rwa Gileyadi:
abakomoka kuri Iyezeri, inzu y’Abiyezeri;
abakomoka kuri Heleki, inzu y’Abaheleki;
31 abakomoka kuri Asiriyeli, inzu y’Abisirayeli;
abakomoka kuri Shekemu, inzu y’Abashekemu;
32 abakomoka kuri Shemida, inzu y’Abashemida;
abakomoka kuri Heferi, inzu y’Abaheferi.
33 (Zelofehadi mwene Heferi nta bahungu yari afise; yari afise abakobwa gusa, amazina yabo ni Mahala, Nowa, Hogula, Milika na Tiriza.)
34 Izo ni zo nzu z’Abamanase; abaharuwe bari ibihumbi mirongo itanu na bibiri n’amajana indwi.
35 Aba ni bo bari abo mu ruvyaro rwa Efurayimu nk’uko inzu zabo zari ziri:
abakomoka kuri Shutela, inzu y’Abashutela;
abakomoka kuri Bekeri, inzu y’Ababekeri;
abakomoka kuri Tahani, inzu y’Abatahani.
36 Abakomoka kuri Shutela ni:
abakomoka kuri Erani, inzu y’Aberani.
37 Izo ni zo nzu z’Abefurayimu; abaharuwe bari ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana atanu.
Aba ni bo bakomoka kuri Yosefu nk’uko inzu zabo zari ziri.
38 Abo mu ruvyaro rwa Benyamini nk’uko inzu zabo zari ziri ni:
abakomoka kuri Bela, inzu y’Ababela;
abakomoka kuri Ashibeli, inzu y’Abashibeli;
abakomoka kuri Ahiramu, inzu y’Abahiramu;
39 abakomoka kuri Shufamu, inzu y’Abashufamu;
abakomoka kuri Hufamu, inzu y’Abahufamu.
40 Abakomoka kuri Bela biciye kuri Aridi na Namani ni:
abakomoka kuri Aridi, inzu y’Abaridi;
abakomoka kuri Namani, inzu y’Abanamani.
41 Izo ni zo nzu z’Ababenyamini; abaharuwe bari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu.
42 Aba ni abo mu ruvyaro rwa Dani nk’uko inzu zabo zari ziri:
abakomoka kuri Shuhamu, inzu y’Abashuhamu.
Izo ni zo nzu z’Abadani: 43 Bose bari abo mu nzu y’Abashuhamu; kandi abaharuwe bari ibihumbi mirongo itandatu na bine n’amajana ane.
44 Aba ni abo mu ruvyaro rwa Asheri nk’uko inzu zabo zari ziri:
abakomoka kuri Imuna, inzu y’Abimuna;
abakomoka kuri Ishuvi, inzu y’Abishuvi;
abakomoka kuri Beriya, inzu y’Ababeriya;
45 Abakomotse ku ruvyaro rwa Beriya ni:
abakomoka kuri Heberi, inzu y’Abaheberi;
abakomoka kuri Malukiyeli, inzu y’Abamalukiyeli.
46 Asheri yari afise umukobwa yitwa Sera.
47 Izo ni zo zari inzu z’Abasheri; abaharuwe bari ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane.
48 Abo mu ruvyaro rwa Nafutali nk’uko inzu zabo zari ziri ni:
abakomoka kuri Yahaziyeli, inzu y’Abayahaziyeli;
abakomoka kuri Guni, inzu y’Abaguni;
49 abakomoka kuri Yezeri, inzu y’Abayezeri;
abakomoka kuri Shilemu, inzu y’Abashilemu.
50 Izo ni zo nzu z’Abanafutali; abaharuwe bari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana ane.
51 Igitigiri cose c’abagabo b’Abisirayeli cari ibihumbi amajana atandatu na kimwe n’amajana indwi na mirongo itatu.
52 Uhoraho abarira Mose ati: 53 "Igihugu kize kigaburwe hisunzwe ibitigiri vy’imiryango. 54 Umuryango munini muze muwuhe hanini, umuryango muto muwuhe hatoya; umwe wese aze aronke umugabane wiwe hisunzwe ibitigiri vyaharuwe. 55 Kandi muze mukoreshe ubupfindo mu kugabura igihugu, umugwi uwo ari wo wose uzoronka umugabane wawo hisunzwe amazina y’umuryango wa ba sekuru. 56 Umugabane uzotangwa hakoreshejwe ubupfindo kandi harabwe ko umuryango ari munini canke mutoya."
57 Aba ni bo Balewi baharuhwe nk’uko inzu zabo zari ziri:
abakomoka kuri Gerishoni, inzu y’Abagerishoni;
abakomoka kuri Kohati, inzu y’Abakohati;
abakomoka kuri Merari, inzu y’Abamerari.
58 N’izi na zo zari inzu z’Abalewi:
inzu y’Abalibuni,
inzu y’Abaheburoni,
inzu y’Abamahili,
inzu y’Abamushi
inzu y’Abakora.
(Kohati yari se wa Amuramu; 59 Muka Amuramu yitwa Yokebedi, yanduruka mu ruvyaro rwa Lewi, yavukiye muri Egiputa. Yavyaranye na Amuramu Aroni, Mose na mushiki wabo Miriyamu. 60 Aroni ni se wa Nadabu na Abihu, Eliyazeri na Itamari. 61 Ariko Nadabu na Abihu bapfuye igihe baturirira amashikanwa imbere y’Uhoraho bakoresheje umuriro utemewe.)
62 Abahungu bose b’Abalewi bari bamaze ukwezi no kurenga baharuwe bari ibihumbi mirongo ibiri na bitatu. Ntibaharuwe hamwe n’abandi Bisirayeli kuko ata mugabane bari bafise muri bo.
63 Abo ni bo baharuwe na Mose na Eliyazeri umuherezi igihe baharura Abisirayeli mu kiyaya c’i Mowabu ku nkombe ya Yorodani aharabana n’i Yeriko. 64 Nta n’umwe yari muri bamwe baharurwa na Mose na Aroni umuherezi igihe babaharurira mu bugaragwa bw’i Sinayi. 65 Kuko Uhoraho yari yarabwiye abo Bisirayeli ko bazopfira mu bugaragwa, kandi nta n’umwe yari agisigaye kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni.