Publicidade

Números 8

Gutunganya amatara

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Bwira Aroni, uti: ‘Igihe muzoshiraho ya matara indwi, muze muyashire ahantu ashobora kumurika ku ruhande rw’imbere rw’igiterekwako amatara.’ "

3 Aroni aca akora uko; ashira amatara aho ashobora kubonesha imbere y’igiterekwako amatara, nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose. 4 Uku ni ko ico giterekwako amatara cakozwe: cari gikozwe mu nzahabu yahondeshejwe inyundo; kuva musi gushika hejuru. Ico giterekwako amatara cari gikozwe nka ca kigereranyo Uhoraho yari yeretse Mose.

Ukurobanurwa kw’Abalewi

5 Uhoraho abarira Mose ati: 6 "Toranya Abalewi ubakure mu bandi Bisirayeli ubahumanure. 7 Mu kubahumanura, uze ukore gutya: uze ubamijagire ya mazi yo guhumanura; hanyuma bamobwe umushatsi aho uri hose ku mibiri yabo kandi bamesure impuzu zabo; uko ni ko bazoba bahumanuwe. 8 Baze bazane ishuri ikiri nto n’ishikanwa ryayo ry’ifu rigizwe n’ifu inoze neza ivanzwe n’amavuta; uzane n’iyindi shuri ya kabiri y’ikimazi c’ivyaha. 9 Uze uzane Abalewi imbere y’Ihema ry’Ibonaniro ukoranye n’Abisirayeli bose. 10 Uze uzane Abalewi imbere y’Uhoraho, hanyuma Abisirayeli baze babarambikeko ibiganza. 11 Aroni aze azane ba Balewi imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza rivuye mu Bisirayeli, kugira ngo bitegurire igikorwa c’Uhoraho.

12 Hanyuma Abalewi barambike ibiganza ku mitwe ya ya mashuri, imwe uheze uyitange nk’ikimazi c’ivyaha gishikaniwe Uhoraho, iyindi na yo uyitange nk’ikimazi co guturirwa, kugira ngo Abalewi batangirwe ikimazi co kwikurako icaha. 13 Uze uzane Abalewi bahagarare imbere ya Aroni n’abahungu biwe hanyuma uce ubatanga nk’ishikanwa ryo kuzungagiza rishikaniwe Uhoraho. 14 Uko ni ko uzorobanura Abalewi ubakuye mu bandi Bisirayeli, hanyuma Abalewi bazoba abanje.

15 Niwaheza guhumanura Abalewi no kubashikana nk’ishikanwa ryo kuzungagiza, bazoce baza gukora igikorwa cabo kw’ihema ry’ibonaniro. 16 Ni Abisirayeli banyeguriwe. Nabagize abanje mu gishingo c’imfura, abana b’imfura b’abahungu b’Umwisirayelikazi wese. 17 Imfura zose mu Bisirayeli, baba abantu canke ibitungwa, ni ivyanje. Igihe nahonya imfura zose muri Egiputa, naciye nirobanurira abo kuba abanje. 18 Natoranije Abalewi mu gishingo c’abahungu bose b’imfura muri Isirayeli. 19 Kandi mpaye Aroni n’abahungu biwe Abalewi mbakuye mu Bisirayeli bose ngo bakore igikorwa co mw’ihema ry’ibonaniro bagikorera Abisirayeli ngo babatangire impongano kugira ngo ntihagire ikiza gitera Abisirayeli igihe bazokwegera ahera."

20 Mose, Aroni n’Abisirayeli bose baca bakora ivyo Uhoraho yategetse Mose vyose ku Balewi. 21 Nuko Abalewi bariyeza bamesura n’impuzu zabo. Maze Aroni aca abazana nk’ishikanwa rizungagizwa imbere y’Uhoraho aca abatangira impongano kugira ngo abeze. 22 Inyuma y’ivyo, Abalewi baza gukora igikorwa cabo kw’ihema ry’ibonaniro barongowe na Aroni n’abahungu biwe. Uko Uhoraho yari yategetse Mose, ni ko bakoze ku Balewi.

23 Uhoraho abarira Mose ati: 24 "Ibi ni vyo bizokorwa ku Balewi: abagabo bamaze imyaka mirongo ibiri n’itanu n’iyirenga baze baze gukora kw’ihema ry’ibonaniro, 25 ariko bamaze imyaka mirongo itanu, baze bakukuruke bave mu gikorwa cabo bahora bakora ntibasubire kugikora. 26 Bashobora gufasha abavukanyi babo mu gukora ibikorwa vyabo mw’ihema ry’ibonaniro, ariko bo ntibaze bakore ico gikorwa. Ng’uko rero uko uzotunganya ibikorwa vy’Abalewi."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-