Publicidade

Números 31

Abisirayeli bihora Abamidiyani

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Genda utere Abamidiyani ubahoye ivyo bakoreye Abisirayeli. Inyuma y’aho uzoca uhamvya abanyu."

3 Nuko Mose abarira abantu ati: "Nihagire abantu bo muri mwebwe bambara ibigwanisho baje kugwanya Abamidiyani kugira ngo bashitse uguhora kw’Uhoraho kuri bo. 4 Umuryango wose mu Bisirayeli urungike abagabo igihumbi." 5 Nuko abagabo ibihumbi cumi na bibiri mu Bisirayeli bambara ibigwanisho bitegurira kuja mu ntambara, umuryango wose urungika abagabo igihumbi. 6 Mose abarungika mu ntambara, ari igihumbi ku muryango wose, abarungikana Finehasi mwene Eliyazeri, umuherezi, ari we yatwaye ibikoresho vyera vyo mw’ihema hamwe n’inzamba zo gutanga ikimenyetso c’akamo k’intambara.

7 Bagwanya Abamidiyani, nk’uko Uhoraho yategetse Mose, bica abagabo bose. 8 Mu bo bishe harimwo Evi, Rekemu, Zuri, Huri na Reba, abami batanu b’i Midiyani. Bicisha inkota na Balamu mwene Beyori. 9 Abisirayeli bafata mpiri abagore n’abana b’Abamidiyani batwara n’amasho y’Abamidiyani, n’imikuku n’ibindi vyiza vyose. 10 Baturira ibisagara vyose Abamidiyani babamwo, n’amakambi yabo. 11 Batwara ibintu vyose n’abantu ivyo bari bigaruriye vyose, 12 babizanira Mose na Eliyazeri umuherezi n’ikoraniro ry’Abisirayeli bose aho bari bacumbitse mu biyaya vy’i Mowabu, ku nkombe ya Yorodani aharabana n’i Yeriko.

13 Mose, Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’abantu bose baja kubasanganirira hanze y’aho bakoraniye. 14 Mose ashavurira abakuru b’ingabo; abarongoye ingabo igihumbi n’abatwara ingabo ijana; bari bavuye mu ntambara.

15 Arababarira ati: "Mbega mwakoze iki ko mwaretse abagore ntimubice? 16 Ni bo bakurikije inama bagiriwe na Balamu kandi ni bo batumye Abisirayeli bakevya bakava k’Uhoraho mu vyabaye i Peyori, gushika n’aho ikiza gitera abantu. 17 Ubu rero nimwice abahungu bose. Kandi mwice umugore wese yaryamanye n’umugabo, 18 ariko mwisigarize abakobwa bose batigeze baryamana n’umugabo.

19 Umuntu wese wo muri mwebwe yishe umuntu canke yakoze ku wapfuye agume inyuma y’aho mucumbitse kumara imisi indwi. Ku musi wa gatatu no ku musi w’indwi muze mwihumanure mwebwe n’abanyagano banyu. 20 Muhumanure n’impuzu zose n’ikintu cose gikozwe mu rusato, mu bwoya bw’impene canke mu biti."

21 Nuko Eliyazeri umuherezi abarira ingabo zagiye ku rugamba ati: "Ibi ni vyo Ivyagezwe Uhoraho yahaye Mose bivuga: 22 Inzahabu, ifeza, imiringa, ivyuma, n’ubundi butare 23 mbere n’ibindi vyose bidashobora gusha bize bishirwe mu muriro, ni ho bizoba bihumanuwe. Ariko kandi bize bihumanurwe n’amazi yo guhumanura. Kandi ikintu cose kidashobora kurinda umuriro, kize gicishwe muri ayo mazi. 24 Ku musi w’indwi muze mumesure impuzu zanyu namwe muzoba muhumanuwe. Ni ho muzoshobora kwinjira aho ducumbitse."

Ivyo kugabura isahu

25 Uhoraho abarira Mose ati: 26 "Wewe na Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’imiryango y’ubu bwoko muze muharure abantu n’ibitungwa vyanyazwe. 27 Mugaburire ivyanyazwe abagabo bagiye kugwana n’abasigaye bo mw’ikoraniro. 28 Ku mugabane w’abasoda bagwanye mu ntambara, uze ukureko umugabane wanje jewe Uhoraho ungana n’ikintu kimwe ku bintu amajana atanu, baba ari abantu, amasho, indogoba intama canke impene. 29 Uze wakire uwo mugabane ku mugabane wabo uwushikirize Eliyazeri umuherezi nk’umugabane w’Uhoraho. 30 Ku mugabane w’Abisirayeli, muze mutoranye kimwe ku bintu mirongo itanu, baba abantu, amasho, indogoba, intama, impene canke ibindi bitungwa vyose. Muze mubihe Abalewi, bashinzwe gutunganya ihema ry’Uhoraho." 31 Nuko Mose na Eliyazeri umuherezi bakora nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose.

32 Ivyasigaye mu vyo abagiye ku rugamba banyaze vyari intama amajana atandatu na mirongo indwi na bitanu, 33 inka ibihumbi mirongo indwi na bibiri, 34 indogoba ibihumbi mirongo itandatu na kimwe 35 n’abakobwa batigeze baryamana n’umugabo ibihumbi mirongo itatu na bibiri.

36 Igice cegukira abagiye ku rugamba cari:

Intama ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu, 37 muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari intama amajana atandatu na mirongo indwi na zitanu;

38 inka ibihumbi mirongo itatu na bitandatu, muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari inka mirongo indwi na zibiri;

39 indogoba ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu, muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari indogoba mirongo itandatu n’imwe;

40 abantu ibihumbi cumi na bitandatu, muri bo umugabane w’Uhoraho ukaba wari abantu mirongo itatu na babiri.

41 Mose aha wa mugabane w’Uhoraho Eliyazeri umuherezi, nk’uko Uhoraho yategetse Mose.

42 Igice cegukira Abisirayeli, ico Mose yari yashize ukwaco agitandukanya n’ic’abagiye ku rugamba; 43 ari co gice cagerewe abasigaye; cari intama ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu, 44 inka ibihumbi mirongo itatu na bitandatu, 45 indogoba ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu 46 n’abantu ibihumbi cumi na bitandatu. 47 Mu vyagenewe Abisirayeli, Mose akuramwo kimwe ku mirongo itanu baba abantu canke ibitungwa, nk’uko Uhoraho yari yamutegetse, aca abiha Abalewi, ari bo bari bajejwe igikorwa co gutunganya ihema ry’Uhoraho.

48 Maze abakuru b’ingabo bari barongoye imice y’ingabo, baba abatwara imice y’abantu igihumbi canke abatwara imice y’abantu ijana, baja aho Mose ari, 49 baramubwira bati: "twebwe abasavyi bawe twaharuye ingabo turongoye, kandi nta n’umwe abuze. 50 None twari tuzanye ishikanwa k’Uhoraho ry’ibikoresho vyose bikozwe mu nzahabu twaronse: imigufu, ivyo kwambara ku maboko, impeta, ivyo ku matwi; ngo tubitangeko ikimazi cacu co kwikurako icaha imbere y’Uhoraho."

51 Mose na Eliyazeri umuherezi babakirira izo nzahabu zari mu vyacuzwe vyose. 52 Inzahabu zatanzwe n’abarongoye imice y’ingabo igihumbi n’ijana izo Mose na Eliyazeri bashikaniye Uhoraho zapimye shekeli ibihumbi cumi na bitandatu n’amajana indwi na mirongo itanu. 53 Uwagiye ku rugamba wese yatwaye isahu yari yazanye. 54 Mose na Eliyazeri umuherezi bakira ivyo abo bakuru b’ingabo igihumbi n’ijana batanze bavyinjiza mw’Ihema ry’Ibonaniro nk’icibutso ku Bisirayeli imbere y’Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-