Publicidade

Números 6

Ivyerekeye kuba umunaziri

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Barira Abisirayeli uti: ‘Umugabo canke umugore niyashaka gusezerana isezerano ridasanzwe, isezerano ryo kwiyegurira Uhoraho; ari kwo kuba umunaziri, 3 aze yirinde ntanywe umuvinyu canke ikindi kinyobwa kiboreza na kimwe canke inkarisha yakozwe mu muvinyu canke mu kindi kinyobwa cambiwe. Ntaze anywe umutobe ukozwe mu vyamwa vy’umuzabibu canke ngo arye ivyamwa vy’umuzabibu. 4 Igihe cose azoba akiri umunaziri, ntaze yigere arya ikintu na kimwe kiva mu muzabibu, n’aho zoba imbuto canke ibishishwa.

5 Mu kiringo cose iryo sezerano rizomara, ntaze yigere yikozako urwembe. Azogume ari uwera gushika ico kiringo co kwiyegurira Uhoraho giheze; aze areke umushatsi wo ku mutwe wiwe ukure ube muremure.

6 Muri ico kiringo co kwiyegurira Uhoraho ntaze yegere umuvyimba w’uwapfuye. 7 Naho yoba ari se canke nyina canke uwo bavukana yapfuye, ntaze yiyandurishe imivyimba yabo, kuko ikimenyetso co kwiyegurira Imana ciwe kiri ku mutwe wiwe. 8 Muri ico kiringo cose azoba yiyeguye azoba yatoranirijwe Uhoraho.

9 Umuntu niyapfa giturumbuka agapfira imbere yiwe, bigatuma yanduza umushatsi wiwe, aze yimoshe umushatsi ku musi wo guhumanurwa kwiwe, ari ho ku musi ugira indwi. 10 Hanyuma ku musi ugira umunani aze azane ivyana bibiri vy’inuma canke vy’intunguru, abihe umuherezi ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. 11 Uwo muherezi aze atange kimwe kw’ikimazi c’ivyaha ikindi kw’ikimazi co guturirwa kugira ngo amutangire impongano kuko yacumuye mu kwegera umuvyimba. Kuri uwo musi nyene aze asubire yegurire umutwe wiwe kuba uwera. 12 Aze yiyegurire Uhoraho mu kiringo cose yasezeranye kandi aze atange umwagazi w’intama utarengeje umwaka umwe w’ikimazi c’indishi. Ariko imisi yari amaze nta n’umwe uzoharurwa, kuko yabaye uwuhumanye mu gihe ciwe c’ubunaziri.

13 Iri ni ryo tegeko ku munaziri ahejeje ikiringo ciwe co kuba umunaziri: aze azanwe ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. 14 Aho ni ho azotangira ibimazi vyiwe vy’Uhoraho: impfizi y’intama imaze umwaka umwe itagira agasembwa y’ikimazi co guturirwa, umwagazi uvyara w’intama umaze umwaka umwe utagira agasembwa w’ikimazi c’ivyaha, impfizi y’intama y’ikimazi c’ishimwe, 15 biri kumwe n’amashikanwa y’ifu yavyo hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa yavyo, igiseke c’imikate itarimwo umwambiro, imikate ikozwe mw’ifu inoze neza ikaranzwe mu amavuta, n’imikate itarimwo umwambiro isize mavuta.

16 Umuherezi aze abizane imbere y’Uhoraho ace atanga ca kimazi c’ivyaha na ca kimazi co guturirwa. 17 Aze ashikane na ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro ace ashikanira Uhoraho ya mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, hamwe n’amashikanwa yaco y’ifu n’ibinyobwa.

18 Hanyuma wa munaziri akiri ngaho ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, aze yimoshe wa mushatsi yari yarateretse. Aze afate wa mushatsi awuterere mu muriro uri musi y’ikimazi c’impongano.

19 Uwo munaziri ahejeje kwimosha umushatsi yari yarateretse, umuherezi aze ashire mu minwe yiwe igitugu ca ya mpfizi y’intama yatetswe mu mazi, n’umukate umwe utetswe mu mavuta n’umukate umwe usizwe amavuta iri muri ca giseke, yompi izoba itarimwo umwambiro. 20 Umuherezi aze abizungagize imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza; bizoba ari ivyera kandi bibe ivy’umuherezi, harimwo na ca gikiriza cazungagizwa na rya tako ryatangwa. Inyuma y’ivyo, uwo munaziri ashobora kunywa umuvinyu.

21 Iryo ni ryo tegeko rigenga umunaziri yasezeranye kwiyegurira Uhoraho kubera isezerano. Bashobora kwongerako ikindi cose bashobora kuronka. Aze ashitse ico yasezeranye, nk’uko itegeko ryo kuba umunaziri rivuga.’ "

Imihezagiro abaherezi batanga

22 Uhoraho abarira Mose ati: 23 "Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Uku ni ko muzohezagira Abisirayeli. Muze mubabwire muti:

24 "Uhoraho aguhezagire

kandi akuzigame;

25 Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe

kandi akugirire ubuntu;

26 Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe

kandi aguhe amahoro." ’

27 Uko ni ko bazoshira izina ryanje ku Bisirayeli, nanje nzobahezagira."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-