Publicidade

Números 22

Balaki atumako Balamu

1 Nuko Abisirayeli bagenda berekeye ku kiyaya c’i Mowabu, baca bacumbika ku nkengera y’uruzi Yorodani hakurya y’i Yeriko.

2 Maze Balaki mwene Zipori abona ivyo Abisirayeli bakoreye Abamori, 3 Abanyamowabu baca bagira ubwoba bwinshi kuko Abisirayeli bari benshi. Kandi vy’ukuri Abanyamowabu baciye bihebura kubera Abisirayeli.

4 Nuko Abanyamowabu babarira abatware b’i Midiyani bati: "Iri sinzi ry’aba bantu bagiye kurigata ibintu vyose bidukikuje, baturigate nk’uko inka irisha ubwatsi."

Nuko Balaki mwene Zipori ari we yari umwami w’i Mowabu muri ico gihe, 5 Arungika intumwa guhamagara Balamu mwene Beyori, yari i Petori, hafi y’uruzi Efurate, iyo yavuka. Balaki aravuga ati:

"Hari abantu bavuye muri Egiputa; buzuye igihugu cose kandi begereye aho ndi. 6 Nuko rero nuze ubamvumire, kuko bandusha inkomezi. Kumbure noshobora kubanesha nkabasohora mu gihugu canje. Kuko nzi ko abo uhezagiye bahezagirwa, abo uvumye bakabako umuvumo."

7 Maze za ntumwa zari zigizwe n’abakuru b’i Mowabu n’i Midiyani baragenda, batwaye n’ingemu. Bashitse kwa Balamu, bamubarira ivyo Balaki yabatumye.

8 Balamu ababarira ati: "Nimurare ngaha, nanje nzobabwira inyishu Uhoraho azompa." Nuko abo bakuru b’i Mowabu bagumana na we.

9 Maze Imana iraza ibaza Balamu iti: "Abo bantu muri kumwe ni ba nde?"

10 Balamu yishura Imana ati: "Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu, yantumyeko ubutumwa buvuga ngo: 11 ‘Abantu bavuye muri Egiputa buzuye igihugu cose. None nuze ubamvumire. Kumbure noshobora kubagwanya no kubirukana mu gihugu.’ "

12 Ariko Imana ica ibwira Balamu iti: "Ntujane na bo. Ntuze uvume abo bantu kuko bahezagiwe."

13 Bukeye mu gitondo Balamu aravyuka abarira ba bakuru ba Balaki ati: "Nimusubire mu gihugu canyu, kuko Uhoraho yanse ko njana namwe."

14 Maze ba bakuru b’i Mowabu basubira kuri Balaki baramubwira bati: "Balamu yanse kuzanana natwe."

15 Hanyuma Balaki atuma abandi bakuru benshi kuruta ba bandi babarusha n’icubahiro. 16 Bashika kwa Balamu baramubwira bati:

"Balaki mwene Zipori avuze ngo: Ntihagire ikikubuza kuza iwanje, 17 kuko nzoguha impembo ishimishije kandi nzokora ico uzombwira cose. Nuze umvumire aba bantu."

18 Ariko Balamu arabishura ati: "Naho Balaki yompa inzahabu n’ifeza vyuzuye inzu yiwe, sinokora ikintu na kimwe, caba kinini canke gito, ngo ndenge kw’itegeko ry’Uhoraho Imana yanje. 19 Nuko nimurare hano nk’uko abandi bagize, nanje menye ico Uhoraho ari bumbarire."

20 Iryo joro Imana iraza ibaza Balamu iti: "Aba bantu ko baje kuguhamagara, jana na bo, ariko uze ukore ico nzokubwira gusa."

Indogoba ya Balamu

21 Balamu avyuka mu gitondo, ategura indogoba yiwe ajana n’abo bakuru b’i Mowabu. 22 Ariko Imana ishavuzwa cane n’uko Balamu agiye, maze umumarayika w’Uhoraho ahagarara mu nzira ngo amutangire. Balamu yari ku ndogoba yiwe, kandi yari kumwe n’abakozi biwe babiri. 23 Ya ndogoba ibona wa mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira afise inkota isokoye mu rwubati, ica irakevya ija mw’ishamba; ariko Balamu arayikubita ayisubiza mu nzira.

24 Nuko wa mumarayika w’Uhoraho ahagarara ahantu inzira yaga hagati y’imizabibu ibiri, hari impome zibiri ku mpande zose. 25 Ya ndogoba ibonye wa mumarayika w’Uhoraho, igerageza kumuca i ruhande yegera uruzitiro ruri ku nzira, ica ifyondera ikirenge ciwe kuri rwa ruzitiro. Nuko aca arasubira arayikubita.

26 Maze wa mumarayika w’Uhoraho arasubira yigira imbere ahagarara aho inzira yaga ata ho ishobora gukebereza, haba i buryo canke i bubamfu. 27 Ya ndogoba ibonye wa mumarayika w’Uhoraho, ica iryama hasi Balamu akiri kuri yo, na we aca arashavura cane aca arayikubita. 28 Nuko Uhoraho yugurura akanwa ka ya ndogoba, ibwira Balamu iti: "Mbega nagukoreye iki ko umaze kunkubita gatatu kose?"

29 Balamu yishura iyo ndogoba ati: "Wankinishije! Iyo mba mfise inkota, mba ndakwishe ubu nyene!"

30 Ya ndogoba yishura Balamu iti: "Mbega sindi indogoba yawe, iyo wahora ugenderako, gushika uwu musi? Mbega nari bwagukorere nk’ibi?"

Arishura ati: "Oya."

31 Nuko Uhoraho yugurura amaso ya Balamu, abona wa mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira yasokoye inkota mu rwubati. Aca arunama aryama hasi.

32 Wa mumarayika w’Uhoraho aramubaza ati: "Wakubitiye iki iyo ndogoba yawe gatatu kose? Nzanywe no kugutangira kuko inzira uriko urajana itari yo mu maso yanje. 33 Indogoba yambonye ica irakevya gatatu kose. Iyo idakevya, ubu mba nakwishe, ariko yo nkayireka."

34 Balamu yishura Umumarayika w’Uhoraho ati: "Nacumuye. Sinamenye ko uhagaze mu nzira ngo untangire. Ubu niwaba udashaka ko ngenda, nca nsubira inyuma."

35 Uwo mumarayika w’Uhoraho abarira Balamu ati: "Jana n’abo bantu, ariko uzovuga ivyo nkubwira gusa." Nuko Balamu ajana n’abo bakuru ba Balaki.

36 Balaki amenye ko Balamu ariko araza, arasohoka aja kumusanganira mu gisagara c’Abanyamowabu kiri ku nkengera ya Arunoni, ku rubibe rw’igihugu ciwe. 37 Balaki abarira Balamu ati: "Mbega ko nagutumyeko ubutumwa bwihutirwa ntuze? Ni kubera iki utaje kare? Mbega wibaza ko ntashoboye kuguha ingero ikwiye?"

38 Balamu arishura ati: "Ehe ndaje ubu, ariko sinshobora kuvuga ico nishakiye. Nja kuvuga ivyo Imana ija gushira mu kanwa kanje gusa."

39 Nuko Balamu ajana na Balaki i Kiriyati-Huzoti. 40 Balaki atanga ibimazi vy’inka n’intama, bimwe abiha Balamu na ba bakuru bari kumwe na we. 41 Bukeye mu gitondo Balaki atwara Balamu ku musozi Bamoti-Bayali, aho ashobora kubona igice c’Abisirayeli.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-