Publicidade

Números 20

Amazi ava mu gitandara

1 Mu kwezi kwa mbere Abisirayeli bose bashika mu bugaragwa bw’i Zini, baca baguma i Kadeshi. Aho ni ho Miriyamu yapfiriye aca ahambwaho.

2 Nuko habura amazi, abantu bahagurukira kugwanya Mose na Aroni. 3 Batatira Mose bavuga bati: "Iyo dupfuma dupfira rimwe na benewacu hamwe bagwa imbere y’Uhoraho! 4 Ni kuki mwazanye abantu b’Uhoraho muri ubu bugaragwa, kugira ngo twebwe n’ibitungwa vyacu dupfire hano? 5 Ni kuki mwatuduganye mudukuye muri Egiputa mukatuzana aha hantu habi? Nta ngano, nta misukoni, nta mizabibu canke amakomamanga; kandi nta n’amazi yo kunywa ariho!"

6 Mose na Aroni bava imbere y’ikoraniro baja ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro bubama hasi, maze ubwiza bw’Uhoraho burababonekera. 7 Uhoraho abarira Mose ati: 8 "Akira ya nkoni yawe, ugende mwe na Aroni mukurwawe ukoranye Abisirayeli bose. Uze ubwire ico gitandara imbere yabo na co kizosuka amazi yaco. Uzokura amazi muri ico gitandara kugira ngo iryo koraniro ryose n’ibitungwa vyabo baze banywe."

9 Nuko Mose afata ya nkoni ayikura imbere y’Uhoraho, nk’uko yari yamutegetse. 10 We na Aroni bakoranya Abisirayeli bose imbere ya ca gitandara hanyuma Mose ababarira ati: "Umvirize yemwe mwa bagarariji mwe! Mbega twoshobora gukura amazi muri iki gitandara ngo munywe?" 11 Nuko Mose akiriza ukuboko kwiwe akubita ca gitandara kabiri na ya nkoni yiwe. Amazi aca aradudubiza, abantu baranywa n’ibitungwa vyabo.

12 Ariko Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: "Kubera yuko mutanyizigiye bikwiye ngo mumpeshe icubahiro nk’Uwera imbere y’Abisirayeli, ntimuzoshikana ubu bwoko mu gihugu ngiye kubaha."

13 Ayo ni yo mazi y’i Meriba, amazi y’imitongano, aho Abisirayeli batonganije Uhoraho na we akerekana ukwera kwiwe muri bo.

Abanyedomu bima Abisirayeli inzira

14 Mose arungika intumwa zivuye i Kadeshi ku mwami wa Edomu abatuma ati:

"Ibi ni vyo abavukanyi banyu b’Abisirayeli babasavye: Murazi ibihe bigoye twaciyemwo. 15 Ba sogokuruza bacu bagiye muri Egiputa, hanyuma tubayo imyaka myinshi cane. Abanyegiputa badukorera ikibi cane twebwe na ba sogokuru bacu, 16 ariko tumaze gutakambira Uhoraho, aratwumva aca atuma umumarayika adukura muri Egiputa.

Ubu rero turi ngaha i Kadeshi, igisagara kiri ku rubibe rw’igihugu canyu. 17 Nimutureke duce mu gihugu canyu. Ntituzoca mu murima n’umwe canke mu mizabibu, canke ngo tunywe amazi yo mw’iriba na rimwe. Tuzoca mw’Ibarabara ry’Umwami tudahindukira i buryo canke i bubamfu kugeza turenganye igihugu canyu."

18 Ariko Abanyedomu babishura bati:

"Ntimuze muce hano; nimwanabigerageza, tuzosohoka tubatere tubagwanishe inkota."

19 Abisirayeli babishura bati:

"Tuzokwijanira ibarabara rikuru, kandi yaba twebwe canke ibitungwa vyacu bizonywa ku mazi yanyu, tuzoyariha. Ico tugomba ni ukurengana nta kindi."

20 Barasubira babishura bati:

"Ntimuze muce hano."

Nuko Abanyedomu baraza kubatangira ngo babagwanye bafise ingabo nyinshi kandi zikomeye. 21 Abanyedomu bamaze kubima inzira ngo bace mu gihugu cabo, Abisirayeli barahindukira bicira ahandi.

Urupfu rwa Aroni

22 Nuko Abisirayeli bose bava i Kadeshi baja ku musozi Hori. 23 Kuri uwo musozi Hori, hafi y’urugabano rwa Edomu, Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 24 "Aroni agiye gupfa ahamvye ab’iwabo. Ntazokwinjira mu gihugu ngiye guha Abisirayeli, kuko mwempi mwagararije itegeko ryanje ku mazi y’i Meriba. 25 Twara Aroni n’umuhungu wiwe Eliyazeri ku musozi Hori. 26 Wambure Aroni impuzu ziwe uzambike umuhungu wiwe Eliyazeri, kuko Aroni agiye guhamvya ab’iwabo, azopfira aho nyene."

27 Mose akora nk’uko Uhoraho yamutegetse: Baduga wa musozi Hori ishengero ryose ribaraba. 28 Mose yambura Aroni za mpuzu ziwe azambika umuhungu wiwe Eliyazeri. Maze Aroni apfira aho nyene ku gatwe k’uwo musozi. Mose na Eliyazeri bamanuka wa musozi, 29 abantu bose bamaze kumenya ko Aroni yapfuye, Abisirayeli bose baramugandarira imisi mirongo itatu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-