Publicidade

Números 21

Abanyakanani batsindwa

1 Umwami w’Umunyakanani yaganza ahitwa Aradi, yaba i Negebu, yumva ko Abisirayeli bariko baraza baciye mu nzira ija i Atarimu, aca atera Abisirayeli kandi afata bamwe muri bo abagira imbohe. 2 Nuko Abisirayeli basezerana iri sezerano imbere y’Uhoraho bati: "Niwagabura aba bantu mu maboko yacu, natwe tuzosambura rwose ibisagara vyabo." 3 Uhoraho yumva ugutakamba kwabo aca agabura abo Banyakanani mu maboko yabo. Baca barabarandura bose mbere basambura n’ibisagara vyabo vyose. Aho hantu haca hitwa Horuma risigura "imisaka".

Inzoka y’umwakaka

4 Baragenda bava ku musozi Hori bajana inzira ija ku Kiyaga Gitukura, kugira ngo bazunguruke ntibace mu gihugu ca Edomu. Ariko abantu barambirwa n’urugendo; 5 batangura kuvuga nabi Imana na Mose bati: "Ni kuki mwadukuye muri Egiputa ngo tuze gupfira mu bugaragwa? Nta vyokurya bihari! Nta mazi ahari! Kandi n’ibi vyokurya manu bitagira ikimazi vyatuduhiye!"

6 Nuko Uhoraho arungika inzoka z’ubumara muri bo; zirabakomora Abisirayeli benshi barapfa. 7 Abantu baza aho Mose yari ari bamubarira bati: "Twacumuye kuko twavuze nabi Uhoraho na wewe. Dusengere Uhoraho adukuremwo izi nzoka." Nuko Mose aca arabasengera.

8 Uhoraho abarira Mose ati: "Kora inzoka uyimanike ku giti; umuntu wese yakomowe n’inzoka niyayiraba arakira." 9 Nuko Mose acura inzoka mu mwakaka ayimanika ku giti. Maze umuntu wese yari yakomowe n’inzoka, aravye ya nzoka y’umuringa, yaca akira.

Bagenda i Mowabu

10 Maze Abisirayeli barunguruza bacumbika i Oboti. 11 Mu nyuma barunguruza bava i Oboti bacumbika muri Iye Abarimu, mu bugaragwa buri mu buseruko bwa Mowabu. 12 Bava ngaho barunguruza bacumbika mu kiyaya ca Zeredi. 13 Bava aho barabandanya bacumbika ku nkengera za Arunoni. Urwo ruzi Arunoni ni rwo rwagabura igihugu ca Mowabu n’ic’Abamori. 14 Ni co gituma mu gitabu c’ivy’Intambara z’Uhoraho hariho ahavuga ngo:

"Wahebu muri Sufa n’imigezi yisuka muri rwo,

Arunoni 15 n’imigezi yisuka muri rwo

inkombe zarwo zo kuri Ari

ni zo rubibe rwa Mowabu."

16 Bava ngaho barabandanya no kuri Beyeri, iriba riri aho Uhoraho yabwiriye Mose ati: "Koranya abantu nanje ngiye kubaha amazi."

17 Nuko Abisirayeli baririmba indirimbo ivuga ngo:

"Dudubiza, wa riba!

Nimuriririmbe

18 rya riba ryimbwa n’abaganwa,

ryatobowe n’abanyacubahiro

bakoresheje amacumu yabo n’inkoni zabo."

Nuko bava mu bugaragwa baja i Matana, 19 Bava i Matana baja i Nahaliyeli, bava i Nahaliyeli baja i Bamoti, 20 bavuye i Bamoti baja mu kiyaya c’i Mowabu aho umuntu ashobora kubona ubugaragwa ari ku gatwe k’umusozi wa Pisiga.

Ukuneshwa kwa Sihoni na Ogi

21 Abisirayeli barungika intumwa kubwira Sihoni umwami w’Abamori bati:

22 "Nimutureke duce mu gihugu canyu. Ntituzohindukira ngo turabe ku ruhande mu mirima yanyu canke mu nzabibu zanyu, canke ngo tunywe amazi yo mu mariba yanyu. Tuzokwicira mw’Ibarabara ry’Umwami, gushika twirenganiye tukava mu gihugu canyu."

23 Ariko Sihoni ntiyemerera Abisirayeli guca mu gihugu ciwe. Aca akoranya ingabo ziwe zose aja mu bugaragwa gutera Abisirayeli; ashitse i Yahazi, agwana na bo. 24 Abisirayeli baramugwanya baramunesha babamarisha inkota bafata n’igihugu ciwe kuva ku ruzi Arunoni gushika kuri Yaboki, gushika ku rubibe rwo mu buseruko bw’Abamoni, kuko urwo rubibe rwari ruzitijwe inzitiro. 25 Bafata ibisagara vyose vy’Abamori, harimwo Heshiboni n’imihana yose ihakikuje. 26 Heshiboni cari igisagara ca Sihoni umwami w’Abamori, uwo yari yaragwanye n’umwami yahora aganza i Mowabu aca afata ico gihugu ciwe gushika ku ruzi rwa Arunoni.

27 Ni co gituma abavuga ivyese bavuze ngo:

"Nimuze i Heshiboni muhubake;

igisagara ca Sihoni nigisubire cubakwe.

28 Umuriro wadutse uva muri Heshiboni

urubeya rwavuye mu gisagara ca Sihoni.

Rwaturiye muri Ari ahantu ho muri Mowabu,

N’abanyagihugu baba ku nkengera za Arunoni.

29 Uragowe, yewe Mowabu!

Murasambuwe, yemwe bantu basenga Kemoshi!

Abahungu babo babaye impunzi

n’abakobwa babaye inyagano,

za Sihoni umwami w’Abamori.

30 Ariko twarashe imyampi ku Bamori;

I Heshiboni hasambuwe, gushika i Diboni.

Twahasambuye gushika i Nofa,

mbere n’Umuriro wararurumvye gushika i Medeba."

31 Nuko Abisirayeli baca bashinga amahema mu gihugu c’Abamori.

32 Mose amaze kurungika abatasi mu gisagara c’i Yazeri, Abisirayeli baca bafata ibigwati bihakikuje basohora Abamori bari muri vyo. 33 Nuko barahindukira bafata inzira iduga ija i Bashani; maze Ogi, umwami w’i Bashani, n’ingabo ziwe zose baza guhura na bo kugira ngo bagwanire ahitwa Edireyi.

34 Uhoraho abarira Mose ati: "Ntimumutinye kuko namutanze mu maboko yanyu, we n’ingabo ziwe zose n’igihugu ciwe. Muze mumukorere nk’ivyo mwakoreye Sihoni umwami w’Abamori, yaganza i Heshiboni."

35 Nuko baramugwanya baramunesha, n’abahungu biwe bose n’ingabo ziwe zose, ntibasigaza umuntu n’umwe. Baca begukira igihugu ciwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-