1 Mu biyaya vy’i Mowabu ku nkengera z’uruzi Yorodani hakurya ya Yeriko, Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Bwira Abisirayeli baze bahe Abalewi ibisagara vyo kubamwo bivuye mu mugabane Abisirayeli bazoronka. Kandi babahe n’uburagiro i ruhande y’ivyo bisagara. 3 Ni ho bazoronka ibisagara vyo kubamwo n’uburagiro bw’amasho yabo, imikuku yabo n’ibindi vyose batunze.
4 Uburagiro buzoba buri inyuma y’ibisagara muzoha Abalewi buzoba bushika ku ngero z’igice c’ukuboko igihumbi uvuye ku ruzitiro rw’igisagara. 5 Inyuma y’igisagara, muze mupime ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu buseruko, ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu bumanuko, ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu burengero n’ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu buraruko, igisagara na co kibe hagati. Ubwo buzoba ari uburagiro bwabo bwegukira ivyo bisagara.
6 Ibisagara bitandatu mu vyo muzoha Abalewi bize bibe ibisagara vy’ubuhungiro, ivyo umuntu yishe uwundi azoshobora guhungiramwo. Kuri ivyo, muze mwongereko ibisagara mirongo ine na bibiri. 7 Vyose hamwe muze muhe Abalewi ibisagara mirongo ine n’umunani, biri kumwe n’uburagiro bwavyo. 8 Ibisagara muzoha Abalewi mu gihugu Abisirayeli bagiye kuzokwegukira bize bitangwe muravye uko umugabane w’umuryango wose ungana: muze mutange ibisagara vyinshi ku muryango ufise abantu benshi, ariko ku wufise bake muze mutange bike."
9 Nuko Uhoraho abarira Mose ati: 10 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Nimwajabuka Yorodani muja i Kanani, 11 muze mutoranye ibisagara bimwe kuba ibisagara vy’ubuhungiro, ivyo umuntu azoba yishe uwundi atabiteguye azohungiramwo. 12 Bizoba ibibanza vyo guhungiramwo umuhozi, kugira ngo uwo muntu yagirizwa ubwicanyi ntapfe ataracirirwa urubanza imbere y’ikoraniro. 13 Ivyo bisagara bitandatu bizoba ibisagara vy’ubuhungiro. 14 Muze mutange ibisagara bitatu hakuno ya Yorodani na bitatu i Kanani. 15 Ivyo bisagara uko ari bitandatu bize bibe ivyo guhungiramwo ku Bisirayeli, inyambukira canke uwundi muntu wese aba hagati muri mwebwe, kugira ngo uwishe uwundi atabishaka ashobore guhungirayo.
16 Umuntu niyakubita uwundi icuma agaca apfa, azoba ari umwicanyi; uwo mwicanyi aze yicwe. 17 Canke umuntu azoba afise ibuye mu ntoke rishobora kwica, akaritera uwundi ngo apfe, azoba ari umwicanyi; uwo mwicanyi aze yicwe. 18 Kandi umuntu niyaba afise ikintu gikozwe mu giti mu ntoke gishobora kwica, hanyuma akagikubita umuntu kugira ngo apfe, ni umwicanyi; uwo mwicanyi aze yicwe. 19 Uwuhora amaraso yasheshwe aze yice uwo mwicanyi; niyahura na we, aze amwice. 20 Umuntu niyasunika mugenziwe n’inzigo canke akamutera ikintu afise intumbero yo kumwica 21 canke akamukubita ingumu n’inzigo kugira ngo apfe, azoba ari umwicanyi. Uwujejwe guhora amaraso yasheshwe aze yice uwo mwicanyi niyahura na we.
22 Ariko umuntu niyica mugenziwe ata nzigo yari amufitiye mu kumusunika atabigabiye canke akamutera ikintu 23 canke akamurekurirako ibuye atamubonye bigatuma apfa, ko atari umwansi wiwe kandi atari yagabiye kumugirira nabi, 24 ikoraniro rize ribacire urubanza we n’umuhozi bisunze aya mategeko. 25 Ikoraniro rize rikingire uwagirijwe ko yishe umuntu ngo umuhozi ntamwice kandi baze bamurungike asubire mu gisagara c’ubuhungiro aho yari yahungiye. Aze agumeyo gushika aho umuherezi mukuru azopfira, uwarobanujwe amavuta yo kurobanura.
26 Ariko uwo yagirizwa niyaja hanze akarenga imbibe z’igisagara c’ubuhungiro yahungiyemwo 27 maze umuhozi akamusanga hanze y’ico gisagara, uwo muhozi ashobora kumwica kandi ntazotsindwa n’urubanza ko ari umwicanyi. 28 Uwo yagirizwa ategerezwa kuguma mu gisagara c’ubuhungiro gushika aho umuherezi mukuru azopfira; inyuma y’urupfu rw’umuherezi mukuru ni ho honyene yemerewe gusubira iwe.
29 Aya azobe amategeko mugenderako uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, aho muzoba muba hose.
30 Umuntu wese azokwica uwundi aze yicwe nk’umwicanyi ariko nihaboneka abamwagiriza. Ariko ntihaze hagire uwicwa hisunzwe ivyavuzwe n’icabona kimwe.
31 Ntimuze mwemere incungu y’umwicanyi, kandi ategerezwa gupfa. Ntaze abure kwicwa.
32 Ntimuze mwemere incungu y’uwahungiye mu gisagara c’ubuhungiro ngo mumwemerere kugaruka ngo abe iwe imbere y’uko umuherezi mukuru apfa.
33 Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo. Amaraso asheshwe ahumanya igihugu, kandi nta mpongano ishobora gutangwa aho amaraso yasesetse, atari amaraso y’uwayasheshe. 34 Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo kuko nanje ari ho mba. Ndi Uhoraho kandi mba hagati mu Bisirayeli.’ "