1 Abakobwa ba Zelofehadi mwene Heferi, umuhungu wa Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, bose bakomoka kuri Manase mwene Yosefu. Amazina y’abo bakobwa yari Mahala, Noha, Hogula, Milika na Tiriza. Baragenda begera 2 umuryango w’Ihema ry’Ibonaniro bahagarara imbere ya Mose, ya Eliyazeri umuherezi, ya ba bakuru n’ikoraniro ryose, bavuga bati: 3 "Data yapfiriye mu bugaragwa. Ntiyari mu bakurikiye Kora, bagize akagwi ko kugwanya Uhoraho, ariko yishwe n’icaha ciwe kandi nta bahungu yasize. 4 None ni co cotuma izina rya data rizimangana mu muryango wiwe ngo ni uko ata muhungu yavyaye? Turasavye umugabane mu bo mu muryango wa data."
5 Nuko Mose ajana ikibazo cabo imbere y’Uhoraho 6 hanyuma Uhoraho amubwira ati: 7 "Ivyo abakobwa ba Zelofehadi bavuga ni vyo. Uze ubahe itongo nk’iragi muri ba sewabo, umugabane wa se uwubahe.
8 Bwira Abisirayeli uti: ‘umuntu niyapfa adasize umuhungu, umugabane wiwe uze uhabwe umukobwa wiwe. 9 Niyaba adafise umukobwa, umugabane wiwe uze uhabwe abahungu bavukana na we. 10 Niyaba adafise abahungu bavukana, uwo mugabane wiwe uze uhabwe abahungu bavukana na se wiwe. 11 Se wiwe niyaba adafise abahungu bavukana, muze muhe uwo mugabane wiwe uwo mu muryango wiwe wa hafi, kugira ngo awegukire. Iki kize kibe ikintu cemewe n’amategeko mu Bisirayeli, nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.’ "
12 Nuko Uhoraho abarira Mose ati: "Duga uwu musozi wo mu misozi igize Abarimu urabe igihugu ngiye guha Abisirayeli. 13 Niwamara kukibona, nawe nyene uzohamvya abanyu, nk’uko vyagenze kuri Aroni mukurwawe, 14 kuko igihe ikoraniro ryagumuka kuri ya mazi yo mu bugaragwa bw’i Zini, mwempi ntimwumviye itegeko ryanje ngo mumpeshe icubahiro nk’Uwera imbere y’amaso yabo." (Ayo ni ya mazi y’i Meriba i Kadeshi, mu bugaragwa bw’i Zini.)
15 Mose abarira Uhoraho ati: 16 "Icompa Uhoraho, Imana y’impwemu z’abantu bose, agashiraho umuntu wo kurongora ubu bwoko 17 kugira ngo abaje imbere amaja n’amaza, uwuzobarongora basohotse canke binjira, kugira ngo abantu b’Uhoraho ntibabe nk’intama zitagira umwungere."
18 Nuko Uhoraho abarira Mose ati: "Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikeko ikiganza. 19 Umuhagarike imbere ya Eliyazeri umuherezi n’ishengero ryose umushikirize ibikorwa imbere yabo. 20 Umuhe ku bubasha bwawe kugira ngo ishengero ry’Abisirayeli bose baze bamwumvire. 21 Aze ahagarare imbere ya Eliyazeri umuherezi, kuko ari we azomushikiriza ingingo zivuye k’Uhoraho, azoronka akoresheje ubupfindo bwa Urimu. Ategetse we n’Abisirayeli bose bazosohoka, ategetse bazokwinjira."
22 Mose akora nk’uko Uhoraho yari yamutegetse. Ajana Yosuwa amuhagarika imbere ya Eliyazeri umuherezi n’ikoraniro ryose. 23 Maze amurambikako ibiganza aca aramutuma, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse biciye muri Mose.