1 Muri iryo joro abantu bose bashira amajwi yabo hejuru bararira, baraboroga. 2 Abisirayeli bose bidodombera Mose na Aroni, kandi ikoraniro ryose rirababarira riti: "Iyo dupfuma dupfira muri Egiputa, canke muri buno bugaragwa! 3 Ni kuki Uhoraho atujanye muri kirya gihugu ngo tuje kwicishwa inkota? Abagore bacu n’abana bacu bazojanwe nk’inyagano. Mbega ivyotubera vyiza si uko twokwisubirira muri Egiputa?" 4 Nuko baravugana bati: "Reka twitorere uwuturongora duheze twisubirire muri Egiputa."
5 Nuko Mose na Aroni bikubita hasi imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli. 6 Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune, mu bari baduze gutata ico gihugu, bitabagurirako impuzu zabo 7 babarira Abisirayeli bose bati: "Igihugu twaciyemwo ni igihugu ciza cane. 8 Uhoraho nimba atunezererewe, azoturongora akiduhe. 9 Ariko, ntimugararize Uhoraho kandi ntimutinye abantu bo muri ico gihugu, kuko tuzobamira miyonzwa. Icabakingira cakuweho, ariko tweho Uhoraho ari kumwe natwe. Ntimubatinye."
10 Ariko ikoraniro ryose ritangura kuvugana ngo babatere amabuye. Maze ubwiza bw’Uhoraho bubonekera Abisirayeli bose buri kuri rya hema ry’ibonaniro. 11 Uhoraho abarira Mose ati: "Aba bantu bazogeza ryari kunkengera? Bazogeza hehe kutanyizera, n’ibimenyetso bitangaje nakoreye hagati muri bo? 12 Reka ndabateze icago ndabamare, ariko wewe nzokugira ihanga rinini kandi rikomeye rizobarusha inkomezi."
13 Mose abaza Uhoraho ati: "None Abanyegiputa bazokwiyumvira iki nibavyumva? Kuko wakuje iri hanga muri Egiputa ukuboko kwawe kw’inkomezi. 14 Niwabarandura bazovyumva kandi babibwire ababa muri iki gihugu, bamaze kwumva ko wewe Uhoraho, uri kumwe n’iri hanga kandi ko wewe Uhoraho bakwiboneye amaso ku yandi, ko igicu cawe kiba hejuru yabo, kandi ko ubaja imbere mu nkingi y’igicu ku murango n’inkingi y’umuriro mw’ijoro. 15 Niwicira aba bantu bose icarimwe, ya mahanga yumvise ivyo wakoze bazovuga bati: 16 ‘Uhoraho ntiyari ashoboye gushikana aba bantu mu gihugu yari yarabarahiye ko azokibaha; ni co catumye abicira mu bugaragwa.’
17 Ubu rero icompa inkomezi z’Imana zikiyerekana, nk’uko wabivuze uti: 18 ‘Uhoraho ateba kuraka, yuzuye urukundo rwinshi kandi ababarira icaha n’ubugarariji. Ariko ntazokwirengagiza guhana uwacumuye; ahora abana icaha ca ba se gushika ku runganwe rugira gatatu n’urugira kane.’ 19 Nk’uko urukundo rwawe rwinshi ruri, harira icaha c’ubu bwoko, nk’uko wamye ubaharira kuva igihe baviriye muri Egiputa kugeza n’ubu."
20 Uhoraho arishura ati: "Ndabahariye, nk’uko ubinsavye. 21 Ariko, ndahiye uguhoraho kwanje n’ubwiza bwanje bwuzuye isi yose, 22 nta n’umwe mu babonye ubwiza bwanje n’ibitangaza nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa ariko bakangarariza kandi bakangerageza incuro icumi zose; 23 azobona ico gihugu nasezeraniye ba sekuruza nkabarahira ko nzokibaha. Nta n’umwe mu bankengereye azokwigera akibona. 24 Ariko kubera umusavyi wanje Kalebu afise impwemu itandukanye n’iyabo kandi akankurikira n’umutima wiwe wose, nzomujana mu gihugu yagiye gutata, kandi uruvyaro rwiwe ruzoragwa ico gihugu. 25 Ko Abamaleki n’Abanyakanani baba mu biyaya, ejo muze muhindukire mugende mwerekeye mu bugaragwa mu nzira ija ku Kiyaga Gitukura."
26 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 27 "Aba bantu bononekaye bazogeza ryari kunyidodombera? Numvise imyidodombo y’aba Bisirayeli banyidodombera. 28 Nuko rero mubabwire muti uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Ndahiye uguhoraho kwanje, nzobakorera ivyo nyene numvise mwivugiye: 29 Imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa, umuntu wese muri mwebwe afise imyaka mirongo ibiri n’iyirenga yaharuwe muri rya harura kandi yanyidodombeye. 30 Nta n’umwe wo muri mwebwe azokwinjira mu gihugu narahiye manitse ukuboko kwanjeko nzokibaha kikaba ahantu hanyu muba, atari Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni. 31 Abana banyu mwavuze ngo bazojanwa kw’inyagano, ni bo nzojanayo banezerererwe ivyiza vy’ico gihugu mwateye ibitugu. 32 Ariko mweho, imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa. 33 Abana banyu bazoba abungere hano kumara imyaka mirongo ine, bababazwe n’uguhemuka kwanyu, kugeza aho umuvyimba wa nyuma wo muri mwebwe uzokumbagarira muri ubu bugaragwa. 34 Kumara imyaka mirongo ine; umwaka wose uzohura n’umusi umwe muri ya misi mirongo ine mwamara muri gutata ico gihugu, muzoyimara mubabazwa kubera ivyaha vyanyu. Ni ho muzomenyera ico ari co kungira nk’umwansi wanyu.’ 35 Ni jewe Uhoraho ndabivuze, kandi nzobishitsa kuri iri hanga ribi, ryahagurukiye rimwe kungwanya. Bazohonera muri ubu bugaragwa; ni ho bazopfira."
36 Nuko ba bagabo Mose yari yatumye gutata igihugu, ari bo bagarutse bakagumura iryo hanga ryose kumugwanya mu gukwiza inkuru mbi y’ico gihugu, 37 abo bagabo nyene bakwije iyo nkuru mbi y’ico gihugu baciye bafatwa n’ikiza aho nyene imbere y’Uhoraho baca bagwaho. 38 Muri abo bagabo bari barungitswe gutata ico gihugu hasigaye Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune gusa.
39 Nuko Mose amaze kubibwira Abisirayeli, bose baca baborogera rimwe bikomeye. 40 Mu gitondo ca kare baca barahaguruka ngo baduge mu karere k’imisozi miremire. Bavuga bati: "Twaracumuye. Ubu turiteguye kuja muri ca gihugu Uhoraho yadusezeranira."
41 Ariko Mose arababarira ati: "Ni kuki muriko murarenga kw’itegeko ry’Uhoraho? Nta co muzoshikako! 42 Ntimuduge, kuko Uhoraho atari kumwe namwe. Muzoneshwa n’abansi banyu, 43 kuko Abamaleki n’Abanyakanani bazobatangirira aho hantu. Kubera ko mwateye ibitugu Uhoraho, ntazobana namwe muzokwicwa n’inkota."
44 Ariko banka kwumva, mu bwibone bwabo baraduga baja muri iyo misozi, naho Mose na ya sandugu y’isezerano batigeze bava aho bari bacumbitse. 45 Nuko Abamaleki n’Abanyakanani baba muri iyo misozi baramanuka barabatera bagenda barabica gushika i Horuma.