Publicidade

Números 1

Abisirayeli baharurwa ubwa mbere

1 Uhoraho avugana na Mose ari mw’Ihema ry’Ibonaniro mu bugaragwa bw’i Sinayi ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri, mu mwaka ugira kabiri Abisirayeli bavuye muri Egiputa, amubwira ati: 2 "Harura Abisirayeli bose ukurikije imiryango yabo n’inzu zabo, ushire ku rutonde amazina y’ingabo kandi uharure umwumwe. 3 Mwe na Aroni muze muharure abagabo bose b’Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ibiri canke irenga, bashobora kuja ku rugamba, mubashire mu migwi yabo. 4 Umugabo aserukira umuryango akaba n’umukuru wawo azobafashe muri ico gikorwa.

5 Aya ni yo mazina y’abazogufasha:

mu muryango wa Reyubeni, ni Elisuri mwene Shedewuri;

6 mu muryango wa Simeyoni, ni Shelumiyeli mwene Zurishadayi;

7 mu muryango wa Yuda, ni Nahashoni mwene Aminadabu;

8 mu muryango wa Isakari, ni Netaneli mwene Zuwari;

9 mu muryango wa Zebuloni, ni Eliyabu mwene Heloni;

10 muri bene Yosefu:

mu muryango wa Efurayimu, ni Elishama mwene Amihudi;

mu muryango wa Manase, ni Gamaliyeli mwene Pedasuri;

11 mu muryango wa Benyamini, ni Abidani mwene Gidiyoni;

12 mu muryango wa Dani, ni Ahiyezeri mwene Amishadayi;

13 mu muryango wa Asheri, ni Pagiyeli mwene Okurani;

14 mu muryango wa Gadi, ni Eliyasafu mwene Dewuyeli;

15 mu muryango wa Nafutali, ni Ahira mwene Enani."

16 Abo ni bo batowe mw’ihanga ryose, bakaba bari abakuru b’imiryango ya ba sekuruza babo. Ni bo kandi bari abakuru b’amazu y’imiryango ya Isirayeli.

17 Nuko Mose na Aroni begeranya abo bantu batowe, 18 baca batumako ikoraniro ry’ihanga ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri. Abantu bariyandikisha bakurikije amazu yabo n’imiryango yabo, hanyuma abagabo bakwije imyaka mirongo ibiri n’iyirenga barandikwa, umwumwe wese ku rutonde rw’amazina, 19 nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose. Yabaharuriye mu bugaragwa bw’i Sinayi.

20 Mu bakomoka kuri Reyubeni imfura ya Isirayeli:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 21 Igitigiri c’abakomoka kuri Reyubeni cari ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu.

22 Mu bakomoka kuri Simeyoni:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 23 Igitigiri c’abakomoka kuri Simeyoni cari ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu.

24 Mu bakomoka kuri Gadi:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 25 Igitigiri c’abakomoka kuri Gadi cari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu.

26 Mu bakomoka kuri Yuda:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 27 Igitigiri c’abakomoka kuri Yuda cari ibihumbi mirongo indwi na bine n’amajana atandatu.

28 Mu bakomoka kuri Isakari:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 29 Igitigiri c’abakomoka kuri Isakari cari ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane.

30 Mu bakomoka kuri Zebuloni:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 31 Igitigiri c’abakomoka kuri Zebuloni cari ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane.

32 Abo mu bahungu ba Yosefu:

Mu bakomoka kuri Efurayimu,

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 33 Igitigiri c’abakomoka kuri Efurayimu cari ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu.

34 Mu bakomoka kuri Manase,

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwe umwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 35 Igitigiri c’abakomoka kuri Manase cari ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri.

36 Mu bakomoka kuri Benyamini:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwe umwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 37 Igitigiri c’abakomoka kuri Benyamini cari ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane.

38 Mu bakomoka kuri Dani:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 39 Igitigiri c’abakomoka kuri Dani cari ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi.

40 Mu bakomoka kuri Asheri:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 41 Igitigiri c’abakomoka kuri Asheri cari ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu.

42 Mu bakomoka kuri Nafutali:

Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 43 Igitigiri c’abakomoka kuri Nafutali cari ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane.

44 Abo ni bo bagabo baharuwe na Mose na Aroni na ba bakuru icumi na babiri batowe mu Bisirayeli, umwe wese aserukira umuryango na ba sekuruza akomokako. 45 Abisirayeli bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba baraharuwe hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo. 46 Igitigiri cabo bose hamwe cari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu.

47 Ariko abakomoka kuri Lewi ntibaharuwe hamwe n’abandi. 48 Uhoraho yari yarabariye Mose ati: 49 "Ntimuze muharure abakomoka kuri Lewi canke ngo mubashire hamwe n’abandi mu guharura Abisirayeli. 50 Ariko, Abalewi uzobazeze igikorwa co kwitaho ivyo mw’ihema ry’ibonaniro, bazezwe ibikoresho vyaho hamwe n’ibintu vyose biri muri ryo. Ni bo bazoterura ihema n’ibikoresho vyaryo vyose; baze baryitwararike kandi bacumbike barikikuje. 51 Igihe cose bizoba bikenewe ko ihema ryimurwa, Abalewi baze bazobe ari bo barizinga, na ho bikenewe ko rishingwa, Abalewi bazobe ari bo barishinga. Uwundi muntu wese azoryegera aze yicwe. 52 Abisirayeli baze bashinge amahema yabo mu migwi, umuntu wese azobe mu muce agenewe, abe musi y’ibendera ryabo. 53 Ariko Abalewi bo baze bashinge amahema yabo bakikuje iryo hema ry’isezerano kugira ngo simpave ndakira Abisirayeli. Abalewi ni bo bajejwe kwitaho ihema ry’isezerano."

54 Nuko Abisirayeli bakora vyose nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-