Publicidade

Números 11

Umuriro uvuye k’Uhoraho

1 Muri iyo misi, Abisirayeli bidodombera Uhoraho kubera ingorane barimwo. Uhoraho avyumvise araraka. Maze umuriro uvuye k’Uhoraho urarurumba uturira abari ku mpera y’aho bari bacumbitse. 2 Abantu batakambiye Mose, aca arasenga Uhoraho uwo muriro urazima. 3 Aho hantu haca hitwa Tabera bisigura "Guturira", kuko umuriro uvuye k’Uhoraho watse hagati muri bo.

Inkware zivuye k’Uhoraho

4 Hanyuma, ikivange c’abanyamahanga bakurikiye Abisirayeli batangura kwipfuza inyama. N’Abisirayeli na bo nyene batangura kwidodomba bavuga bati: "Icoduha inyama zo kurya! 5 Twibutse amafi ya gusa twarya muri Egiputa n’amakonkomburi, imyungu, amapwaro, ibitunguru na tungurusumu. 6 Ariko ubu n’akayabagu kaheze; nta kindi turonka atari iyi manu gusa!"

7 Manu yari imeze nk’utubuto tw’igiti citwa koriyanderi, igasa n’ubukame bw’igiti. 8 Abantu barasohoka bakayegeranya, hanyuma bakayisya ku rusyo canke bakayisekura mw’isekuro. Bayiteka mu nkono canke bakayicumbamwo udukate. Mu kanwa yari imeze nk’ivyakaranzwe n’amavuta ya elayo. 9 Urume rutonze aho bacumbitse mw’ijoro, manu na yo nyene yazanana na rwo.

10 Mose yumva abantu bo mu miryango yose bariko baridodomba, umwe wese imbere y’ihema ryiwe. Uhoraho arashavura cane, na Mose arababara. 11 Abaza Uhoraho ati: "Mbega ni kuki wanteje uwu mubabaro jewe umusavyi wawe? Mbega nakoze iki cakubabaje catumye undemeka umuzigo ungana utya w’aba bantu? 12 Mbega ni jewe nabatwaye inda? Canke ni jewe nabavyaye? None ni igiki gituma ubantererana ngo ndabaterure mu maboko yanje, nk’uko umurezi aterura uruyoya, ngo ndabajane mu gihugu warahiye ba sekuruza ko uzokibaha? 13 Mbega nokura hehe inyama zikwiye aba bantu? Ko baguma banyidodombera bati: ‘Duhe inyama turye!’ 14 Jewe sinshobora kwiremeka aba bantu bose jenyene; uyu mutwaro uraremereye cane. 15 Nimba uku ari ko bizohora, nunyicire ngaha ubu nyene, ungirire ubuntu mu nyonga zawe, kugira ngo undinde aya magorwa."

16 Uhoraho abarira Mose ati: "Ntorera abakuru mirongo indwi mu Bisirayeli basanzwe bubahwa. Ubazane kw’Ihema ry’Ibonaniro, kugira ngo bahagararane nawe. 17 Nanje ndaza mvuganire nawe aho hantu, mpeze mfate ku Mpwemu iri kuri wewe nce ndayishira kuri bo. Bazogufasha kwikorera uwo mutwaro w’ubu bwoko kugira ngo ntubatware wenyene.

18 Ubwire abantu uti: ‘Mwitegure mwiyeze kubera umusi w’ejo, aho muzorya inyama. Uhoraho yabumvise igihe mwidodomba ngo: "Icoduha inyama zo kurya! Twari tumerewe neza muri Egiputa!" Nuko Uhoraho azobaha inyama, namwe muzozirya. 19 Ntimuzozirya gusa umusi umwe, canke imisi ibiri, canke itanu, canke icumi canke mirongo ibiri, 20 ariko ni ukwezi kwose, gushika aho zibaduhira zikabaca mu mazuru, kuko mwateye ibitugu Uhoraho, ari muri mwebwe, mukidodombera imbere yiwe, muvuga muti: "Mbega ni kuki twavuye muri Egiputa?" ’ "

21 Ariko Mose aravuga ati: "Aba bantu bankikuje ntibari musi y’ibihumbi amajana atandatu bigize ikoraniro, none uvuze ngo: ‘Nzobaha inyama zo kurya ukwezi kwose!’ 22 Mbega uwobabagira amasho n’imikuku vyo vyokwira? Mbega ifi zose zo mu kiyaga zorobwa zobakwira?"

23 Uhoraho yishura Mose ati: "Mbega ukuboko kw’Uhoraho ni kugufi? Uzokwibonera ubwawe ko ivyo ndakubwiye bidashika kuri mwebwe."

24 Nuko Mose arasohoka abarira abantu ivyo Uhoraho yavuze. Atoranya ba bakuru mirongo indwi bahagarara bazungurutse Ihema ry’Ibonaniro. 25 Nuko Uhoraho aramanuka ari muri ca gicu avugana na we, aca yakira ku Mpwemu yari kuri we ayishira kuri ba bakuru mirongo indwi. Igihe Mpwemu yabazako, baravugishijwe, ariko ntibasubira kuvugishwa hanyuma.

26 Ariko hari abagabo babiri, amazina yabo yari Eludadi na Medadi, bari basigaye aho bacumbitse. Bari kuri rwa rutonde rw’abakuru mirongo indwi, ariko ntibasohoka ngo baje kw’ihema. Ariko na bo nyene Mpwemu abazako, kandi bavugishirizwa aho bacumbitse. 27 Umusore umwe araza yiruka abarira Mose ati: "Eludadi na Medadi bariko baravugishirizwa aho ducumbitse."

28 Yosuwa mwene Nuni, yari umwunganizi wa Mose kuva mu buto bwiwe, ashira ijwi hejuru aravuga ati: "Nyakwubahwa Mose, babuze!"

29 Ariko Mose arishura ati: "Ugize ishari ku bwanje? Icompa abantu b’Uhoraho bose bakaba abavugishwa, Uhoraho akabashirako Mpwemu wiwe!" 30 Nuko Mose na ba bakuru b’Abisirayeli basubira aho bacumbitse.

31 Maze umuyaga uvuye k’Uhoraho uraza uzana inkware uzikuye ku kiyaga, urazizana uzigwisha hagati y’aho bacumbitse, zagurukira nko ku ngero z’igice c’ukuboko zibiri uvuye hasi zikwira ahantu hangana n’urugendo rw’umusi umwe. 32 Kuri uwo musi, ku murango no mw’ijoro, no ku musi wakurikiye, abantu barasohoka begeranya inkware. Nta n’umwe yegeranije iziri musi y’ingero homeru icumi, baraheza bazisanza ku mpande zose z’aho bacumbitse kugira ngo zume. 33 Ariko igihe inyama zari zikiri mu menyo yabo batarazimira, ishavu ry’Uhoraho riraziriringa, ashavurira abantu, abateza icago gikomeye. 34 Nuko aho hantu baca bahita Kiburoti Hatava bisigura "imva z’abipfuje inyama" kuko ari ho bahamvye abari bipfuje inyama.

35 Nuko abantu bava i Kiburoti Hatava bagenda gucumbika i Hazeroti bagumaho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-