Publicidade

Números 19

Amazi yo guhumanurwa

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 2 "Ibi ni vyo bisabwa n’Ivyagezwe Uhoraho yatanze: Ubwire Abisirayeli baze bakuzanire inka ifise ibara ryitwa akagajo itagira agasembwa kandi itigeze ikoreshwa ibikorwa vyo gukwega ingogo. 3 Uyihe Eliyazeri umuherezi. Iyo ni iyo kujanwa inyuma y’aho mucumbitse igakerererwa imbere yiwe. 4 Nuko Eliyazeri umuherezi aze yakire ku maraso yayo ayamijagire n’urutoke rwiwe incuro indwi atumbereye ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. 5 Akiri ngaho nyene, iyo nka baze bayiturire urusato, inyama, amaraso n’amayezi. 6 Umuherezi aze afate igiti c’isederi, ishami rya ezobu n’ubwoya bw’intama busize irangi ritukura, abiterere muri uwo muriro uriko uraturira iyo nka. 7 Inyuma y’ivyo, umuherezi aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, aho ni ho azoshobora kugaruka aho mucumbitse, ariko azoba agihumanye gushika ku mugoroba. 8 N’uwo muntu ayiturira na we nyene aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi kandi na we nyene azoguma ahumanye gushika ku mugoroba.

9 Umuntu azoba adahumanye aze yegeranye umunyota w’iyo nka awushire mu kibanza kidahumanye inyuma y’aho mucumbitse. Uze uzigamwe n’Abisirayeli kugira ngo baze bame bawukoresha mu mazi yo guhumanurwa; ni uwo gukurako ubuhumane bw’ivyaha. 10 Uwo muntu azokwegeranya uwo munyota w’iyo nka na we nyene aze amesure impuzu ziwe kandi azogume ahumanye gushika ku mugoroba. Iri rize ribe itegeko ry’intahava ku Bisirayeli no ku banyamahanga baba muri bo.

11 Uwuzokora ku muvyimba w’umuntu uwo ari we wese azoba ahumanye imisi indwi yose. 12 Aze yihumanure akoresheje ayo mazi yo guhumanurwa ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi; ni ho azobona guhumanuka. Ariko natihumanura ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, ntazohumanuka. 13 Uwuzokora ku muvyimba w’umuntu uwo ari we wese hanyuma akananirwa no kwihumanura azoba yanduje ahera h’Uhoraho. Uwo muntu aze akurwe mu Bisirayeli. Kuko atimijagiye ayo mazi ahumanura, azoba ahumanye; kandi ubwo buhumane buzomugumako.

14 Iri ni ryo tegeko rigenga uwapfiriye mw’ihema: umuntu wese azokwinjira muri iryo hema n’umuntu wese yari muri ryo bazoba bahumanye imisi indwi yose, 15 n’igikoresho cose kiri muri iryo hema kidapfundikijwe umupfundikizo kandi ukomeye kizoba gihumanye.

16 Umuntu azoba ari hanze agakora ku muntu yishwe n’inkota canke yishwe n’urupfu rusanzwe, canke agakora kw’igufa ry’umuntu canke ku mva, azoba ahumanye kumara imisi indwi.

17 Ku bw’uwo yahumanye, uze ushire umunyota wa ya nka yaturirwa mu rwavya usukemwo amazi meza. 18 Hanyuma umuntu azoba adahumanye aze afate ezobu, ayikoze muri ya mazi ayamijagire kw’ihema n’ibikoresho biri muri ryo n’abantu bose bari bahari. Aze ayamijagire na wa muntu wese yakoze kw’igufa ry’umuntu canke ku mva canke ku muntu yishwe canke yapfuye urupfu rusanzwe. 19 Ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, aze ayamijagire kuri uwo muntu ahumanye, hanyuma ku musi ugira indwi aze amuhumanure. Uwo muntu ariko arahumanurwa aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, maze ku mugoroba w’uwo musi azoba ahumanutse. 20 Ariko uwo muntu ahumanye natihumanura, aze akurwe mu bwoko bwanyu, kuko azoba ahumanije ahera h’Uhoraho. Kubera ya mazi ahumanura atazoba yacucagiwe kuri we, azoba agihumanye. 21 Iri ni itegeko ridata igihe kuri bo.

Uwo muntu amijagira ayo mazi ahumanura na we nyene aze amesure impuzu ziwe, n’uwuzokora kuri ayo mazi yo guhumanurwa azoba ahumanye gushika ku mugoroba. 22 Ikintu cose uwo ahumanye azokorako kizoba gihumanye, kandi uwuzogikorako wese azoba ahumanye gushika ku mugoroba."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-