1 Balamu aravuga ati: "Nyubakira ibicaniro indwi ngaha, munzanire n’impfizi indwi z’inka n’izindi indwi z’intama" 2 Balaki akora nk’uko Balamu avuze, hanyuma bompi batangira impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro cose.
3 Nuko Balamu abarira Balaki ati: "Guma ngaha hafi y’ikimazi cawe nanje ngiye harya hirya ndabe ko Uhoraho hari ico yombwira. Ico ampishurira cose ndakikubwira." Nuko Balamu aca araduga aja ku gatwe k’umusozi ata co kamerako.
4 Imana ibonana na we, maze Balamu aravuga ati: "Nateguye ibicaniro indwi, kandi natangiye ku gicaniro cose impfizi y’inka n’iy’intama."
5 Uhoraho aramubwira ati: "Subira kwa Balaki umubwire ubu butumwa."
6 Nuko asubira kwa Balaki amusanga i ruhande ya ca kimazi ciwe, ari kumwe na ba baganwa b’i Mowabu. 7 Nuko Balamu atangura kuvugishwa ati:
"Balaki yanzanye ankuye muri Aramu,
umwami w’i Mowabu yankuye mu misozi yo mu buseruko.
Ati: ‘Nuze, umvumire aba Yakobo;
vuga ivy’ibibi ku Bisirayeli.’
8 Novuma nte
Abo Imana itavumye?
Novuga gute ibibi
ku bantu Uhoraho atavugako ibibi?
9 Ndi ku dutwe tw’agasozi k’amabuye nababona,
ndi hejuru ku misozi, nabitegereza.
Mbona ari ihanga ryibera ukwaryo
ritandukanye n’ayandi mahanga.
10 Ni nde yoharura umukungugu wa bene Yakobo?
Ngo adondagure isinzi ry’Abisirayeli?
Uzompe gupfa urupfu rw’abagororotsi,
kandi n’iherezo ryanje rize ribe nk’iryabo!"
11 Balaki abarira Balamu ati: "Unkoreye ibiki? Nakuzanye kumvumira abansi banje, none nta kindi uriko urakora atari ukubahezagira!"
12 Aramwishura ati: "Mbega sinkwiye kuvuga ivyo Uhoraho ashize mu kanwa kanje?"
13 Nuko Balaki aramubwira ati: "Ingo tujane ahandi aho ushobora kubabona bose. Aha ubona igice cabo gusa ariko ntushobora kubabona bose. Aho ni ho uca ubamvumira." 14 Nuko amujana ku kibuga co gushibamako c’i Zofimu ku gatwe k’umusozi Pisiga, ahubaka ibicaniro indwi abituririrako impfizi y’inka n’impfizi y’intama kuri kimwekimwe cose.
15 Balamu abarira Balaki ati: "Guma ngaha hafi y’ikimazi cawe nanje ngiye guhura n’Uhoraho hariya."
16 Uhoraho ahura na Balamu ashira mu kanwa kiwe ivyo aja kuvuga, aca aramubwira ati: "Subira aho Balaki ari umushire ubu butumwa."
17 Nuko aja iyo Balaki ari amusanga agihagaze i ruhande ya vya bimazi vyiwe, ari kumwe na ba bakuru b’i Mowabu. Balaki aramubaza ati: "Uhoraho yavuze iki?"
18 Maze Balamu atangura kuvugishwa ati:
"Haguruka, Balaki wumvirize;
nunyumve, yewe mwene Zipori.
19 Imana si umuntu,
ngo ibeshe,
canke umwana w’umuntu,
ngo yivuguruze.
Iyo ivuze ikintu, iragikora;
iyo isezeranye, irashitsa isezerano.
20 Nategetswe guhezagira;
Imana yarahezagiye, nanje sinoshobora kubihindura.
21 Nta kibi yabonye mu ba Yakobo,
nta karenganyo yabonye mu Bisirayeli.
Uhoraho Imana yabo iri kumwe na bo;
impundu y’Umwami yumvikana muri bo.
22 Imana yabakuye muri Egiputa;
bafise inkomezi nk’iz’imbogo.
23 Nta muvumo ushobora gushika ku ba Yakobo,
nta bupfumu bwogira ico bumara ku Bisirayeli.
Guhera ubu bizohora bivugwa kuri Yakobo
no kuri Isirayeli ngo: ‘Raba ivyo Imana yakoze!’
24 Iryo hanga rihaguruka nk’intambwe y’ingore;
bahaguruka nk’intare
itaruhuka itaratabagura ico yishe
kandi itaranywa amaraso y’ivyo yahize."
25 Nuko Balaki abarira Balamu ati: "Nimba udashaka kubavuma reka no kubahezagira!"
26 Balamu arishura ati: "Sinakubwiye ko ntegerezwa gukora ivyo Uhoraho avuze?"
27 Balaki abarira Balamu ati: "Nuze ndakujane ahandi. Kumbure bizohimbara Imana ikureke ubamvumire uri ngaho." 28 Balaki ajana Balamu ku gatwe k’umusozi wa Peyori, hahanamiye ubugaragwa.
29 Balamu aravuga ati: "Nyubakira ibicaniro indwi ngaha, untegurire impfizi indwi z’inka n’impfizi z’intama indwi." 30 Balaki akora nk’uko Balamu yavuze, aca ashikana impfizi y’inka n’iy’intama ku gicaniro cose.