Publicidade

Números 30

Amasezerano

1 Nuko Mose amenyesha abakuru b’imiryango y’Abisirayeli ati: "Ibi ni vyo Uhoraho yategetse: 2 Umuntu niyasezeranira Uhoraho gukora ikintu kanaka akagisezerana ashizeko n’indahiro, ntaze yirahuruze ariko aze ashire mu ngiro ivyo yavuze.

3 Umukobwa akiri mu nzu kwa se niyasezeranira Uhoraho kumushikanira ishikanwa canke kudakora ikintu ashizeko indahiro 4 hanyuma se wiwe akavyumva ariko ntagire ico abarira umukobwa wiwe, ivyo yasezeranye n’ivyo yarahiye bizogumaho. 5 Ariko se wiwe niyamubuza amaze kuvyumva, nta na kimwe mu vyo yasezeranye canke yarahiye gushitsa kizofata; Uhoraho azomubohora kuko se wiwe yamubujije.

6 Niyagira ubukwe amaze kurahira canke iminwa yiwe imaze guhurudukana isezerano rimuboha 7 hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntagire ico amubwira, ivyo yasezeranye n’iyo ndahiro bizogumaho. 8 Ariko umugabo wiwe niyavyumva hanyuma akamubuza, azoba ahagaritse iryo sezerano ryamuboha canke iyo ndahiro yapfuye kuvuga atiyumviriye neza ikamuboha, kandi Uhoraho azomubohora.

9 Isezerano canke indahiro bigizwe n’umupfakazi canke uwahukanye bizomuboha.

10 Umugore abana n’umugabo wiwe niyasezerana isezerano canke akarahira indahiro imuboha 11 hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntagire ico amubwira kandi ntamubuze, ivyo yasezeranye vyose n’ivyo yarahiye vyose bizogumaho. 12 Ariko uwo mugabo wiwe amaze kwumva ivyo yasezeranye agaca abihagarika ubwo nyene akivyumva iryo sezerano canke iyo ndahiro bizoba bihagaze. Umugabo wiwe azoba yabihinduye kandi Uhoraho azomubohora. 13 Umugabo wiwe ashobora kwemeza canke guhakana ivyo yibohesheje. 14 Ariko umugabo wiwe natagira ico abimubwirako hagaca umusi wose, azoba yemeje ivyo uwo mugore yasezeranye n’indahiro yarahiye zizomuboha. Azoba avyemeje kuko ata co yavuze amaze kuvyumva. 15 Ariko uwo mugabo niyabihindura amaze igihe avyumvise, ivyo uwo mugore yasezeranye bizoja ku mutwe w’uwo mugabo."

16 Ayo ni yo mategeko Uhoraho yahaye Mose yerekeye imigenderanire hagati y’umugabo n’umugore wiwe, no hagati ya se n’umukobwa wiwe akiba mu nzu iwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-