Publicidade

Números 13

Batuma abatasi gutata i Kanani

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Rungika abagabo bamwe gutata igihugu c’i Kanani, ico ngiye guha Abisirayeli. Mu muryango wose batore umwe mu bakuru bawo."

3 Maze nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose arabarungika bavuye mu bugaragwa bw’i Parani. Bose bari abakuru mu Bisirayeli.

4 Ayo ni yo mazina yabo:

Uwavuye mu muryango wa Reyubeni, ni Shamuwa mwene Zakuri;

5 uwavuye mu muryango wa Simeyoni, ni Shafati mwene Hori;

6 Uwavuye mu muryango wa Yuda, ni Kalebu mwene Yefune,

7 uwavuye mu muryango wa Isakari, ni Igali mwene Yosefu;

8 uwavuye mu muryango wa Efurayimu, ni Hoseya mwene Nuni

9 uwavuye mu muryango wa Benyamini, ni Paluti mwene Rafu;

10 uwavuye mu muryango wa Zebuloni, ni Gadiyeli mwene Sodi;

11 uwavuye mu muryango wa Manase (umuryango wa Yosefu), ni Gadi mwene Susi;

12 uwavuye mu muryango wa Dani, ni Amiyeli mwene Gemali;

13 uwavuye mu muryango wa Asheri, ni Seturi mwene Mikayeli;

14 uwavuye mu muryango wa Nafutali, ni Nahubi mwene Vofusi;

15 uwavuye mu muryango wa Gadi, ni Geyuweli mwene Maki.

16 Abo ni bo bagabo Mose yarungitse gutata igihugu. (Uwari asanzwe yitwa Hoseya mwene Nuni, Mose amwita Yosuwa.)

17 Igihe Mose yabatuma gutata igihugu c’i Kanani, yavuze ati: "Muce i Negebu, hanyuma muce muduga mu misozi. 18 Murabe uko ico gihugu kimeze kandi ko abantu baho ari abanyenkomezi canke abanyantegenke, ko ari bake canke ari benshi. 19 Murabe ko ico gihugu ari ciza canke kibi; uko ibisagara vyaco bimeze, nimba bifise inzitiro canke bitazifise. 20 Uko isi yaho imeze, ko imera canke ko itamera, ko hari ibiti canke ata biriho. Muze mukore ibishoboka vyose muzane ivyamwa vyo muri ico gihugu." (Ico gihe hari mw’iyera ry’imizabibu ya mbere).

21 Nuko baraduga batata ico gihugu kuva mu Bugaragwa bw’i Zini gushika i Rehobu, aharabana n’i Lebo-Hamati. 22 Nuko baraduga baca i Negebu bashika i Heburoni aho Ahimani, Sheshayi na Talumayi abakomoka kuri Anaki baba. (Heburoni hari hubatswe imyaka indwi imbere ya Zowani muri Egiputa.) 23 Bashitse mu kiyaya c’i Eshikoli, basoroma amahando y’imizabibu. Abantu babiri ni bo bari baziteruye ku giti, umwe inyuma uwundi imbere, bongera bazana n’amakomamanga n’insukoni. 24 Aho hantu hitwa ikiyaya c’i Eshikoli (risobanurwa ngo ihando ry’inzabibu) kubera izo Abisirayeli basoromye aho hantu. 25 Haheze imisi mirongo ine baragaruka bavuye gutata ico gihugu.

Amakuru yazanywe y’abatasi

26 Bagaruka kwa Mose na Aroni no ku Bisirayeli bose bari i Kadeshi mu bugaragwa bw’i Parani. Aho ni ho bahereye amakuru Mose na Aroni no n’ikoraniro ryose, bongera babereka ivyamwa bimera muri ico gihugu. 27 Ibi ni vyo bashikirije Mose: "Twagiye mu gihugu wari waturungitsemwo, kandi gitemba amata n’ubuki! Ng’ibi n’ivyama muri co. 28 Ariko abantu baba muri co ni abanyenkomezi, n’ibisagara vyaho bizitije inzitiro zikomeye kandi ndende cane. Twanabonyeyo n’abo mu ruvyaro rwa Anaki. 29 Abamaleki ni bo baba i Negebu, Abaheti, Abayebusi n’Abamori baba mu gihugu c’imisozi, Abanyakanani na bo baba ku nkengera z’ikiyaga n’uruzi rwa Yorodani."

30 Nuko Kalebu asaba abantu guhora imbere ya Mose hanyuma aravuga ati: "Muze tuduge tuje gufata ico gihugu, kuko vy’ukuri tubishoboye."

31 Ariko abagabo bari baduganye na we baravuga bati: "Ntidushobora gutera barya bantu; kuko baturusha inkomezi." 32 Nuko bakwiragiza hose mu Bisirayeli iyo nkuru mbi yerekeye ico gihugu bagiye gutata. Baravuga bati: "Igihugu twagiye gutata ni igihugu kirya ababa muri co. Abantu bose twabonye muri co ni ibigatanya. 33 Twabonyeyo n’Abanefilimu (abakomoka kuri Anaki). Twari tumeze nk’inzige mu maso yacu ubwacu, kandi no kuri bo twasa nk’inzige."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-