1 Maze Balamu abonye ko Uhoraho yashimye guhezagira Abisirayeli, ntiyagenda hirya kurondera uguhishurirwa n’Uhoraho nk’uko yari yamye abikora ubwa mbere, ariko arahindukira yerekeza amaso mu bugaragwa. 2 Maze Balamu araramuye amaso abona Abisirayeli bacumbitse bakurikije uko imiryango yabo imeze, Mpwemu w’Imana amuzako 3 aca aravugishwa ati:
"Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga,
uku ni ko uwubona neza avuga,
4 Uku ni ko uwumva amajambo y’Imana avuga,
uwubona ivyo yeretswe n’Iyishoboravyose,
uwubama hasi, amaso yiwe akuguruka:
5 Ese ingene amahema yawe ari meza, yewe Yakobo,
amazu wiberamwo, yewe Isirayeli!
6 Bimeze nk’inzuzi zitemba,
ni nk’imirima itewe hafi y’umugezi;
ni nk’ibiterwa vyitwa Alowe vyatewe n’Uhoraho,
ni nk’ibiti vy’amasederi ari i ruhande y’amazi.
7 Amazi azosesa arenge inkombe zayo
Imbuto zavyo zizoronka amazi menshi.
Umwami wabo azoba uwuhambaye kuruta Agagi;
ubwami bwabo buzoshirwa hejuru.
8 Imana yabakuye muri Egiputa;
bafise inkomezi nk’iz’imbogo.
Bazorigata amahanga abanka
amagufa yabo bayagire ubunywenywe;
bazobatobaguza imyampi yabo.
9 Baricaye barabunze nk’intambwe,
mbere nk’intambwe y’ingore; ni nde yobavyura?
Abaguhezagira baragahezagirwa,
abakuvuma na bo barakavumwa!"
10 Nuko Balaki ashavurira Balamu cane. Akubita amashi ku yandi aramubwira ati: "Nagutumyeko kuvuma abansi banje, ariko wabahezagiye incuro zitatu zose. 11 Va ngaha, taha ubu nyene! Nari navuze ko ndakugerera ingero ishimishije, ariko Uhoraho akubujije kugererwa."
12 Balamu yishura Balaki ati: "Nari nabwiye abo watumye kumpamagara nti: 13 ‘Naho Balaki yompa ikirimba ciwe cuzuye inzahabu n’ifeza, sinzogira ico nkora na kimwe nigeneye, caba ciza canke kibi, ngo nyuranye n’ico Uhoraho yategetse; ntegerezwa kuvuga ivyo Uhoraho avuga’? 14 Ubu rero ndisubiriye iwacu, ariko reka ndakuburire ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe mu misi izoza."
15 Nuko atangura kuvugishwa ati:
"Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga,
uwufise amaso abona neza avuga ibi,
16 uwufise amatwi yumva amajambo y’Imana avuga ibi,
uwufise ukumenya kuva ku Yisumbavyose,
akabona ivyo yeretswe n’Iyishoboravyose,
uwuca bugufi akubama, amaso yiwe akuguruka:
17 Ndamubona, ariko si ubu nyene;
ndamwitegereza, ariko ntari hafi.
Inyenyeri izova muri Yakobo;
icumu ry’ukuganza rizoshingwa muri Isirayeli.
Azomenagura mu ruhanga h’Abanyamowabu,
amenagure imitwe ya bene Sheti.
18 Edomu hazoneshwa;
Seyiri, mu bansi biwe hazoneshwa,
ariko Isirayeli azokuzwa.
19 Uwuganza azova muri Yakobo
arandure amasigarira y’igisagara."
20 Nuko Balamu abonye Abamaleki atangura kuvugishwa ati:
"Abamaleki bahora ari ihanga rya mbere mu yandi,
ariko iherezo ryabo bazoranduka rwose."
21 Abonye Abakayini abavugishwako ati:
"Wibera ahatekanye,
icari cawe kiri ku gitandara;
22 ariko mwebwe Abakayini muzosamburwa
igihe Abashuri bazokujana uri inyagano."
23 Yongera kuvugishwa ati:
"Yo! Mbega ni nde azosigara Imana atari yo imushigaje?
24 Amato azova ku nkengera za Kupuro;
acinyize Ashuri kandi ababaze Eberi,
ariko na bo nyene amaherezo bazoranduka."
25 Nuko Balamu ava hasi yitahira iwe Balaki na we ajana inzira yiwe.