1 Abisirayeli bakiri i Shitimu, abagabo batangura gusambana n’abakobwa b’Abanyamowabukazi, 2 babatumirira guha ibimazi ibigirwamana vyabo. 3 Nuko Abisirayeli bifatanya na bo mu gusenga Bayali-Peyori. Uhoraho arabashavurira cane.
4 Uhoraho abarira Mose ati: "Fata ba bakuru bose b’ubu bwoko, ubice ubanikire ku zuba imbere y’Uhoraho, kugira ngo ishavu ryanje rive ku Bisirayeli."
5 Nuko Mose abarira abacamanza b’Abisirayeli ati: "Umuntu wese wo muri mwebwe niyice abagabo bose bifatanije n’abandi mu gusenga Bayali-Peyori."
6 Nuko umugabo w’Umwisirayeli azana i muhira iwe umugore w’Umumidiyanikazi amucisha imbere ya Mose n’Abisirayeli bose aho bariko bararirira ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. 7 Nuko Finehasi mwene Eliyazeri, umuhungu wa Aroni, umuherezi, abibonye, ava mw’ikoraniro, afata icumu 8 akurikira wa Mwisirayeli mw’ihema ryiwe. Abatobekeranya bompi na rya cumu, wa Mwisirayeli na wa mugore. Maze ikiza cari ku Bisirayeli kirahagarara; 9 ariko abari bamaze gupfa kubera ico kiza bashika ku bihumbi mirongo ibiri na bine.
10 Uhoraho abarira Mose ati: 11 "Finehasi mwene Eliyazeri, umuhungu wa Aroni, umuherezi, ahwamitse ishavu ryanje riva ku Bisirayeli. Kubera ko yagize ishaka nkanje ryo kugarukana icubahiro canje, bitumye nigarura ngo sindabamare. 12 Nuko umubwire ko ngiranye na we isezerano ry’amahoro. 13 We n’uruvyaro rwiwe rwose baronse isezerano ridahera ry’ubuherezi, kuko yagize ishaka ryo guhesha icubahiro Imana yiwe agatangira Abisirayeli bose ikimazi gikuraho ivyaha."
14 Uwo Mwisirayeli yicanywe n’uwo Mumidiyanikazi yitwa Zimuri mwene Salu, umukuru w’umuryango w’Abasimeyoni. 15 Kandi uwo mugore w’Umumidiyanikazi yishwe yitwa Kozibi umukobwa wa Zuri, umukuru w’umuryango umwe w’Abamidiyani.
16 Uhoraho abarira Mose ati: 17 "Mufate Abamidiyani nk’abansi banyu kandi muze mubice, 18 kuko babafashe nk’abansi babo igihe babahenda mu vy’i Peyori no mu vya Kozibi, umukobwa w’umukuru w’umuryango umwe mu miryango yabo, wa mugore yicwa igihe icago catera kubera inkurikizi y’i Peyori."