Publicidade

Números 2

Uko imiryango yashinga amahema aho bacumbitse

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 2 "Abisirayeli baze bacumbike bakikuje Ihema ry’Ibonaniro ariko bataryegereye cane, umuntu wese azobe musi y’ibendera ry’umuryango wiwe no musi y’ibendera ry’inzu yiwe."

3 Mu buseruko hazobe hari:

Abakomoka kuri Yuda bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Nahashoni mwene Aminadabu. 4 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo indwi na bine n’amajana atandatu.

5 Abakomoka kuri Isakari baze bakurikire. Umukuru wabo ni Netaneli mwene Zuwari. 6 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane.

7 Abakomoka kuri Zebuloni baze bakurikire. Umukuru wabo ni Eliyabu mwene Heloni. 8 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane.

9 Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Yuda, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitandatu n’amajana ane. Abo ni bo bazoja imbere y’Abisirayeli. Ni bo bazofata inzira ubwa mbere.

10 Mu bumanuko hazoba hari:

Abakomoka kuri Reyubeni, bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Elisuri mwene Shedewuri. 11 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu.

12 Abakomoka kuri Simeyoni baze bakurikire. Umukuru wabo ni Shelumiyeli mwene Zurishadayi. 13 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu.

14 Abakomoka kuri Gadi baze bakurikire. Umukuru wabo ni Eliyasafu mwene Reyuweli 15 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu.

16 Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Reyubeni, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana na mirongo itanu na kimwe n’amajana ane na mirongo itanu. Ni bo bazofata inzira ubwa kabiri.

17 Hanyuma haze hakurikire ihema ry’ibonaniro n’abakomoka kuri Lewi, bagendere hagati y’iyindi migwi. Baze bakurikirane mu guhaguruka nk’uko bakurikirana mu gucumbika, umwe wese mu kibanza ciwe, kandi ari musi y’ibendera ryabo.

18 Mu burengero hazoba hari:

Abakomoka kuri Efurayimu, bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Elishama mwene Amihudi. 19 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu.

20 Abakomoka kuri Manase baze bakurikire. Umukuru wabo ni Gamaliyeli mwene Pedasuri. 21 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri.

22 Abakomoka kuri Benyamini baze bakurikire. Umukuru wabo ni Abidani mwene Gidiyoni. 23 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane.

24 Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Efurayimu, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana n’umunani n’ijana. Baze bafate inzira ubwa gatatu.

25 Mu buraruko hazoba hari:

Abakomoka kuri Dani bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Ahiyezeri mwene Amishadayi. 26 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi.

27 Abakomoka kuri Asheri baze bakurikire. Umukuru wabo ni Pagiyeli mwene Okurani. 28 Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu.

29 Abakomoka kuri Nafutali baze bakurikire. Umukuru wabo ni Ahira mwene Enani. 30 Igitigiri c’umugwi w’abo ni ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane.

31 Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Dani ni ibihumbi ijana na mirongo itanu n’indwi n’amajana atandatu. Abo ni bo bazohaguruka ubwa nyuma.

32 Abo ni bo Bisirayeli, baharuwe hakurikijwe imiryango bakomokamwo. Abaharuwe bose mu mice y’igisoda cabo, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu. 33 Ariko Abalewi bo, ntibaharuwe hamwe n’abandi Bisirayeli, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

34 Nuko Abisirayeli bakora vyose nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose. Bashinga amahema musi y’amabendera yabo, umwe wese mu nzu ya ba sekuruza no mu muryango wiwe, kandi ni muri urwo rutonde nyene bahaguruka bagafata inzira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-