Publicidade

Números 18

Ibikorwa vy’abaherezi n’Abalewi

1 Uhoraho abarira Aroni ati: "Wewe n’abahungu bawe n’abo mu nzu ya so ni mwebwe muzobazwa ibicumuro vyose bizokorerwa mw’ihema ry’ibonaniro, kandi wewe n’abahungu bawe ni mwebwe mwenyene muzobazwa ibicumuro vyose bizokorwa ku bijanye n’ubuherezi. 2 Uze uzane Abalewi bagenzawe bagufashe mu gihe wewe n’abahungu bawe muriko murakora igikorwa canyu imbere y’ihema ry’ibishinga intahe. 3 Baze bagukorere bakore ibikorwa vy’ihema, ariko ntibaze begere ibikoresho vyera canke igicaniro, kugira ngo ntihagire uwupfa, yaba wewe canke bo. 4 Bazoba abo kugufasha mu gutunganya ivy’Ihema ry’Ibonaniro, ibikorwa vyose bijanye na ryo; kandi nta wundi yemerewe kwegera aho uri.

5 Mwebwe muzobazwa ivyo gutunganya ivy’ahera n’igicaniro, kugira ngo ishavu ryanje ntiryongere kuziriringa ku Bisirayeli. 6 Ni jewe ubwanje narobanuye bagenzi banyu b’Abalewi ndabakuye mu bandi Bisirayeli nk’ingabire ndabahaye, yeguriwe Uhoraho kugira ngo bakore ibikorwa vyo mw’ihema ry’ibonaniro. 7 Ariko wewe wenyene n’abahungu bawe ni mwebwe muzokora igikorwa c’ubuherezi hamwe n’ibintu vyose bijanye n’igicaniro no hirya ya ca gihuzu gikingiriye ahera. Nabahaye igikorwa c’ubuherezi nk’ingabire. Uwundi muntu wese azokwegera ahera aze yicwe."

Amashikanwa y’abaherezi n’Abalewi

8 Nuko Uhoraho abarira Aroni ati: "Ni jewe ubwanje nakujeje ibimazi vyose banshikanira; ibimazi vyose vyera Abisirayeli banshikanira ndabiguhaye wewe n’abahungu bawe nk’umugabane wawe w’ibihe vyose. 9 Muze mwakire umugabane ku bimazi birusha ibindi kwera vyasigaye ku vyo baturiye. Ku mashikanwa banzanira nk’ibimazi bisumba ibindi kwera, ari ivyo ifu canke ibimazi vy’ivyaha canke vyo kwisaba, uwo mugabane uzoba ari uwawe n’abahungu bawe. 10 Muze mubirye muzi ko ari ivyera birusha ibindi; abagabo n’abahungu bonyene ni bo bemerewe kubiryako. Muze mubifate nk’ivyera nyene.

11 N’ibi na vyo ni ivyanyu: ibizova ku mashikanwa yo kuzungagiza atangwa n’Abisirayeli, ndabiguhaye wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe nk’umugabane wanyu ibihe vyose. Umuntu wese aba mu nzu yanyu adahumanye yemerewe kubiryako.

12 Ndabahaye n’amavuta ya Elayo yose n’umuvinyu mushasha wose n’ingano banshikanira nk’ivyeze imbere y’ibindi mu vyimburwa vyabo. 13 Ivyeze imbere y’ibindi mu gihugu banshikanira jewe Uhoraho bizoba ari ivyanyu. Umuntu wese adahumanye aba mu nzu iwawe yemerewe kubiryako.

14 Ivyo Abisirayeli bagereye Uhoraho vyose ni ivyanyu. 15 Icavutse ubwambere cose, ari umuntu canke igitungano, bihawe Uhoraho vyose ni ivyanyu. Ariko muze mucungure imfura zanyu z’abahungu n’ivy’uburiza vy’ibikoko bizira. 16 Mu gihe bimaze ukwezi, muze mubicungure murihe ikiguzi co kubicungura kingana na shekeli zitanu z’ifeza, zipimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, ipima gera mirongo ibiri.

17 Ariko ntimuze mucungure iriza ry’ishuri, intama canke impene; bizoba ari ivyera. Muze mumijagire amaraso yavyo ku gicaniro muturire n’ibinure vyavyo nk’ikimazi co guturirwa, ubumote bwiza bunezera Uhoraho. 18 Inyama zavyo zizoba ari izanyu, hamwe n’igikiriza c’ishikanwa ryo kuzugunzwa n’itako ry’i buryo. 19 Ndabahaye ivyo Abisirayeli bazanye nk’amashikanwa yera; bizoba ari umugabane wanyu ibihe vyose wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe, nk’uko isezerano ry’intahava nasezeranye nawe n’uruvyaro rwawe riri."

20 Uhoraho abarira Aroni ati: "Nta shamvu canke umugabane uzoronka mu gihugu nzoha Abisirayeli ngo kibe icabo; ni jewe mugabane n’ubutunzi bwanyu hagati mu bandi Bisirayeli.

21 Mpaye Abalewi bose ibigiracumi vyose bivuye mu Bisirayeli nk’umugabane wabo kubera igikorwa bakora kw’ihema ry’ibonaniro. 22 Kuva ubu Abisirayeli ntibaze begere ihema ry’ibonaniro, kuko hoba inkurikizi mbi ku caha cabo bagapfa. 23 Abalewi ni bo bazokora igikorwa co kw’ihema ry’ibonaniro kandi babazwe amakosa yose yokorwa kuri ryo. Iri rize ribe itegeko ryamaho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. Nta mugabane bazoronka mu bandi Bisirayeli. 24 Ariko, mpaye Abalewi nk’umugabane wabo ibigiracumi Abisirayeli bashikanira Uhoraho. Ni co gituma nabavuzeko nti: ‘Ntibazoronka umugabane mu Bisirayeli.’ "

25 Uhoraho abarira Mose ati: 26 "Vugana n’Abalewi ubabwire uti: ‘Nimwakira ivyo bigiracumi ndabahaye nk’umugabane wanyu, muze mutange ikigiracumi c’ivyo mwakiriye nk’ishikanwa mushikaniye Uhoraho. 27 Iryo shikanwa ryanyu rizoba ari nk’ishikanwa ry’ingano canke ry’ibinyobwa abandi batanga babikuye mu vyimburwa vyabo no mu mato yabo baganiramwo inzabibu. 28 Uko ni ko namwe muzotanga ishikanwa k’Uhoraho rivuye mu bigiracumi muronka bivuye mu Bisirayeli. Kuri ivyo bigiracumi muze mutange umugabane w’Uhoraho uhabwa Aroni umuherezi. 29 Muze mutange nk’umugabane w’Uhoraho umugabane urusha iyindi kwera ku bintu vyose muhawe.’

30 Bwira Abalewi uti: ‘Nimwashikana uwo mugabane uruta iyindi, uzoba ari nk’icavuye mu vyo mwimbuye ku mbuga no mu bwato muganiramwo. 31 Mwebwe n’abo mu mazu iwanyu muze murire ibisigaye aho ari ho hose kuko ari impembo yanyu kubera igikorwa canyu mukora mw’ihema ry’ibonaniro. 32 Nimwashikana wa mugabane uruta iyindi ntimuzoba mucumuye kuri ico; aho rero ntimuzohumanya amashikanwa yera y’Abisirayeli, ngo bibazanire gupfa.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-