Publicidade

Números 12

Miriyamu na Aroni bagirira ishari Mose

1 Miriyamu na Aroni batangura kuvuga nabi Mose kubera umugore wiwe w’Umunyakushi, kuko yari yarongoye Umunyakushikazi. Barabaza bati: 2 "Mbega Uhoraho yavugiye muri Mose gusa? Mbega ntiyavugiye no muri twebwe?" Maze Uhoraho aravyumva.

3 Uwo mugabo Mose yari umuntu aciye bugufi kurusha abandi bantu bose bo kw’isi.

4 Ubwo nyene Uhoraho abarira Mose, Aroni na Miriyamu ati: "Nimuze kw’Ihema ry’Ibonaniro, uko muri batatu." Nuko uko ari batatu barasohoka. 5 Maze Uhoraho aramanuka ari mu nkingi y’igicu, ahagarara ku muryango w’Ihema, ahamagara Aroni na Miriyamu ngo abo babiri bigire imbere, 6 arababarira ati: "Nimwumve amajambo yanje:

Iyo hari uwuvugishwa n’Uhoraho muri mwebwe,

ndamwihishurira mu vyo yerekwa,

nkavugana na we mu ndoto.

7 Ariko si ko bimeze ku musavyi wanje Mose;

ni umwizigirwa mu nzu yanje yose.

8 Mvugana na we imbonankubone,

mu buryo bufoboye ntapfinze;

arabona ishusho yanje jewe Uhoraho.

None ni iki catumye mudatinya

kuvuga nabi umusavyi wanje Mose?"

9 Uhoraho arabashavurira, aca aragenda abasigaho.

10 Ca gicu kimaze kuduga hejuru y’ihema, Miriyamu agihagaze ngaho yuzura imibembe, yera derere. Aroni ahindukiye ngo amurabe abona yuzuye imibembe; 11 na we aca abarira Mose ati: "Ndakwinginze nyakwubahwa, ntushishikare kuduharurako icaha cacu twakoze mu bujuju bwacu. 12 Ntumureke ngo amere nk’icavutse gipfuye kikiva mu nda ya nyina catanguye kubora."

13 Nuko Mose atakambira Uhoraho ati: "Yewe Mana ndakwinginze umukize!"

14 Nuko Uhoraho yishura Mose ati: "Mbega iyo aba ari se yamuvumye amate mu maso, ntiyari kumara iyinga ryose amaramara? Nimumukure hagati y’aho mucumbitse hahere imisi indwi, hanyuma azobone kugaruka." 15 Nuko rero Miriyamu ashirwa inyuma y’aho bacumbitse amarayo imisi indwi, abantu ntibava ngaho kugeza igihe yagarukanwa muri bo.

16 Inyuma y’ivyo Abisirayeli bava i Hazeroti bacumbika mu bugaragwa bw’i Parani.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-