Publicidade

Números 17

Inkoni ya Aroni ishurika

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Bwira Abisirayeli bazane inkoni icumi na zibiri, imwimwe ku muryango wose ivuye ku mukuru aserukira uwo muryango. Uze wandike izina rya nyene inkoni ku nkoni yiwe. 3 Ku nkoni ya Lewi uze wandike izina rya Aroni, kuko hategerezwa kuba inkoni imwe ku mukuru w’umuryango wose. 4 Muze muzishire mw’Ihema ry’Ibonaniro imbere y’Isandugu y’Isezerano, aho mbonanira namwe. 5 Inkoni y’uwo nzoba ntoranije izoshurika, gutyo nzoba nikuriyeho imyidogo Abisirayeli bama bakwidogera."

6 Nuko Mose avugana n’Abisirayeli, maze abakuru babo bazana inkoni zabo icumi na zibiri, imwimwe ku mukuru w’umuryango wose, n’inkoni ya Aroni yarimwo. 7 Mose ashira za nkoni imbere y’Uhoraho mw’Ihema ry’ibishingantahe.

8 Bukeye Mose yinjira mw’Ihema ry’ibishingantahe aca asanga inkoni ya Aroni yaserukira umuryango wa Lewi, ntiyatutuje amababi gusa ahubwo yashuritse yongera yama na alumonde zihiye. 9 Nuko Mose asohora za nkoni azikura imbere y’Uhoraho azizanira Abisirayeli bose. Baziravye, umwe wese atora iyiwe.

10 Uhoraho abarira Mose ati: "Subiza ya nkoni ya Aroni imbere y’Isandugu y’ibishingantahe, kugira ngo ibe ikimenyetso c’abagumutse. Ivyo bizokuraho imyidodombo banyidodombera, kugira ngo ntibapfe." 11 Mose aca akora nk’uko Uhoraho yamutegetse nyene.

12 Abisirayeli babarira Mose bati: "Ehe tugiye gupfa! Turaheze, twese turaheze! 13 Umuntu wese agize ngo aregera gusa ihema ry’Uhoraho aca apfa. Mbega none dupfe twese dushire?"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-