Publicidade

Números 4

Ibikorwa vy’Abakohati

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 2 "Andika amazina y’abakomoka mu nzu kwa Kohati hamwe n’imiryango y’Abakohati bose bakomoka kuri Lewi. 3 Uharure abagabo bose bafise imyaka mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu bashobora gukora ibikorwa mw’Ihema ry’Ibonaniro.

4 Iki ni co gikorwa c’Abakohati mw’Ihema ry’Ibonaniro: ni ugutunganya ibintu vyeguriwe Uhoraho kuruta ibindi. 5 Igihe Abisirayeli bazoba bagomba kuva aho bazoba bacumbitse, Aroni n’abahungu biwe baze binjire bamanure ca gihuzu gikingiriye ahera bagipfukishe ya Isandugu y’Isezerano. 6 Hanyuma baze barenzeko igipfukisho gikozwe mu rusato, bongereko igitambara gikozwe mu bwoya bw’intama c’ubururu bace bashirako vya biti vyo guterura iyo sandugu.

7 Hanyuma, baze basanze igitambara c’ubururu ku meza aho bahora bashira imikate yejejwe, bace bashiraho imibehe, amasahani n’ibikombe, n’ibikoresho vyo gutanga ishikanwa ry’ibinyobwa; ya mikate yama kuri iyo meza ize igumeko. 8 Hejuru y’ivyo, baze basanzeko igitambara gitukura, barenzeko impuzu ikozwe mu rusato bace bashirako vya biti vyo guterura iyo meza.

9 Hanyuma, baze bafate igitambara c’ubururu bagipfukishe igiterekwako amatara n’amatara yaco, ivyo kuduza intambi n’ibijako umunyota, n’ibijamwo amavuta yo gusukwa mu matara. 10 Bazoce bakizingira mu mpuzu ikozwe mu rusato hamwe n’ibikoresho bijanye na co babitereke ku nderuzo yaco.

11 Hanyuma, baze bapfukishe ca gicaniro c’inzahabu igitambara c’ubururu barenzeko impuzu ikozwe mu rusato bace bashirako vya biti vyo kugiterura.

12 Bazoheze bafate ibindi bikoresho vyose bikoreshwa imbere mw’ihema, babizingire mu mpuzu y’ubururu, barenzeko impuzu y’urusato bace babishira ku nderuzo yavyo.

13 Baze bakure iminyota kuri ca gicaniro c’umwakaka, hanyuma bagipfuke impuzu itukura. 14 Bazoce bagishirako ibikoresho bikoreshwa mu bikorwa vyo ku gicaniro, harimwo ivyotezo, amakanya yo guterura inyama, amapanu n’ibikoresho vyo kumijagira amaraso. Baze bagipfukishe impuzu ikozwe mu rusato bace bashiramwo vya biti vyo kugiterura.

15 Aroni n’abahungu biwe nibaheza gupfuka ibikoresho vyose vyejejwe, abantu na bo bakaba biteguye kugenda bava aho bahora bacumbitse, Abakohati bazoce baza guterura ivyo bikoresho vyose. Ariko ntibaze bakore kuri vya bikoresho vyejejwe kuko bohava bapfa. Abakohati baze baterure vya bikoresho biri mw’ihema ry’ibonaniro.

16 Eliyazeri mwene Aroni, umuherezi, azoba ajejwe kuraba amavuta yo mu matara, ivyo guturirwa bimota neza, amashikanwa y’ifu atangwa imisi yose n’amavuta yo kurobanura. Azoba ajejwe ahera hose n’ibintu vyose biri ngaho, harimwo n’ibikoresho vyose vy’ahera."

17 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 18 "Muze mwiyubare kugira ngo inzu y’Abakohati ntize izimangane mu Balewi. 19 Kugira ngo ntibaze bapfe igihe bazoba begereye ibintu vyera, ng’ibi ivyo mukwiye kubakorera: Aroni n’abahungu biwe baze baje mw’ihema kugira ngo umuntu wese bamwereke igikorwa akwiye gukora canke akwiye guterura. 20 Ariko Abakohati ntibaze binjire mw’ihema ngo barabe ivyera, naho hoba akanya gatoya, kuko boca bapfa."

Ibikorwa vy’Abagerushoni

21 Uhoraho abarira Mose ati: 22 "Andika amazina y’abakomoka mu nzu kwa Gerishoni hamwe n’imiryango y’Abagerishoni bose bakomoka kuri Lewi. 23 Uharure abagabo bose bamaze imyaka mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu baza gukora mw’ihema ry’ibonaniro.

24 Ibi ni vyo bikorwa vy’imiryango y’Abagerishoni: 25 Bazoba bajejwe guterura ibihuzu bikingira ahera n’ivyo mw’ihema ry’ibonaniro, n’ico gupfuka ahera hamwe n’ibipfuka hanze bikozwe mu nsato, n’ibihuzu bikingira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, 26 ibihuzu bikingira bigize urugo rw’ihema n’igicaniro, igihuzu gikingiriye irembo, imigozi n’ibindi bikoresho bijanye bigize urwo rugo. Abagerishoni baze bakore ibikeneye gukorwa vyo kuri ivyo bintu. 27 Aroni n’abahungu biwe baze bereke Abagerishoni ibikorwa vyose bajejwe vyaba ivyo bakora canke ivyo baterura. 28 Ivyo ni vyo abakomoka ku nzu ya Gerishoni bazokora mw’ihema ry’ibonaniro. Ivyo bazokora baze babikore barongowe na Itamari mwene Aroni, umuherezi.

Ibikorwa vy’Abamerari

29 Andika amazina y’abakomoka mu nzu kwa Merari hamwe n’imiryango y’Abamerari bose bakomoka kuri Lewi. 30 Uze uharure abagabo bose bakwije imyaka mirongo itatu gushika ku mirongo itanu bakwiye gukora mw’ihema ry’ibonaniro. 31 Iki ni co gikorwa cabo bazokora mw’ihema ry’ibonaniro: kurerura imbaho zubatse ihema, imitambikwa, inkingi n’ivyo kuziterekamwo, 32 inkingi z’urugo n’ivyo kuziterekamwo, imambo zo gushinga ihema, imigozi, n’ibindi vyose bijanye n’igikorwa cavyo. Uze ugenere umuntu wese ivyo akwiye guterura. 33 Ivyo ni vyo bikorwa vy’abakomoka kuri Merari nk’uko bakora mw’ihema ry’ibonaniro barongowe na Itamari mwene Aroni, umuherezi."

Guharurwa kw’imiryango y’Abalewi

34 Mose, Aroni n’abakuru barongoye abandi baharura Abakohati nk’uko inzu zabo n’imiryango yabo biri.

35 Abagabo bose bamaze imyaka mirongo itatu gushika ku myaka mirongo itanu baza gukora mu gikorwa co mw’ihema ry’ibonaniro, 36 basanze bose hamwe ari ibihumbi bibiri n’amajana indwi na mirongo itanu. 37 Ico ni co cari igitigiri c’abakomoka kuri ku mazu ya Kohati bakora mw’ihema ry’ibonaniro. Mose na Aroni barabaharura nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

38 Abagerishoni baraharurwa nk’uko amazu yabo n’imiryango yabo iri.

39 Abagabo bose bamaze imyaka iri hagati ya mirongo itatu na mirongo itanu bakwiye gukora mw’ihema ry’ibonaniro, 40 baharuwe nk’uko amazu n’imiryango yabo biri basanze ari ibihumbi bibiri n’amajana atandatu na mirongo itatu. 41 Ico cari igitigiri c’abakomoka kuri Gerishoni bakora mw’ihema ry’ibonaniro. Mose na Aroni barabaharura nk’uko Uhoraho yari yabitegetse.

42 Abamerari baraharurwa nk’uko amazu n’imiryango yabo biri.

43 Abagabo bose bari hagati y’imyaka mirongo itatu na mirongo itanu baza gukora mw’ihema ry’ibonaniro, 44 baharuwe nk’uko amazu n’imiryango yabo biri bari ibihumbi bitatu n’amajana abiri. 45 Ico ni co gitigiri c’abakomoka ku mazu n’imiryango y’Abamerari. Mose na Aroni barabaharura nk’uko Uhoraho yari yabitegetse abicishije kuri Mose.

46 Nuko Mose, Aroni n’abakuru b’Abisirayeli baharura Abalewi bose bakurikije amazu yabo n’imiryango yabo. 47 Abagabo bose bamaze imyaka mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu bakwiye gukora mw’ihema ry’ibonaniro 48 bari ibihumbi umunani n’amajana atanu na mirongo umunani. 49 Nk’uko Uhoraho yari yabitegetse abicishije kuri Mose, umwe wese ahabwa igikorwa ciwe kandi abarirwa ico akwiye guterura.

Maze bose baharurwa, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-