Publicidade

Números 29

Imisi mikuru y’inzamba

1 Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire ico mukora. Uzoba ari umusi mukuru kuri mwebwe wo kuvuza inzamba. 2 Ikimazi c’ubumote bwiza bunezera Uhoraho, kizobe ikimazi co guturirwa kigizwe n’ishuri imwe ikiri nto, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, vyose bibe ibitagira agasembwa. 3 Iyo shuri ize iherekezwe n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta ya elayo; hanyuma iyo mpfizi y’intama na yo izoherekezwe na bibiri vya cumi; 4 kandi umwagazi wose uzoherekezwa na kimwe ca cumi. 5 Muze mushiremwo n’isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha kugira ngo kibe ikimazi co kubakurako ivyaha vyanyu. 6 Ivyo bize vyiyongere kuri vya bimazi bitangwa uko ukwezi gutashe n’ivyo ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa nk’uko vyashinzwe. Bizoba ari ibimazi vyo guturirwa n’umuriro bishikaniwe Uhoraho; ubumote bwiza bumuhimbara.

Umusi w’impongano

7 Ku musi ugira icumi w’uko kwezi kw’indwi muze mugire ikoraniro ryera. Muze mwisonzeshe kandi ntihagire ico mukora. 8 Muze mutange ishikanwa ribe ubumote bwiza bunezera Uhoraho, rizoba ari ikimazi co giturirwa kigizwe n’impfizi y’inka ikiri nto, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, vyose bitagira agasembwa. 9 Impfizi yose izoherekezwa n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; hanyuma ya mpfizi y’intama na yo izoherekezwa n’ibilo bitandatu; 10 kandi umwagazi wose muri iyo ndwi uzoherekezwa n’ibilo bitatu. 11 Muze mushiremwo n’isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha, hejuru y’iryo shikanwa ry’ivyaha hamwe n’ibimazi biturirwa biri kumwe n’ishikanwa ry’ifu bijanye, n’amashikanwa y’ibinyobwa.

Imisi mikuru y’insago

12 Ku musi ugira icumi na gatanu w’uko kwezi kw’indwi, muze mugire ikoraniro ryera kandi ntihagire ico mukora. Muhimbaze umusi mukuru w’Uhoraho imisi indwi. 13 Muze mushikanire Uhoraho ikimazi co guturirwa nk’ubumote bwiza bunezera Uhoraho, ikimazi co guturirwa kigizwe n’amashuri icumi n’atatu, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 14 Ishuri yose muri izo icumi na zitatu ize iherekezwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; hanyuma impfizi y’intama yose ize iherekezwe n’ibilo bitandatu; 15 kandi umwagazi wose muri ya myagazi icumi n’ine, uzoherekezwe n’ibilo bitatu. 16 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, yiyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.

17 Ku musi wa kabiri muze mutegure amashuri icumi n’abiri, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka umwe, vyose bibe bitagira agasembwa. 18 Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe. 19 Muze mushiremwo n’isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera kuri ca kimazi cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu bijanye, n’amashikanwa y’ibinyobwa yavyo.

20 Ku musi ugira gatatu muze mutegure amashuri icumi n’imwe, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama cumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 21 Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe. 22 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.

23 Ku musi ugira kane muze mutegure amashuri icumi, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 24 Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe. 25 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, yiyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.

26 Ku musi ugira gatanu muze mutegure amashuri icenda, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 27 Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe. 28 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.

29 Ku musi ugira gatandatu muze mutegure amashuri umunani, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 30 Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe. 31 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.

32 Ku musi ugira indwi muze mutegure amashuri indwi, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 33 Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe. 34 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.

35 Ku musi ugira umunani muze mugire ikoraniro ryera kandi ntihagire ico mukora. 36 Muze mutange ikimazi co guturirwa ubumote bwiza buhimbara Uhoraho, ikimazi co guturirwa kigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa. 37 Kuri iyo shuri, iyo mpfizi y’intama, n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’amashikanwa y’ibinyobwa bijanye mukurikije ibitigiri vyatanzwe. 38 Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.

39 Ivyo bimazi vyose muze mubishikanire Uhoraho ku misi mikuru uko yashinzwe. Mushobora kwongerako ivyo musezerana muvyishakiye bivuye ku mitima yanyu. Muze mutegurire Uhoraho mu misi mikuru: ibimazi vyanyu vyo kwoswa, amashikanwa y’ifu, amashikanwa y’ibinyobwa n’ibimazi vy’ishimwe.’ "

40 Mose abarira Abisirayeli ivyo Uhoraho yamutegetse vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-