1 Nimwasanga umuntu yishwe, aryamye hasi mu gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye nk’iragi, ariko ntimumenye uwamwishe, 2 abatware n’abacamanza bazogere imetero z’uburebure ziri hagati y’ico kiziga n’igisagara kiri hafi yaco. 3 Nibamara kubona igisagara kiri hafi yaco, abatware b’ico gisagara bazofate ishashi y’inka itarigera ikoreshwa ibikorwa vyo kurima, canke ngo yambikwe ingogo, 4 bayimanukane ku mwonga utigeze urimwa ngo uterwemwo ibiterwa, urimwo amazi aguma atemba. Maze iyo shashi baze bayivunire izosi muri uwo mwonga. 5 Abaherezi, ari bo Balewi, bazoze imbere, kuko Uhoraho Imana yanyu yabatoranije ngo bakore igikorwa c’ubuherezi bongere bahezagire mw’izina ry’Uhoraho, kandi ni bo bategerezwa guca imanza z’amatati no gukomeretsanya. 6 Maze abatware b’igisagara kizoba kiri hafi y’ico kiziga bazokarabire ibiganza vyabo kuri iyo shashi bazoba bavuniye izosi kuri uwo mwonga. 7 Bazovuge bati: "Amaboko yacu ntiyasheshe amaraso y’uwu muntu, kandi ntitwabonye n’ukuntu yishwe. 8 None rero Uhoraho we, wakire iyi mpongano, ubabarire Abisirayeli wacunguye, ntubaharureko amaraso y’uwu muntu yishwe ata co azira." Maze ayo maraso y’uwo azoba ahongewe. 9 Gutyo muzoba mwikuyeko icaha co gusesa amaraso y’umuntu ata co azira, kuko muzoba mwakoze ibibereye mu nyonga z’Uhoraho.
10 Nimwaja kugwanya abansi banyu, maze Uhoraho Imana yanyu akabatanga mu maboko yanyu mukabagira imbohe, 11 hanyuma ugashima umugore umwe mu mbohe zanyu, uzomugire umugore wawe. 12 Uzomwinjize mu nzu yawe, yimoshe, yice inzara, 13 hanyuma ahindure impuzu yari yambaye akiri imbohe, yambare izindi. Niyamara kuba mu nzu yawe, akagandarira se na nyina ukwezi kwose, uzoheze umurongore, ube umugabo wiwe na we abe umugore wawe. 14 Nihagera igihe ntabe akikunezera, uzomureke yigire iyo ashaka. Ntuzomugurishe canke ngo umugire umugurano, kuko wamaze kumutesha agaciro.
15 Nihagira umugabo agira abagore babiri, hanyuma agakunda umwe kurusha uwundi, bompi bakavyarana na we abahungu, ariko umuhungu wa mbere akaba uw’umugore adakundwa, 16 hageze ko abagaburira itunga ryiwe, ntazogire samuragwa uwo muhungu w’umugore akundwa, samuragwa azobe uwo kuri uwo mugore adakundwa. 17 Ategerezwa kwemera ko umuhungu w’umugore adakundwa ari we mfura amuhe imigabane ibiri ku vyo atunze. Uwo muhungu wa mbere ni we kimenyetso c’inkomezi za se. Uburenganzira buhabwa imfura ni ubwiwe.
18 Abavyeyi nibagira umwana hanyuma akaba umugarariji ntabubahe n’aho bomuhana, 19 bazomuzane imbere y’abatware kw’irembo ry’igisagara. 20 Bazobwire abatware b’igisagara bati: "Uwu mwana wacu ni intumva kandi ni umugarariji. Ntatwumvira. Yama mu buhumbu n’akaborerwe." 21 Maze abagabo bo muri ico gisagara bose bazomwicishe amabuye. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe. Abisirayeli bose bazovyumva batinye.
22 Umuntu niyagirizwa agatsindwa n’icaha gituma yicwa, azokwicwe, umuvyimba wiwe bawumanike ku giti, 23 ariko uwo muvyimba ntuzorare kuri ico giti. Muzomuhambe uwo musi nyene, kuko uwumanitswe ku giti wese azoba ari musi y’umuvumo w’Imana. Gutyo muzoba mwirinze guhumanya igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi ryanyu.