Publicidade

Deuteronômio 2

Abibutsa ivyo kuyerera mu bugaragwa

1 Ni ko guca dusubira inyuma tuja mu bugaragwa, duca mu nzira itumbereye ku Kiyaga Gitukura, nk’uko Uhoraho yari yabintegetse. Tumara igihe kirekire tuzunguruka mu misozi y’i Seyiri.

2 Maze Uhoraho arambarira ati: 3 "Igihe mumaze muzunguruka muri ino misozi ni kirekire bikwiye; ubu nimuhindukire mugende mwerekeye mu buraruko. 4 Uhe abantu aya mategeko akurikira: ‘Mugiye guca mu gihugu ca benewanyu, abakomoka kuri Esawu, baba i Seyiri. Bazobatinya ariko namwe muze mubiyubare. 5 Ntimuze mubasomborotse ngo mugwane, kuko ata ntara n’imwe yabo nzobaha, sinzobaha n’ahangana n’aho umuntu yohonyoza ikirenge. Esawu namuhaye igihugu ca Seyiri ngo kibe umugabane wiwe. 6 Ivyokurya vyabo muzorya n’amazi yabo muzonywa, muze mubibagurire ifeza.’ "

7 Imana yanyu yarahezagiye ibikorwa vy’amaboko yanyu, yongera ibarinda mu rugendo rwanyu rwose. Inyonga zayo zagumye ku rugendo rwanyu igihe cose mwari muri ubu bugaragwa bunini. Mu myaka mirongo ine yose Uhoraho Imana yanyu yabanye namwe, nta kintu na kimwe mwigeze mukena.

8 Nuko twarabandanije turengana benewacu ari bo ruvyaro rwa Esawu, baba i Seyiri. Turahindukira tuva mu nzira ica muri Araba iduga ivuye ahitwa Elati n’ahitwa Eziyoni Geberi, dufata inzira ica mu bugaragwa bw’i Mowabu.

9 Uhoraho arambarira ati: "Ntimugire ico mupfa n’Abanyamowabu canke ngo mubatere mugwane, kuko ntazobaha n’agatongo na gatoya mu gihugu cabo. Ahantu hitwa Ari nahahaye uruvyaro rwa Loti ngo habe umugabane wabo."

10 Ubwoko bw’Abemiti ni bo bahora bahaba kera: bari abantu b’ibigatanya, kandi benshi cane, bari barebare nk’Abanaki. 11 Abo Bemiti co kimwe n’Abanaki, bose babita Abarefayimu, ariko Abanyamowabu bobo babita Abemiti. 12 Abahori ni bo bahora baba i Seyiri, ariko abo mu ruvyaro rwa Esawu barabirukanye. Barabatikije, bifatira igihugu cabo nk’uko Abisirayeli babikoze ku gihugu Uhoraho yabahaye ngo bacegukire.

13 Uhoraho aravuga ati: "Nimuhaguruke mujabuke ikiyaya c’i Zeredi." Natwe turahaguruka turakijabuka.

14 Hari haheze imyaka mirongo itatu n’umunani kuva duhagurutse tuva i Kadeshi Baruneya gushika tujabuke ikiyaya c’i Zeredi. Ariko ico gihe, urunganwe rwose rw’abagabo bashobora kuja mu ntambara rwari rumaze guhonera mu bugaragwa nk’uko Uhoraho yari yarabibarahiye. 15 Ukuboko kw’Uhoraho kwagumye kubagwaniriza aho dushagaje kugeza kubamaze bose.

16 Igihe uwa nyuma wo muri urwo runganwe rw’abashobora kuja mu ntambara yari amaze gupfa, 17 Uhoraho aca arambarira ati: 18 "Uwu musi mugiye guca muri Ari, mu ntara y’i Mowabu. 19 Nimwashikira Abamoni, ntimuze mubasomborotse canke ngo mubatere kugira ngo mugwane, kuko ntazobaha n’agatongo na gatoya mu gihugu c’Abamoni. Nagihaye uruvyaro rwa Loti ngo kibe inyegu yabo."

20 Ico na co nyene cari kizwi nk’igihugu c’Abarefayimu bahoze bakibamwo, ariko Abamoni babita Abazamuzumi. 21 Bari abantu b’inkomezi kandi benshi, barebare nk’Abanaki. Uhoraho abatikiriza imbere y’Abamoni, na bo baca barabirukana bifatira ico gihugu. 22 Uhoraho yari yabikoze gutyo ku bantu bo mu ruvyaro rwa Esawu bahoze baba i Seyiri, igihe yatikiriza Abahori imbere yabo. Barabirukanye baca baba mu gihugu cabo gushika n’uno musi. 23 Kandi ivyo vyarashitse no ku bantu bitwa Abawimu bahoze baba mu mihana ishika i Gaza, Abakafutori bakomotse kuri Kafutori barabaranduye, baca begukira igihugu cabo.

Ingene umwami Sihoni w’i Heshiboni yatsinzwe

24 Maze Uhoraho arambwira ati: "Haguruka mujabuke akagezi Arunoni. Ehe nshize mu maboko yanyu Sihoni Umwamori, umwami wa Heshiboni, n’igihugu ciwe. Nimumutere mutangure gufata ico gihugu. 25 Uyu musi nyene ngira ntangure guteza igihumura n’ubwoba amahanga yose ari musi y’izuba. Bazokwumva inkuru zanyu bahinde agashitsi bahagarike imitima kubera mwebwe."

26 Tukiri mu bugaragwa bw’i Kedemoti, narungitse intumwa kuri Sihoni umwami w’i Heshiboni, ndamusaba ko tugiriranira amahoro, ndamubwira nti: 27 "Nimutureke duce mu gihugu canyu. Tuzoguma mu nzira itumbereye ducamwo turengana, ntituzokikama ngo tuje i buryo canke i bubamfu. 28 Muze mutugurisheko ivyokurya tuzorya n’amazi tuzonywa, tuzobigura amahera. Ico tubasavye ni uko mwotureka tugaca mu gihugu canyu gusa; 29 nk’uko abo mu ruvyaro rwa Esawu baba i Seyiri co kimwe n’Abanyamowabu baba muri Ari baturetse turarengana; kugeza tujabutse uruzi Yorodani, tugashika mu gihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye." 30 Ariko Sihoni umwami w’i Heshiboni aratwankira ko tuhaca, kuko Uhoraho Imana yanyu yari yamukomantaje umutima ntiyumvira, kugira ngo imutange mu maboko yanyu, nk’uko mubibona uwu musi.

31 Uhoraho arambarira ati: "Murabona ko natanguye kubaha Sihoni n’igihugu ciwe. Nuko rero nimucinjire, mucegukire."

32 Igihe Sihoni n’ingabo ziwe baza kudutegerera i Yahazi ngo batugwanye, 33 Uhoraho Imana yacu amutanga mu maboko yanyu, muramwica, mumwicana n’abahungu biwe n’ingabo ziwe zose. 34 Ico gihe twateye ibisagara vyiwe vyose turabisangangura: abagabo, abagore, abana, ntihasigara n’uwo kubara inkuru. 35 Ariko ibitungwa n’ibindi vyose twanyaze mu bisagara twafashe, twarabigumije biba ivyacu. 36 Kandi Uhoraho Imana yacu yadufashije gufata Aroweri, igisagara kiri ku nkengera y’umwonga Arunoni no gushika kure i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catunaniye. Uhoraho Imana yacu yabiduhaye vyose. 37 Kandi dukurikije ivyo Uhoraho Imana yacu yatubwiye, nta kintu na kimwe twatwaye mu ntara y’Abamoni, canke mu ntara iri ku nkengera z’uruzi Yaboki, canke mu ntara yegereye ibisagara biri mu misozi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-