1 Nimwamara kwinjira mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi, mukacegukira mukakibamwo, 2 muze mufate ku vyeze vya mbere mwimbuye mu mirima yanyu yo mu gihugu Uhoraho abahaye, mubishire mu giseke. Hanyuma muze mubijane muri ca kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije, aho Izina ryayo rizohimbarizwa 3 hanyuma mubwire umuherezi azoba ariko akora ico gikorwa c’ubuherezi ico gihe muti: "Ndemeje uno musi imbere y’Uhoraho Imana yawe ko nashitse mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokiduha." 4 Umuherezi azokwakira ico giseke, agitereke imbere y’igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu. 5 Maze muze muvugire imbere y’Uhoraho Imana yanyu muti: "Sogokuruza wacu Yakobo yari Umwaramu atagira aho aba hanyuma amanuka muri Egiputa ajanye n’abantu bakeya, hanyuma baragwira baba ihanga rinini kandi rikomeye. 6 Ariko Abanyegiputa baraducinyiza, baratubabaza, batugira abagurano babo. 7 Maze dutakambira Uhoraho Imana ya ba sogokuruza, na we yumva ugutakamba kwacu, abona amagorwa yacu, imiruho n’agacinyizo twarimwo. 8 Uhoraho adukura muri Egiputa n’ukuboko kwiwe kw’inkomezi kandi kuramvuye, n’ibiteye ubwoba vyinshi, hamwe n’ibitangaza n’utwumiza. 9 Yatuzanye muri kino kibanza, aduha kino gihugu gitemba amata n’ubuki, 10 none rero, nshikanye ivyeze vya mbere vyo mu mirima wewe Uhoraho wampaye." Muce mutereka ico giseke imbere y’Uhoraho Imana yanyu hanyuma mwikubite imbere yayo muyipfukamire. 11 Hanyuma, mwe n’Abalewi n’abanyamahanga baba hagati muri mwebwe, muze muce munezerwa muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, munezererwe ivyo azoba yabahaye mwe n’abo mu nzu zanyu.
12 Niwamara gushira ku ruhande ikigiracumi c’ivyo wimbuye mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka w’ikigiracumi, uze ugihe Abalewi, abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi, kugira ngo na bo baronke ivyo barya bahagire mu bisagara vyanyu. 13 Muze mwongere mubwire Uhoraho Imana yanyu muti: "Nakuye mu nzu yanje umuce watoranijwe, ndawuha Abalewi, abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi, nk’uko wabidutegetse. Sinaciye i ruhande ngo nyuranye n’amabwirizwa yawe, sinibagiye na rimwe muri yo. 14 Sinariye umuce watoranijwe igihe nari ngandaye, canke ngo ngire ico ndawukurako igihe nari ngihumanye, canke ngo nkureko ivyo nshikanira abapfuye. Nagamburukiye Uhoraho Imana yanje, nakoze ivyo wantegetse vyose. 15 None rero, undabe uri mw’ijuru, ahera hawe, uhezagire abantu bawe ba Isirayeli, hamwe n’igihugu wari wasezeraniye ba sogokuruza bacu ko uzokiduha, igihugu gitemba amata n’ubuki."
16 Uhoraho Imana yanyu abategetse gukurikiza aya mabwirizwa n’ivyagezwe, muzovyubahe n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose. 17 Mwemeje uwu musi ko Uhoraho ari yo Mana yanyu, kandi ko muzogendera mu nzira ziwe, mukazigama amabwirizwa, amategeko n’ivyagezwe vyiwe, kandi ko muzomwubaha. 18 Uhoraho na we, uwu musi yemeje ko muri abantu biwe, itunga yiharije nk’uko yabisezeranye, kandi ko mutegerezwa kuzokwama mugendera mu vyagezwe vyiwe. 19 Nimwabikurikiza, azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose yaremye. Abandi bazobashimagiza, babubahe, mumenyekane mu mahanga. Muzoba ihanga ryera ry’Uhoraho Imana yanyu, nk’uko yabisezeranye.