1 Aya ni yo mabwirizwa n’ivyagezwe mutegerezwa kwitwararika gukurikiza igihe cose muzoba mukiba muri kino gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza abahaye ngo mucegukire. 2 Muzosangangure ibibanza vyose vyo ku misozi, ku mitumba no musi y’ibiti, aho abanyamahanga muzokwirukana bahora basengera imana zabo. 3 Muzomenagure ibicaniro vyabo, mumenagure n’amabuye yabo, muturire n’inkingi za Ashera, musatagure n’ibishusho vy’imana zabo, muzimanganye n’amazina y’imana zabo muri ivyo bibanza.
4 Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu nk’uko basenga imana zabo. 5 Ariko muzorondere ikibanza Uhoraho Imana yanyu azokwitoraniriza mu miryango yanyu, ikibanza izina ryayo rizokwambarizwamwo. 6 Abe ari ho muzoja, mujanye amashikanwa yo guturirwa hamwe n’ibimazi, ibigiracumi n’amashikanwa adasanzwe, ivyo mwasezeranye gushikanira Imana n’ivyo mutanze mwishakiye, hamwe n’imfura z’ibitungwa n’imikuku vyanyu. 7 Aho hantu, muri kumwe n’imiryango yanyu kandi muri imbere y’Uhoraho, aze abe ari ho muzohora murira mwongera munezerererwa ibintu vyose mwaronse kubera Uhoraho Imana yanyu yabahezagiye.
8 Ntimuzobikore nk’uko tubikora ngaha, kuko ngaha umwe wese abikora uko yumva bibereye kuri we, 9 kubera yuko mutarashika mu gihugu c’uburuhukiro, igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi. 10 Ariko muzojabuka Yorodani mube mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi, kandi izobaha kuruhuka intambara mwaterwa n’abansi banyu babakikije hanyuma mwibere mu mutekano. 11 Mu kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yitoreye ngo ahashire Izina ryiwe, azobe ari ho muzomushikanira ibi ndababwiye vyose: amashikanwa yo guturirwa, hamwe n’ibimazi, ibigiracumi n’amashikanwa adasanzwe, hamwe n’ivyo mwasezeranye gushikanira Uhoraho. 12 Hanyuma muri ngaho, muze munezererwe kuba imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwebwe, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abakozi b’abahungu n’abakobwa hamwe rero n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu kuko ata matongo canke ibisagara batoranye. 13 Muze mwirinde ntimushikanire amashikanwa yo guturirwa aho mwishakiye. 14 Muzoyashikanire mu kibanza Uhoraho azotoranya mu muryango umwe mu miryango yanyu.
15 Ariko murashobora kuzobagira ibitungwa vyanyu mu bisagara vyanyu, mukarya inyama uko muvyipfuza, ari nk’ingeregere canke impongo, mukurikije uko Uhoraho Imana yanyu azoba yabahezagiye. Abasanzwe bahumanye n’abadahumanye bose bashobora kuziryako. 16 Ariko amaraso yavyo ntimuzoyarye, muzoyasese hasi nk’amazi. 17 Ntimuzorire mu bisagara vyanyu ibigiracumi vy’ingano n’umuvinyu mushasha hamwe n’amavuta ya Elayo, canke imfura z’ibitungwa n’iz’imikuku vyanyu, canke ikindi kintu cose mwasezeranye gutanga caba ico mutanze mwishakiye canke ayandi mashikanwa adasanzwe. 18 Ahubwo muzobirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azoba yitoranirije. Muzobisangire n’abana banyu, abahungu n’abakobwa, abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa hamwe n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu, kandi muzonezererwe imbere y’Uhoraho mu vyo muzoba mwaronse. 19 Muzokwiyubare ntimufate minenerwe Abalewi bazoba bari muri mwebwe igihe cose muzoba mukiba muri ico gihugu.
20 Uhoraho Imana yanyu niyamara kwagura intara zanyu nk’uko yabibasezeraniye, hanyuma mukipfuza kurya inyama, mukavuga muti: "Ndipfuza inyama" muzorye izo mushaka zose. 21 Hamwe na ho ikibanza Uhoraho Imana yanyu azokwihitiramwo ngo citirirwe Izina ryiwe kibaye kure yanyu, muzobage ibitungwa vyanyu Uhoraho yabahaye, nk’uko nabibabwiye, mubibagire mu bisagara vyanyu, murye ivyo mwipfuza vyose. 22 Muzobirye nk’uko mworya ingeregere canke impongo. Kandi bose abahumanye n’abadahumanye barashobora kuziryako. 23 Ariko muzokwirinde ntimurye amaraso, kuko amaraso ari bwo buzima, rero ntimuzorye ubuzima hamwe n’inyama. 24 Ntimuzorye amaraso, ariko muzoyasese hasi nk’amazi. 25 Ntimuzoyarye, kugira ngo ivyanyu, mwe n’uruvyaro rwanyu ruzokwaruka inyuma bize bigende neza, kuko muzoba mukoze ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho.
26 Ariko muzofate amashikanwa yejejwe, ayo mwasezeranye gushikana, muheze nuyatware mu kibanza Uhoraho azoba yahisemwo. 27 Muzoshikane ku gicaniro amashikanwa yanyu yo guturirwa, inyama hamwe n’amaraso. Amaraso y’ibimazi vyanyu muzoyasuke i ruhande y’igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, ariko inyama muzozirye. 28 Mwiyubare kugira ngo muze mwumvire aya mategeko ndabahaye yose, kugira ngo ivyanyu, mwe n’abana banyu bazokwaruka inyuma yanyu, bizokwame bigenda neza, kuko muzoba muriko murakora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu.
29 Uhoraho Imana yanyu azotikiza imbere yanyu amahanga mugiye gutera no kunyaga igihugu. Ariko nimwamara kubirukana mukaba mu gihugu cabo, 30 kandi bamaze kurandurwa imbere yanyu muze mwiyubare ntimuzogwe mu mutego wo kurondera kumenya ivyerekeye imana zabo, mukavuga muti: "Mbega aya mahanga yasenga imana zabo gute? Dushaka gusenga nka bo." 31 Ntimuzosenge Uhoraho Imana yanyu nk’uko basenga imana zabo, kuko mu gusenga kwabo bakora ibizira vy’ubwoko bwose Uhoraho yanka. Mbere baratanga abahungu n’abakobwa babo kugira ngo baturirwe kw’ibimazi vy’ishikanwa bashikaniye imana zabo.
32 Mube maso, mukurikize ivyo ndababwiye vyose, ntihagire ico mwongerako canke ngo hagire ico mukurako.