1 Muri abana b’Uhoraho Imana yanyu. Nimwagandarira uwapfuye, ntimuzokwimoshe umushatsi wo mu ruhanga, 2 kuko muri ubwoko bwatoranijwe n’Uhoraho Imana yanyu. Mu yandi mahanga yose yo kw’isi, Uhoraho yatoranije mwebwe ngo mube ubutunzi bwiwe.
3 None rero ntimuzorye ikintu na kimwe kizira. 4 Ibi ni vyo bikoko mwemerewe kurya: inka, intama, impene, 5 impongo, ingeregere, ifumberi, impene y’inyeshamba, inzobe, imbogo, hamwe n’intama y’inyeshamba. 6 Muremerewe kandi kurya igikoko cose gifise ikinono gisatuye kandi cuza ivyo cariye; 7 ariko ibidafise ibinono bisatuye kandi bituza, ntimuzobirye. None rero ntimuze murye ingamiya, agakwavu, canke inkezi, naho vyuza, ibinono vyavyo ntibisatuye; ivyo birahumanye kuri mwebwe. 8 Ingurube na yo nyene irahumanye, kuko naho ifise ibinono bisatuye, ntiyuza. Ntimuzorye inyama zavyo, ntimuzokore no ku mivyimba yavyo.
9 Mu biba mu mazi vyose, mwemerewe kurya ibifise amababa n’ibigaragamba. 10 Ibidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mubirye, birahumanye kuri mwebwe.
11 Murashobora kurya ibiguruka vyose bidahumanye. 12 Ariko ibi bikurikira ntimuzobirye: inkona, ikinyakabaka, inkukuma, 13 ikinyamwanira, icaruzanyoni nk’uko amoko yavyo ari, 14 ubwoko bwose bw’ibikona, 15 ikigendabunyovu, sarumfune, inguriguri, n’amoko yose y’ubuca; 16 igihuna, ikirovyi, inyanana, 17 ikinyamwanira, inkongori, ikiryamivyimba, 18 agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure, n’agahungarema.
19 Udukoko twose dufise amababa tukagendera ku maguru ane, turahumanye kuri mwebwe, ntimuze muturye. 20 Ariko ibindi bikoko vyose bifise amababa bidahumanye muzobirye.
21 Ntimuzorye ikintu na kimwe muzosanga capfuye. Muzobihe abanyamahanga bazoba bari muri mwebwe, canke muzokigurishe ku banyamahanga. Ariko mwebwe ntimuzokirye kuko muri ubwoko bwejejwe kubera Uhoraho Imana yanyu.
Ntimuzotekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina wayo.
22 Muzokwame mwegeranya ikigiracumi c’ivyo mwimbuye mu mirima yanyu ku mwaka ku mwaka. 23 Muzorire ibigiracumi vyanyu vy’ingano, imivinyu misha, n’amavuta ya elayo, hamwe n’imfura z’ibitungwa n’imikuku vyanyu, mubirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azokwitoraniriza ngo citirirwe izina ryiwe, kugira ngo mumenye kwama mumutinya bifatanije no kumwubaha ibihe vyose. 24 Ariko ico kibanza kibaye kure yanyu, hanyuma Uhoraho Imana yanyu akaba yarabahezagiye mutoshobora gushikanayo ibigiracumi vyanyu, 25 muzokabe ibigiracumi vyanyu n’ifeza, muzijane mu kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije. 26 Muzokoreshe izo feza mu kugura ivyo mukeneye, ari inka, intama, impene, imivinyu ihiye n’ibindi binyobwa vyose mwipfuza. Mwe n’imiryango yanyu muheze mubirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, munezerwe. 27 Kandi ntimuze mwibagire Abalewi baba mu bisagara vyanyu, kuko ata matongo canke iragi bafise mu bisagara vyabo.
28 Ku mpera y’umwaka ugira gatatu, muzozane ibigiracumi vy’ivyimburwa vy’uwo mwaka, mubishingure mu bubiko bw’ibisagara vyanyu, 29 kugira ngo Abalewi, bo badafise ishamvu yabo bwite barazwe, hamwe n’abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu baronke ico barya bahage, ni ho Uhoraho Imana yanyu azohezagira ibikorwa vy’amaboko yanyu.