Publicidade

Deuteronômio 19

Ibisagara vy’ubuhungiro

1 Uhoraho Imana yanyu niyarandura amahanga ari mu gihugu abahaye, mukabirukana hanyuma mukaba mu bisagara no mu mazu yabo, 2 muzotoranye ibisagara bitatu vy’ubuhungiro mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo mucegukire. 3 Muze murabe neza, ico gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, mukigaburemwo ibice bitatu, igice cose kibe gifise ico gisagara c’ubuhungiro. Nihagira uwica umuntu azogihungiremwo.

4 Iri ni ryo tegeko rigenga umuntu yishe uwundi agaca ahungirayo kugira ngo akize amagara yiwe, ni uwishe mugenziwe atabishaka, ata rwanko yahora amufitiye. 5 Nk’akarorero, umuntu ashobora kuba ari mw’ishamba na mugenziwe kwicira ibiti, hanyuma abanguye incabiti ariko aricira, iyo ncabiti ikaroka igashibuka ikica uwo mugenziwe. Uwo muntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara kugira ngo akize ubugingo bwiwe. 6 Bitabaye uko, uwuhora amaraso y’uwo yapfuye ashobora kumukurikira yuzuye uburake, agahava amushikira nimba urugendo rwo gushika muri ico gisagara ari rurerure, hanyuma akamwica kandi atari akwiye kwicwa, kuko atishe mugenziwe amufitiye urwanko. 7 Ni co gituma ndabahaye ibwirizwa ryo kwitoraniriza ibisagara bitatu.

8 Uhoraho Imana yanyu niyabagurira igihugu nk’uko yabisezeraniye ba sogokuruza ashizeko n’indahiro, akakibaha cose nk’uko yabibasezeraniye, 9 muze mutoranye ibindi bisagara bitatu vy’ubuhungiro. Azobaha ico gihugu nimwitondera neza amabwirizwa ndabahaye, mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukagendera mu nzira ziwe. 10 Muzobikore ukwo kugira ngo ntihazogire amaraso asesekera ubusa mu gihugu canyu, ico Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi ryanyu, ni ho mutazoharurwako amaraso azoba yasesetse.

11 Ariko nihagira umuntu agirira akazikira mugenziwe, hanyuma akamubundira, akamusimbirako akamwica, hanyuma agahungira muri kimwe muri ivyo bisagara, 12 abatware b’ico gisagara bazomutumeko, bamusubize mu gisagara ciwe, bamushikirize uwuhora amaraso amwice. 13 Ntimuzomugirire imbabazi. Mutegerezwa gukura uwagirizwa icaha c’ubwicanyi mu Bisirayeli, kugira ngo ivyanyu bizogende neza.

14 Nimwashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi, ntimuze mwigere mwiha itongo ry’uwundi mu kwigiza hirya akarimbi ba sogokuruza banyu bashinze ku matongo yanyu.

Ivyabona

15 Ntihaze hagire uwo muzokwagiriza icaha mwumvirije icabona kimwe gusa. Muzoce urubanza mwumvirije ivyabona bibiri canke bitatu.

16 Nihagira icabona cagiriza umuntu icaha kibesha, 17 uwagirizwa n’uwagiriza bazozanwe imbere y’Uhoraho, imbere y’abaherezi n’abacamanza bakiri mu bikorwa. 18 Abacamanza bazokore amatohoza neza, basanze ico cabona kibesha, kigatanga ivyemezo bitari vyo mu kwagiriza mwenewabo w’Umwisirayeli, 19 muzomucire nk’urwo yashaka gucira mwenewabo. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe. 20 Abandi nibavyumva baze batinye, ntihagire uwuzosubira kwubahuka gukora ikibi nk’ico muri mwebwe. 21 Ntimuzomugirire imbabazi: ubuzima buzohorwe ubundi, ijisho rihorwe irindi, iryinyo rihorwe irindi, ukuboko guhorwe ukundi, ikirenge gihorwe ikindi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-