Publicidade

Deuteronômio 6

Mukundishe Uhoraho Imitima yanyu yose

1 Aya ni yo mategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe Uhoraho Imana yanyu yampaye ngo ndabibigishe, kugira ngo muzobikurikize nimwamara gushika mu gihugu, ico mugira mwinjiremwo mujabutse Yorodani mukacegukira, 2 kugira ngo mwe n’abana banyu n’abuzukuru banyu muze mwame mutinya bifatanije n’ukwubaha Uhoraho Imana yanyu, ukubaho kwanyu kwose, mukurikiza aya mabwirizwa n’ivyagezwe ndabaha uwu musi, kugira ngo muzonezerererwe kurambira muri ico gihugu. 3 Tega amatwi yewe Isirayeli, kandi witeho cane kwumvira kugira ngo ivyawe bizogende neza, ugwirire cane mu gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabigusezeraniye.

4 Tega amatwi, yewe Isirayeli: Uhoraho Imana yacu, ni yo Mana imwe rudende. 5 Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, n’inkomezi zawe zose. 6 Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. 7 Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse. 8 Muzoyabohere ku maboko, muyambare no mu ruhanga nk’ivyibutso. 9 Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu.

10 Uhoraho Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yasezeraniye ba sogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo ko azokibaha, igihugu cuzuye ibisagara bininibinini mutubatse, 11 amazu yuzuye ivyiza vyinshi mutarondeye, amariba mutimvye, inzabibu n’imyelayo mutateye maze mukabirya mugahaga, 12 muze mwirinde, ntimuze mwibagire Uhoraho yabakuye muri Egiputa, mu gihugu c’ubuja.

13 Wubahe Uhoraho Imana yawe, abe ari yo yonyene ukorera. Niwagira indahiro, uze urahire mw’izina ryayo gusa. 14 Ntimuzosenge imana z’amahanga azoba abakikuje; 15 kuko Uhoraho Imana yanyu iba muri mwebwe ari Imana ipfuha. Uburake bwayo bwobaziriringira ikabarandura, ikabakura kw’isi. 16 Ntimukagerageze Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwabigize i Masa. 17 Ariko muzokurikize amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, hamwe n’ivyagezwe n’amategeko yose yabahaye. 18 Muzokore ibiroranye mu nyonga z’Imana, kugira ngo ivyanyu bizogende neza. Ni ho muzokwinjira mukegukira ico gihugu ciza cane Uhoraho yasezeraniye ba sogokuruza ko azokibaha, mukakibamwo. 19 Muze mwirukane abansi banyu bose baba muri ico gihugu, nk’uko Uhoraho yabivuze.

20 Mu myaka iri imbere abana banyu bazobabaza bati: "Mbega ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko Uhoraho Imana yacu yabahaye bisigura iki?" 21 Muzobishure muti: "Twari abagurano ba Farawo muri Egiputa, ariko Uhoraho yadukujeyo ukuboko kwiwe kw’inkomezi. 22 Uhoraho yakoze ibimenyetso n’ibitangaza biteye ubwoba, bishika kuri Egiputa no kuri Farawo n’abantu biwe amaso yacu avyibonera. 23 Kandi, yadukuye muri Egiputa kugira ngo aduhe igihugu yari yarasezeraniye ba sogokuruza bacu. 24 Uhoraho yadutegetse gukurikiza aya mategeko no gutinya Uhoraho Imana yacu bifatanije no kumwubaha, kugira ngo ivyacu bizogende neza, twongere turambe nk’uko biri uno musi. 25 Kuko nitwakurikiza neza ibi vyagezwe vy’Uhoraho Imana yacu vyose nk’uko yabidutegetse, ni vyo bizoba ukugororoka kwacu."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-