1 Aya ni yo majambo y’isezerano Uhoraho yatumye Mose ngo asezerane n’Abisirayeli mu gihugu c’i Mowabu, isezerano ryiyongera ku ryo yari yaragiranye na bo ku musozi Horebu.
2 Mose akoranya Abisirayeli bose, arababwira ati: "Amaso yanyu yariboneye ivyo Uhoraho yakoze muri Egiputa, abikoreye Farawo, abatware biwe n’igihugu cose.
3 Amaso yanyu yariboneye ivyo bigeragezo bikomeye, ivyo bimenyetso n’ivyo bitangaza. 4 Ariko gushika uno musi Uhoraho ntiyabahaye ubwenge butahura, amaso abona canke amatwi yumva. 5 Mu myaka mirongo ine nabarongoye mu bugaragwa, impuzu zanyu n’ibirato vyanyu ntivyigeze bishira. 6 Nta mukate mwariye, nta muvinyu canke ibindi binyobwa bituriranije mwanyoye. Ivyo nabibakoreye kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho Imana yanyu.
7 Igihe mwashika muri iki gihugu, Sihoni umwami wa Heshiboni na Ogi umwami w’i Bashani baje kubatera, ariko turabanesha. 8 Twafashe igihugu cabo tugiha umuryango wa Reyubeni nk’iragi ryawo, uwa Gadi hamwe n’igice c’umuryango wa Manase.
9 None rero muzokwitondere ibigize iri sezerano kugira ngo muzotere imbere mu vyo muzokora vyose. 10 Mwese muhagaze ngaha imbere y’Uhoraho Imana yanyu: abakuru b’imiryango, abatware, namwe bagabo b’Abisirayeli mwese, 11 muri kumwe n’abana banyu, abagore banyu, muri kumwe kandi n’abanyamahanga baba mu makambi yanyu, babasenyera bakabavomera. 12 Muhagaze ngaha kugira ngo mugiranire isezerano n’Uhoraho Imana yanyu; iryo Uhoraho agira agirane namwe uwu musi arishigikije indahiro, 13 kugira ngo abagire abantu biwe, na we abe Imana yanyu nk’uko yabirahiye ba sogokuruza banyu Aburahamu, Isaka na Yakobo. 14 Iri sezerano rishigikijwe indahiro sindarigiranye namwe muhagararanye natwe hano uwu musi imbere y’Uhoraho Imana yacu gusa, 15 ariko ndarigiranye n’urundi runganwe rutari hano uwu musi.
16 Ubwanyu murazi ingene twabaye muri Egiputa n’ukuntu twarenganye ibihugu vyinshi kugira ngo dushike hano. 17 Mwarabonye ibishushanyo vyabo biteye isoni, ibigirwamana vyabo bibajwe mu biti no mu mabuye hamwe n’ibicuzwe mu nzahabu no mw’ifeza. 18 Muze mwirinde ntihaze hagire umugabo, umugore, inzu canke umuryango n’umwe wo muri mwebwe uzokura umutima k’Uhoraho Imana yanyu ngo basenge imana z’ayo mahanga. Muze mwirinde ntihaze hagire umuzi umera ukazana imbuto irura y’uburozi.
19 Abumvise amajambo y’iyi ndahiro, ntimuzopfe kwiyaturako iyo migisha muvuga muti: ‘Tuzoba impore n’aho twokwigumira mu nzira zacu.’ Ivyo bizozanira guhona isi ibomvye co kimwe n’iyumye. 20 Uhoraho ntazobababarira, uburake bwiwe n’ishaka ryiwe bizobaziriringira. Imivumo yose yanditswe muri iki gitabu izobakurikirana, kandi Uhoraho azozimanganya amazina yabo musi y’ijuru. 21 Uhoraho azobatandukanya n’iyindi miryango y’Abisirayeli, abarundeko imivumo yose iri mw’isezerano riri muri iki gitabu c’Ivyagezwe.
22 Uruvyaro rwanyu ruzokwaruka mu nyuma hamwe n’abanyamahanga bazoza bavuye mu bihugu vya kure bazobona ivyago vyashikiye igihugu canyu n’ingwara Uhoraho yagiteje. 23 Igihugu canyu cose kizoba nk’ikiyigira gitongojwe umunyu n’ibizuku, nta kizosubira kuhaterwa, nta kizomera, nta bizosubira kuhakura. Hazoba agatikizo nk’akabaye i Sodomu, n’i Gomora, Adima na Zeboyimu, ivyo Uhoraho yasutseko uburake bwiwe. 24 Amahanga yose azobaza ati: ‘Ni kubera iki Uhoraho yakoreye ibi iki gihugu? Ni kubera iki yagisutseko ubu burake bw’inkazi?’
25 Abantu bazokwishura bati: ‘Ni kubera abantu bataye isezerano ry’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, isezerano yabagiriye igihe yabakura muri Egiputa. 26 Barayitaye basenga izindi mana, barazunamira, imana batari bwigere babona, imana zitari zivuye k’Uhoraho. 27 Ni co catumye uburake bw’Uhoraho bururumbira iki gihugu, maze agishitsako imivumo yose yanditse muri iki gitabu. 28 Uhoraho yabaranduranye uburake bwinshi, abakura mu gihugu cabo, abirukanira mu kindi gihugu iyo bari gushika n’ubu.’
29 Ibikiri mw’ibanga ni ivy’Uhoraho Imana yacu, ariko ibintu bimaze guhishurwa ni ivyacu hamwe n’abana bacu ibihe vyose, kugira ngo dukurikize amajambo y’ibi Vyagezwe.