1 Mose n’abatware b’Abisirayeli bategeka abantu bati: "Muze muzigame amabwirizwa yose ndabahaye uno musi. 2 Nimwajabuka Yorodani mugashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, muze muhagarike amabuye maninimanini, muyasige ishwagara. 3 Hanyuma, igihe muzoba mumaze kujabuka, mugashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, igihugu gitemba amata n’ubuki nk’uko Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabibasezeraniye, muze muyandikeko amajambo yose y’ibi Vyagezwe. 4 Kandi, nimwamara kujabuka Yorodani, ayo mabuye muze muyashinge ku musozi Ebalu, nk’uko ndabibategetse uno musi, muyasige ishwagara. 5 Muze muhubakire Uhoraho Imana yanyu igicaniro, mucubake mu mabuye. Ntimuze muyabazishe ivyuma. 6 Muze mwubake igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu mucubakishe amabuye yo mu gahinga, mugishikanireko Uhoraho Imana yanyu amashikanwa yo guturirwa. 7 Muze muhashikanire amashikanwa y’ishimwe, murye mwongere muhimbarirwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu. 8 Muze mwandike mu ndome zisomeka amajambo y’ibi Vyagezwe kuri ayo mabuye muzoba mwashinze."
9 Mose n’abaherezi, ari bo Balewi, baca babwira Abisirayeli bati: "Yemwe Bisirayeli, nimucereze mwumvirize! Uwu musi mubaye ubwoko bw’Uhoraho Imana yanyu. 10 Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, mukurikize amategeko n’ivyagezwe vyiwe, ndabahaye uno musi."
11 Uwo musi nyene Mose aca aha abantu ayo mabwirizwa, avuga ati:
12 "Nimwamara kujabuka Yorodani, iyi miryango izoje ku musozi Gerizimu bature ku bantu imihezagiro: umuryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yosefu, n’uwa Benyamini. 13 Iyi ikurikira na yo izohagarare ku musozi Ebalu yature imivumo: umuryango wa Reyubeni, uwa Gadi, uwa Asheri, uwa Zebuloni, uwa Dani n’uwa Nafutali.
14 Abalewi baze basemerere n’ijwi rirenga, babwire Abisirayeli bose bati:
15 ‘Haravumwe umuntu azokwibazira ikigirwamana, ikintu gisesema Uhoraho; igikorwa c’amaboko y’umucuzi, akagishinga mu mpisho.’
Maze abantu bose bazokwishure bati: ‘Amen!’
16 ‘Haravumwe umuntu atubaha se na nyina.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
17 ‘Haravumwe umuntu ashingura akarimbi k’umubanyi wiwe.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
18 ‘Haravumwe umuntu azimiza impumyi.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
19 ‘Haravumwe umuntu adacira urubanza rugororotse umunyamahanga, impfuvyi n’umupfakazi.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
20 ‘Haravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba ahumanije uburiri bwa se.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
21 ‘Haravumwe umuntu asambana n’igikoko ico ari co cose.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
22 ‘Haravumwe umuntu aryamana na mushikiwe, umwana wa se canke wa nyina.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
23 ‘Haravumwe umuntu asambana na inabukwe’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
24 ‘Haravumwe umuntu yica umubanyi wiwe yihishije.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
25 ‘Haravumwe umuntu yakira ingero yo kwica umuntu ata co azira.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
26 ‘Haravumwe umuntu adakurikiza ibi Vyagezwe, ntashire mu ngiro ico bivuga.’
Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’