A mulher sábia
A mulher sábia constrói sua casa sobre o fundamento do temor do Senhor. Sua sabedoria abençoa a família, a comunidade e as gerações futuras.
A sabedoria que edifica
A mulher sábia edifica sua casa. O temor do Senhor é o princípio da sabedoria e a instrução que conduz à honra.
Umugore w’umunyabwenge yubaka urugo rwiwe,
ariko uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.
Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubwenge,
kandi ukwicisha ubugufi ni kwo gutangurira icubahiro.
Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
Nimurondere Uhoraho n’inkomezi ziwe;
mwame murondera mu nyonga hiwe.
Virtude e excelência
A mulher virtuosa é coroada de força e dignidade. Ela abre a boca com sabedoria e a instrução da bondade está na sua língua.
Umugore w’imico myiza yova hehe?
Asumba utubuye tw’agaciro.
Yambaye inkomezi n’icubahiro
ategekanya kazoza mu munezero.
Avugana ubwenge,
kandi impanuro z’ubwizigirwa ziri mu kanwa kiwe.
Abana biwe bose baramushimagiza,
umugabo wiwe akamushima avuga ati:
"Hari abagore benshi bakora ivyiza,
ariko bose urabaruta."
Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.
Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.
Umugore w’ingeso nziza ni urugori rw’umugabo wiwe,
ariko umugore w’isoni nke ni nk’ingwara idakira mu magufa y’umugabo wiwe.
Umugore w’umugwaneza arubahwa,
ariko abagabo b’ibirara ico bunguka ni ubutunzi gusa.
Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,
ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.
Exemplo e influência
A mulher sábia é exemplo de fé e bom testemunho. Suas atitudes inspiram e seu legado abençoa as gerações que virão.
Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza. Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo, kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.
Abagore na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.
Umugani w’inkumi cumi
Yesu abandanya avuga ati: "Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari abanyabwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge. Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta. Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa. Umukwe agitevye, bose bararambirwa, batangura gusinzira.
Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: ‘Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.’
Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo. Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: ‘Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.’
Na bo barabishura bati: ‘Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.’
Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.
Mu nyuma, za nkumi z’abanyabwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’
Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’
Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.