Publicidade

2 Reis 11

Ivya Ataliya na Yowashi

1 Ataliya nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe apfuye, arahaguruka ngo atikize umuryango w’umwami wose. 2 Ariko Yehosheba umukobwa w’umwami Yoramu akaba na mushiki wa Ahaziya, aca afata Yowashi mwene Ahaziya aramunyuruza, amukuye mu bandi bana b’umwami bagira bicwe, amunyegeza mu cumba co kuryamamwo ari kumwe n’umurezi wiwe, kugira ngo amuhishe Ataliya, uko ni ko yarokotse. 3 Yowashi n’umurezi wiwe bamara imyaka itandatu banyegejwe mu Ngoro y’Uhoraho mu gihe Ataliya ari we yatwara ico gihugu.

4 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada umuherezi atumako intwazangabo zitwara abasoda ijanijana, abo mu Bakariti, n’abarinzi bo ku kirimba, abajana mu Ngoro y’Uhoraho. Agiriranira isezerano na bo, aranabarahiza bari mu Ngoro y’Uhoraho. Hanyuma, aca abereka wa mwana w’umwami. 5 Yehoyada ababwira ati: "Ibi ni vyo mukwiye gukora: mwebwe abari mu migwi itatu izoba iramukiwe gukora kw’Isabato, umugwi wa mbere uzocungera ikirimba c’umwami, 6 umugwi wa kabiri ucungere Irembo rya Suri, uwa gatatu na wo uhagarare inyuma y’abacunze ikirimba. Iyo migwi yose uko ari itatu izoza irakuranwa mu gucungera ingoro. 7 Namwe abari mu yindi migwi ibiri itazoba ifise ibikorwa vyo kw’Isabato, muzocungera umwami mu Ngoro y’Uhoraho. 8 Muzohagarare mukikuje umwami, mufise ibigwanisho mu maboko yanyu. Nihagira uwegera aho muri azokwicwe. Muzogume hafi y’umwami aho azoja hose."

9 Izo ntwazangabo zirongoye ingabo ijanijana zibikora nk’uko Yehoyada umuherezi yabibabwiye. Umwe wese ahitana abantu biwe, baba abari baramukiwe kuja ku bikorwa vyo kw’Isabato, canke abari bagombowe, bose babazana imbere ya Yehoyada umuherezi. 10 Na we abaha amacumu n’inkinzo vyari ivy’umwami Dawidi, vyari vyabitswe mu Ngoro y’Uhoraho. 11 Za ngabo, umwe wese afise ikigwanisho mu minwe, zikikuza umwami; hafi y’igicaniro n’Ingoro, kuva mu bumanuko ukaja mu buraruko bw’Ingoro.

12 Yehoyada aca asohokana umwana w’umwami amwambika urugori, amushikiriza n’ikopi y’ivyagezwe vy’Uhoraho, maze amenyesha ko abaye umwami. Bamusukako amavuta mu kumwimika, abari ngaho bose bakomera amashi rimwe, bavuga bati: "Umwami nahangame!"

13 Maze Ataliya yumvise urwamo rw’ingabo n’abandi bantu, aca aja iyo bari mu Ngoro y’Uhoraho. 14 Aravye, abona umwami, ahagaze hafi y’inkingi nk’uko umugenzo wari uri. Intwazangabo n’abavuza inzamba bari i ruhande yiwe, abantu bose bo mu gihugu bariko baranezerwa bavuza inzamba. Maze Ataliya yitaburirako impuzu arasemerera ati: "Uwo ni umugararizo! Uwo ni umugararizo!"

15 Umuherezi Yehoyada aca abwira intwazangabo zitwara abasoda ijanijana ati: "Nimumusohore hanze mumucishe hagati y’imirongo y’ingabo kandi mwicishe inkota uwomukurikira wese," kuko yari yavuze ati: "Ntiyicirwe mu Ngoro y’Uhoraho." 16 Nuko baramufata bamucisha mw’irembo ry’amafarasi rija ku mbuga y’ingoro y’umwami, bamwiciraho.

17 Yehoyada aca agiriranira isezerano n’Uhoraho hamwe n’umwami n’abantu, ko bazoba abantu b’Uhoraho. Yongera ashiraho isezerano hagati y’umwami n’abantu. 18 Abantu bose b’ico gihugu baca baja ku ngoro ya Bayali barayisenyagura. Basitagura ibicaniro n’ibigirwamana bicika ivu, bafata Matani umuherezi wa Bayali, bamwicira imbere y’ibicaniro.

Maze umuherezi Yehoyada agena abantu bacungera Ingoro y’Uhoraho. 19 Hanyuma ahitana za ntwazangabo z’abasoda ijanijana, ba bacangero b’Abakariti, abacungera ikirimba hamwe n’abantu bose bo muri ico gihugu, bakura umwami mu Ngoro y’Uhoraho bamutwara ku kirimba, yinjirana irembo ryarimwo abasoda bamucungera. Umwami abona kwicara mu kibanza ciwe ku ntebe y’ubwami. 20 Abari aho bose bagira umunezero, n’igisagara kiba amahoro kuko Ataliya yari yamaze kwicishwa inkota muri ico kirimba.

21 Yehowashi yari afise imyaka indwi igihe yaba umwami.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-