1 Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatatu Yowashi mwene Ahaziya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Yehowahazi mwene Yehu yaba umwami wa Isirayeli, amara imyaka cumi n’indwi atwarira i Samariya. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, agendera mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze yongera abikwegeramwo Abisirayeli, kandi ntiyigeze abivamwo. 3 Maze uburake bw’Uhoraho buziriringira Isirayeli, bituma Uhoraho yemera ko bamara imyaka myinshi batwazwa igitugu na Hazayeli umwami w’i Siriya, hamwe na Beni-Hadadi umuhugu wiwe.
4 Mu nyuma Yehowahazi arondera mu nyonga z’Uhoraho, na we aramwumvira, kuko yari yabonye ingene umwami w’i Siriya yashize Isirayeli mu gacinyizo gateye ubwoba. 5 Uhoraho arokora Abisirayeli, bava musi y’ubutegetsi bwa Siriya. Abisirayeli basubira kuba amahoro mu vyabo nk’uko vyahora. 6 Ariko na ho nyene ntibava mu vyaha vy’abo mu muryango wa Yerobowamu, ivyo yakoze akongera akabikwegeramwo Abisirayeli, na bo babandanya muri vyo, ntibakura n’inkingi ya Ashera yari ihagaze i Samariya.
7 Ico gihe, ingabo za Yehowahazi zari zisigaye ari ubusa, kuko yari asigaranye amafarasi mirongo itanu, imikogote cumi n’abasoda ibihumbi cumi gusa. Umwami w’i Siriya yari yaratikije ayandi mafarasi n’imikogote hamwe n’abandi basoda, abigira nk’umukungugu wo ku mbuga.
8 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehowahazi, n’ibindi vyose yakoze hamwe n’ivyo yashitseko vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli. 9 Mu nyuma Yehowahazi ahamvya ba sekuruza, ahambwa i Samariya. Umuhungu wiwe Yehowasi aba ari we amusubirira ku ngoma.
10 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi Yowashi ari ku ngoma i Buyuda, ni ho Yehowashi mwene Yehowahazi yaba umwami wa Isirayeli, atwarira i Samariya imyaka cumi n’itandatu. 11 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akongera akabikwegeramwo Abisirayeli, na bo bakabandanya babikora.
12 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yowashi, ivyo yakoze vyose n’ivyo yashitseko, birimwo n’intambara yagwanye na Amaziya umwami w’i Buyuda, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli. 13 Yowashi ahambije ba sekuruza, Yerobowamu aba ari we amusubirira ku ngoma, na we ahambwa i Samariya hamwe n’abandi bami ba Isirayeli.
14 Igihe Elisa yari amaze kugwara cane, ingwara yahavuye imuviramwo urupfu, umwami Yowashi wa Isirayeli yagiye kumusuhuza, aramuririra ati: "Data, data! Wewe wabereye Abisirayeli imikogote n’abagendera ku mafarasi!"
15 Elisa amubwira ati: "Akira umuheto n’imyampi." Na we aravyakira. 16 Yongera amubwira ati: "Fata umuheto mu maboko yawe." Amaze kuwufata, Elisha na we aca afatisha amaboko yiwe ku maboko y’umwami.
17 Elisa amubwira ati: "Ugurura idirisha ritumbereye mu buseruko." Umwami araryugurura. Amubwira ati: "Rasa!" Na we ararasa. Elisa aca avuga ati: "Uwo ni umwampi w’Uhoraho urimwo intsinzi kuri Siriya. Abasiriya uzobatikiza ubamarire muri Efeki."
18 Yongera kumubwira ati: "Fata imyampi." Umwami arayifata. Elisa amubwira ati: "Yirase hasi." Umwami arasa hasi incuro zitatu hanyuma ageza aho. 19 Wa muntu w’Imana aca araraka ati: "Wari kurasa nk’incuro zitanu canke zitandandu. Ni ho wonesheje Aramu ukahatikiza. Ariko noneho uzohanesha incuro zitatu gusa."
20 Hanyuma y’ivyo, Elisa arapfa, arahambwa.
Kandi igihe cose iyo umwaka ugeze aho imvura igomba gucika hama hariho imigwi y’abasuma bava i Mowabu bakinjira muri Isirayeli. 21 Umusi umwe hari Abisirayeli bariko barahamba umuntu, maze baja babona umugwi w’abasuma, baca baterera ikiziga ca wa muntu mu mva ya Elisa. Ca kiziga gikoze ku magufa ya Elisa, uwo muntu aca asubira kuba muzima, arahagarara.
22 Hazayeli umwami w’i Siriya acinyiza Abisirayeli mu gihe cose Yehowahazi yamaze ari ku ngoma. 23 Ariko Uhoraho abagirira ubuntu n’imbabazi, arabitaho kubera isezerano yasezeraniye Aburahamu, Isaka na Yakobo. Gushika n’ubu Uhoraho ntiyigeze abatikiza ngo abamare, canke ngo abirukanire kure yiwe.
24 Hazayeli umwami w’i Siriya apfuye, umuhungu wiwe Beni-Hadadi aba ari we amusubirira ku ngoma. 25 Ni ho Yehowashi mwene Yehowahazi yaka Beni-Hadadi mwene Hazayeli ibisagara vyari vyarafashwe ku ngoma ya se Yehowahazi. Yehowasi anesha Beni-Hadadi incuro zitatu, abona kwigarurira ibisagara vyose vyari vyaranyazwe.