Publicidade

2 Reis 16

Ivya Ahazi umwami w’i Buyuda

1 Mu mwaka ugira cumi n’indwi Peka mwene Remaliya ari ku ngoma muri Isirayeli, Ahazi mwene Yotamu ni ho yaba umwami w’i Buyuda. 2 Ahazi yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’itandatu ari i Yerusalemu. Ariko ntiyakora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko sekuruza Dawidi yakora. 3 Yagendeye mu ngeso z’abami ba Isirayeli, mbere agera n’aho atanga umuhungu wiwe ngo aturirwe nk’ikimazi. Uko ni ko yakoze ibizira vy’ubuyobe vyakorwa n’amahanga Uhoraho yari yarirukanye muri ico gihugu imbere y’Abisirayeli. 4 Atanga ibimazi yongera aturira n’ibimota neza, abikorera hejuru mu mataba y’imisozi miremire no musi y’igiti cose gitotahaye.

5 Rezini umwami w’i Siriya na Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli baduga gutera Yerusalemu, bugariza Ahazi ariko ntibashobora kumufata. 6 Ico gihe, Rezini umwami w’i Siriya ni ho yasubira kwigarurira igisagara ca Elati kuri Siriya, mu kuhirukana Abayuda. Abanyedomu baciye bimukira muri ico gisagara ca Elati, ni ho bakiba gushika n’ubu.

7 Ahazi aca atuma kuri Tigulati-Pileseri, umwami w’i Ashuri, ati: "Ndi umusavyi wawe, kandi ndi musi y’ubutware bwawe. Ntabara uze unkize umwami w’i Siriya n’uwa Isirayeli, banteye." 8 Ahazi afata inzahabu n’ifeza vyari mu Ngoro y’Uhoraho no mu bubiko bw’ingoro y’i bwami, abirungikira umwami w’i Ashuri nk’ishikanwa. 9 Umwami w’i Ashuri atera umugwa mukuru w’i Siriya ari wo Damasiko, arahafata. Abantu baho abagira imbohe, abimurira i Kiru, yongera yica umwami Rezini.

10 Hanyuma Ahazi aca aja i Damasiko kubonana na Tigulati-Pileseri umwami wa Ashuri. Ari ngaho abona igicaniro kidasanzwe i Damasiko, aca arungikira Uriya umuherezi w’i Yerusalemu igicapo caco n’ibikigize vyose, kugira ngo yubake ikindi nk’ico nyene. 11 Nuko Uriya yubaka ico gicaniro akurikije uko umwami yamubwiye, umwami agarutse avuye i Damasiko asanga yarahejeje kucubaka. 12 Umwami ashitse avuye i Damasiko, aracegera arakiraba, agishikanirako amashikanwa. 13 Ashikana amashikanwa yo guturira hamwe n’ay’ifu, agisukako n’ibinyobwa, akimijagirako n’amaraso y’ibimazi vy’amashimwe. 14 Umwami Ahazi aca yimura ca gicaniro ca mbere c’umwakaka, agikura imbere y’Ingoro y’Uhoraho, agishira ku ruhande ahahera mu buraruko bw’ico gishasha.

15 Umwami Ahazi aca aha amategeko umuherezi Uriya ati: "Iki gicaniro kinini gishasha, uzohore ugitangirako ibimazi biturirwa vyo mu gatondo hamwe n’amashikanwa y’ifu yo ku mugoroba, ibimazi biturirwa vy’umwami hamwe n’amashikanwa y’ifu yiwe, hamwe n’ibimazi biturirwa vy’abantu bose, n’amashikanwa y’ifu yabo, hamwe n’amashikanwa yabo y’ibinyobwa. Uzomijagire amaraso y’ibimazi biturirwa vyose kuri iki gicaniro gishasha. Nayo igicaniro c’umwakaka nzomenya ico ndagikoresha." 16 Umuherezi Uriya abikora nk’uko umwami Ahazi yabimutegetse.

17 Umwami Ahazi akuraho ibikoresho vyo ku ruhande bijana n’igicaniro harimwo n’ibesani nini y’umwakaka yo gukarabiramwo, akuraho n’ibishushanyo vy’impfizi vyari bikozwe mu mwakaka iyo besani yari ihagazeko, ayitereka hasi ku mabuye. 18 Akuraho n’ibaraza ryari ryubatse mu Ngoro y’Uhoraho ryakoreshwa kw’Isabato, akuraho n’ubwinjiriro bw’umwami bwo hanze. Ivyo vyose yabikoze kugira ngo anezereze umwami wa Ashuri.

19 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Ahazi hamwe n’ibindi vyose yakoze, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda? 20 Ahazi arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Maze umuhungu wiwe Hezekiya amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-