Publicidade

2 Reis 18

Ivya Hezekiya umwami w’i Buyuda

1 Mu mwaka ugira gatatu Hoseya mwene Ela umwami wa Isirayeli ari ku ngoma, ni ho Hezekiya mwene Ahazi yaba umwami w’i Buyuda. 2 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza imyaka mirongo ibiri n’icenda ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Abiya, umukobwa wa Zakariya. 3 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko sekuruza Dawidi yakora. 4 Akuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku mataba y’imisozi, amenagura inkingi z’amabuye, atemagura n’inkingi za Ashera. Amenagura na ya nzoka y’umwakaka Mose yamanika ku giti, ayigira ifu, kuko bari basigaye bayisenga, bakayituririra n’ibimota neza. Iyo nzoka y’umwakaka bayita Nehushitani.

5 Hezekiya yizeye Uhoraho, Imana ya Isirayeli. Nta mwami yogereranywa na we, haba mu batwaye i Buyuda imbere yiwe canke abatwaye inyuma yiwe. 6 Yifatanije n’Uhoraho, ntiyigera amuvako, yitondera ivyagezwe Uhoraho yahaye Mose. 7 Uhoraho yabanye na we, amuha kugira umugisha mu vyo yakora vyose, yiganzura umwami wa Ashuri, ntiyaba akimuha amashikanwa y’agacinyizo. 8 Yanesheje Ubufilisitiya gushika i Gaza n’ibisagara vyaho vyose.

9 Mu mwaka ugira kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, hari mu mwaka ugira indwi Hoseya mwene Ela ari ku ngoma muri Isirayeli, ni ho Shalumaneseri umwami w’i Ashuri yatera i Samariya akahugariza. 10 Inyuma y’imyaka itatu ni ho Ashuri yafata Samariya. Hari mu mwaka ugira gatandatu Hezekiya ari ku ngoma, hakaba mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma muri Isirayeli. 11 Umwami wa Ashuri atwara Abisirayeli nk’abaja, abimurira i Halahi, mu ntara ya Gozani ku nkengera y’uruzi Habori no mu bisagara vy’Abamedi. 12 Ivyo vyabaye kuko batumviye Uhoraho Imana yabo, bagata isezerano; ntibumvire ivyo Mose umusavyi w’Uhoraho yabategetse. Ntibumviye ivyagezwe ngo babigenderemwo.

13 Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri atera ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye vyose vy’i Buyuda, arabifata. 14 Hezekiya Umwami w’i Buyuda araheza arungikira ubutumwa umwami wa Ashuri aho yari i Lakishi amubwira ati: "Naragucumuyeko. Ndagusavye usubire inyuma, nanje nzoheza ntange amashikanwa y’agacinyizo yose uzontegeka gutanga." Umwami wa Ashuri aca ategeka Hezekiya gutanga italanto amajana atatu z’ifeza hamwe n’iz’inzahabu mirongo itatu. 15 Nuko Hezekiya amuha ifeza zose zari mu Ngoro y’Uhoraho hamwe no mu bubiko bw’ikirimba.

16 Hezekiya yongera yomorora inzahabu zari ku miryango no ku bishimaryango vy’Ingoro y’Uhoraho, aziha umwami wa Ashuri.

Senakeribu asugereza Yerusalemu

17 Naho vyabaye gutyo, umwami w’i Ashuri aca arungika kizigenza mu ntwaramiheto, umukuru w’ingabo, n’umukuru w’ikambi, bava i Lakishi bajana n’ingabo nyinshi cane, bagiye gusugereza umwami Hezekiya i Yerusalemu. Bashitseyo, bahagarara ku mugende utwara amazi ku rugomero rwo haruguru, kw’ibarabara rija kw’Itongo ry’Umumesuzi. 18 Baca batumako umwami, ariko umwami arungika Eliyakimu mwene Hilukiya umukuru w’ikirimba, na Shebuna umunyamabanga w’umwami, na Yowa mwene Asafu umwanditsi, baba ari bo baja guhura na bo.

19 Maze Umukuru w’ingabo za Ashuri ababwira ati: "Mubwire Hezekiya muti:

‘Umwami ahambaye, ari we mwami w’i Ashuri avuze ngo: Mbega wishimirije iki? 20 Uvuga ngo ufise ubuhinga bwo kugwana ukagira n’ingabo nyinshi. Ariko ivyo ni amajambo gusa ata co amaze. Mbe wishimirije nde yotuma ungarariza? 21 Mbega wishimiye Egiputa? Rirya renga rivunitse ricumita mu kiganza uwo wese aryishimikije! Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa ameze ku bamwizigira bose. 22 Niwaba na ho ugira uti: "Twishimikije Uhoraho Imana yacu," mbega si wewe nyene Hezekiya wayisamburiye ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi hamwe n’ibicaniro, ukabwira Ubuyuda na Yerusalemu uti: "Muzohora musengera imbere y’igicaniro c’i Yerusalemu honyene"?

23 None rero, ingo muhige na databuja, umwami w’i Ashuri. Nanje ndaguha amafarasi ibihumbi bibiri, nimba unafise abashobora kuyagenderako! 24 Mbega none wewe, woshobora gute kwirukana intwazangabo naho yoba ari imwe yo mu ngabo za databuja zo hanyuma y’izindi, naho wozanana n’imikogote n’abagwanira ku mafarasi b’Abanyegiputa? 25 Turetse n’ivyo, mbe wibaza ko twaje gutera no gusambura aha hantu ata co Uhoraho yatubwiye? Uhoraho ubwiwe ni we yambwiye kuza gutera iki gihugu no kugisangangura.’ "

26 Maze Eliyakimu mwene Hilukiya na Shebuna na Yowa babwira uwo mukuru bati: "Turakwinginze twebwe abasavyi bawe utubwire mu Carameya, kuko tucumva. Ntubandanye uvuga mu Giheburayo abantu bose bari ku ruzitiro bavyumva."

27 Ariko uwo mukuru w’ingabo abishura ati: "Mbega mwibaza ko databuja yarungikiye ubutumwa shobuja wenyene? N’abo bari ku ruzitiro nibavyumve kuko nimutishikana, tuzobugariza mwicwe n’inzara n’inyota gushika aho murya umwanda mukuru wanyu, munywe n’umwanda mutoya wanyu."

28 Maze uwo mukuru w’ingabo arahaguruka avuga n’ijwi rirenga mu Giheburayo ati: "Nimwumve ijambo ry’umwami ahambaye, ari we mwami w’i Ashuri! 29 Avuze ngo: Ntimwemere ko Hezekiya abahenda. Ntashobora kubakiza ngo abakure mu kuboko kwanje. 30 Ntahave abahenda ngo mwizere Uhoraho ababwira ngo: ‘Uhoraho azodukiza, ntazokwemera ko iki gisagara kigwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri.’

31 Ntimwumvirize Hezekiya. Ibi ni vyo umwami w’i Ashuri abamenyesheje: Nimurondere amahoro mu kwishikana iwanje. Ni ho umwe wese muri mwebwe azorya ku nzabibu no ku nsukoni ziwe, akanywa no ku mazi y’iriba ryiwe, 32 gushika aho nzobatwarira mu gihugu kimeze nk’iki c’iwanyu, igihugu kirimwo ingano n’umuvinyu mushasha, igihugu cuzuye indya n’imizabibu, igihugu c’imyelayo n’ubuki; maze muzobaho, ntimuzopfa.

Ariko ntimwumvire Hezekiya kuko azoba ariko arabahenda niyababwira ati: ‘Uhoraho azoturokora.’ 33 Mbega hari imana z’ihanga na rimwe zigeze zirokora igihugu cazo mu kuboko kw’umwami w’i Ashuri? 34 Mbega imana z’i Hamati n’i Arupadi ziri hehe? Imana z’i Sefaruvayimu, iz’i Hena no muri Iwa ziri hehe? Mbega zarakijije Samariya mu maboko yanje? 35 Mbega mu mana zose z’ivyo bihugu, ni izihe zashoboye kubikiza ukuboko kwanje? None Uhoraho ni we yokiza Yerusalemu mu maboko yanje?"

36 Ariko abantu bari ngaho baguma banumye, ntihagira ico bishura, kuko umwami yari yabihanikirije ati: "Ntihagire na kimwe mumwishura."

37 Maze Eliyakimu mwene Hilukiya uwari ajejwe ikirimba, na Shebuna umunyamabanga, hamwe na Yowa mwene Asafu umwanditsi, basubira kwa Hezekiya, bitaburiyeko impuzu, bamubwira ivyo wa mukuru w’ingabo yavuze vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-