Publicidade

2 Reis 25

1 Nuko, mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’icumi, Nebukadineza umwami w’i Babiloni aja gutera Yerusalemu ajanye n’ingabo ziwe zose. Bacumbika inyuma y’igisagara, bacubakira ivyo kwuririrako ku mpande zose. 2 Igisagara kiguma cugarijwe gushika mu mwaka ugira cumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma.

3 Ku musi ugira icenda w’ukwezi kwa kane, inzara iba nyinshi mu gisagara gushika aho abantu babura ico batamira. 4 Nuko, uruzitiro rw’igisagara bararusatura, maze mw’ijoro ingabo zose zirahunga ziciye mw’irembo riri hagati y’ibihome bibiri, hafi y’umurima w’umwami, naho Abanyababiloni bari bakikuje igisagara. Bahunga berekeye ikiyaya ca Yorodani citwa Araba. 5 Ariko ingabo z’Abanyababiloni zikurikira umwami bamufatira mu kiyaya c’i Yeriko. Abasoda biwe bose barasanzara, baramuta; 6 na we aca arafatwa, bamujana ku mwami w’i Babiloni yari i Ribula, aca amucira urubanza aho nyene. 7 Bicira abahungu ba Zedekiya imbere yiwe, na we bamunogora amaso, bamubohesha iminyororo, bamutwara i Babiloni.

8 Ku musi ugira indwi w’ukwezi kwa gatanu mu mwaka ugira cumi n’icenda Nebukadineza ari umwami w’i Babiloni, ni ho Nebuzaradani umukuru w’ingabo zo ku kirimba, akaba n’umwishikira w’umwami w’i Babiloni, yashika i Yerusalemu. 9 Aturira Ingoro y’Uhoraho, ikirimba c’umwami, hamwe n’ayandi mazu yose yari i Yerusalemu. Inyubakwa zose zihambaye zo mu gisagara araziturira. 10 Abasoda bose b’i Babiloni bari barongowe n’uwo mukuru w’ingabo zo ku kirimba, baraza basenyura inzitiro zose z’i Yerusalemu. 11 Nebuzaradani umukuru w’abasoda bo ku kirimba, aca atwara mu kinyago abantu bose bari basigaye mu gisagara hamwe n’abasoda bari barishikanye ku mwami w’i Babiloni. 12 Ariko uwo mukuru w’ingabo zo ku kirimba, asiga bamwe mu bakene bo mu gihugu ngo bakorere imizabibu n’imirima.

13 Abanyababiloni basenyura za nkingi z’umwakaka hamwe na ca gikarabiro c’umwakaka n’ivyo cari giteretseko vyari mu Ngoro y’Uhoraho, batwara n’umwakaka wabo i Babiloni. 14 Batwara n’udukono two kuyoreramwo umunyota, ivyo kuyoza umunyota, ibikombe, amapanu, hamwe n’ibindi bikoresho vyose vy’umwakaka vyakoreshwa mu Ngoro. 15 Wa mukuru w’abasoda bo ku kirimba atwara ibikoresho vyose vyari bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza, harimwo amabesani n’ivyo guturirirako ibimota neza.

16 Umwakaka wavuye muri za nkingi zibiri, ca gikarabiro bita ikiyaga na vya bitereko biterurwa, ivyo umwami Salomo yari yarakoze ngo bibe ivyo mu Ngoro y’Uhoraho, vyari bifise uburemere butashobora gupimwa ku munzane. 17 Inkingi imwe yose yapima ingero z’igice c’ukuboko cumi n’umunani z’igihagararo. Umwashi w’umwakaka wari hejuru y’inkingi imwe wari ufise ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’uburebure ukaba usharijweko amakomamanga y’umwakaka awukikuje. Ku yindi nkingi, hari uwundi mwashi ufise amakomamanga yawo nk’uko nyene.

18 Uwo mukuru w’abasoda bo ku kirimba agira imbohe Seraya umuherezi mukuru, Zefaniya umuherezi wa kabiri hamwe n’abarinzi b’irembo batatu. 19 Mu bari basigaye mu gisagara, atwara intwazangabo yatwara abasoda baja ku rugamba hamwe n’abahanuzi batanu b’umwami. Atwara n’umunyamabanga yari ajejwe kwinjiza abantu mu gisoda, hamwe n’abandi banyagihugu mirongo itandatu yasanze mu gisagara. 20 Iyo ntwazangabo Nebuzaradani ica ifata ba bantu bose ibashira umwami w’i Babiloni i Ribula. 21 Aca abicira aho nyene i Ribula mu ntara y’i Hamati.

Uko ni ko Abayuda batwawe mu kinyago, bakurwa mu gihugu cabo.

22 Nebukadineza umwami w’i Babiloni aca agena Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, ngo abe umutware w’abantu bari basigaye i Buyuda. 23 Maze intwazangabo zose n’abantu babo bumvise ko umwami w’i Babiloni yagenye Gedaliya ngo abe umukuru w’iyo ntara, baca baja kubonana na Gedaliya i Misipa. Abo na bo ni Ishimayeli mwene Netaniya, Yohanani na Yonatani bene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti, bene Efayi Umunetofati, na Yazaniya umuhungu w’Umumayaka, n’abantu babo. 24 Gedaliya aca arabarahira, arabahumuriza hamwe n’abantu babo ababwira ati: "Ntimutinye abatware b’Abanyababiloni. Nimugende mube amahoro mu gihugu, muyoboke umwami w’i Babiloni, ibindi vyose bizogenda neza."

25 Ariko mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, wo mu muryango w’abami, azanana n’abasoda cumi, bica Gedaliya ari kumwe n’Abayuda, n’Abanyababiloni i Misipa. 26 Maze abantu bose b’i Buyuda, uhereye kuri muto ugashika kuri mukuru, bari kumwe n’abakuru mu ngabo, baterwa n’ubwoba bw’Abanyababiloni, bahungira muri Egiputa.

Yehoyakini arekurwa

27 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi Yehoyakini umwami w’i Buyuda ari mu kinyago, umwaka Evili-Merodaki yimikiwemwo ngo abe umwami w’i Babiloni, ni wo yarekuriyemwo Yehoyakini ava mw’ibohero. Hari ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwezi kwa cumi na kabiri. 28 Amufata neza, amuha n’ikibanza c’icubahiro gisumba ivy’abandi bami bari kumwe na we i Babiloni. 29 Nuko Yehoyakini ntiyasubira kwambara impuzu z’imbohe, kandi yama asangira n’umwami ku meza yiwe imisi yose yari asigaje y’ukubaho kwiwe. 30 Umwami yama aha Yehoyakini ku musi ku musi ivyo kumutunga imisi yose yari akiriho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-